Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze akarere ka Afirika y’ubuseruko mu ndwi irangiye ya 5-11/09/2022

Ibirori vyo kwita amazina ingunge 20 mu Rwanda, muri RDC ikiraro carasidutse ubwo nyene ariho bagiheza kucugurura icese, ibirego vyashikirijwe ntivyotuma hahakanwa ivyavuye mu matora muri Kenya…

Mu Rwanda habandanije hayagwa ibirori vyo kwita amazina ingunge 20

Ni umugirwa bivugwa ko wari ubaye ku ncuro yawo igira 18. Muri ivyo birori vyitiriwe « Kwita izina » vyabaye ku wa 2 Nyakanga uyu mwaka hari hatumiwemwo abantu bakomeye bo mu mihingo itandukanye y’isi. Ubona ko ari na vyo vya mbere bisubiye kuba abantu bishikiye nyezina mu kibanza kuva mu 2019 bitumwe n’ikiza ca Covid19.

Ikinyamakuru Africanews canditse iyi nkuru kivuga yuko ivyo birori bituma ba mukerarugendo (ingenzi) babandanya guhurumbira igihugu c’Urwanda. Ariko kandi kwita izina izo nguge ngo birafasha mu kugira bashobore kuzitandukanya ndetse banakurikirane ubuzima bwazo vyoroshe.


Igihugu ca Uganda cararishe igice ca mbere c’indishi y’akababaro kubw’intambara cateje muri Kongo.

Sentare mpuzamakungu yaciriye Uganda ihadabu y’imiriyoni 325 z’amadorari y’abanyamerika izotegerezwa guha Repubirika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nk’indishi y’akababaro kubera intambara yateje mu buseruko bw’ico gihugu. Haraciye imyaka yababa 25.

Ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Kongo buvuga ko Uganda yahaye ico gihugu igice ca mbere kingana n’imiriyoni 65 z’amadorari y’abanyamerika mu ndwi irangiye.

Sentare mpuzamakungu ya ONU yakiriye urwo rubanza mu mwaka wa 1999 yategetse ko Uganda izotegerezwa kuriha iryo hadabu mu bice bitanu, kimwekimwe kingana n’imiriyoni 65 z’amadorari. Ikinyamakuru BBC candika iyi nkuru kivuga ko kubona Uganda itanguye kuriha iyo ndishi vyerekana ko imigenderanire iri hagati y’ibi bihugu bibiri yateye imbere cane.

Kongo (RDC) : ikiraro carasidutse ubwo nyene ariho bagiheza kucugurura icese

Ni inkuru yahanahanywe cane mu buryo bwa videwo ku mbuga hwaniro irya n’ino bamwe bakibaza ngo vyoba atari ivyabaye. Ikinyamakuru BBC canditse iyo nkuru kivuga ko ico kiraro cari cubatswe ku kagezi kari muri karitiye ya Mont Ngafula i Kinshasa ku mugwa mukuru. Cubatswe ku mfashanyo y’umugiraneza Hurlaine Badila inyuma yo kubona ko icahahora cari gishaje.

Ivyononekaye inyuma y’ugusiduka kw’ico kiraro bivugwa ko cari cubatswe n’abantu batari babifitiye ubumenyi bikaba bitatangajwe na BBC.

Muri Kongo (RDC) harateweko umukono ku masezerano y’irungikwa ry’abasirikare b’akarere ka EAC kugarukana umutekano mu buseruko bw’ico gihugu

Gutera umukono kuri ayo masezerano vyabaye bihagarikiwe n’umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi igihe yaha umubonano intumwa z’akarere ka EAC zari mu rugendo muri ico gihugu ca Kongo ku wa 09 Nyakanga 2022. Gushira umukono kuri ayo masezerano biabaye mu gihe haheruka gutangazwa ku wa 15 Myandagaro ko abasirikare b’Uburundi binjiye icese ku butaka bw’ico gihugu bagiye muri ico gikorwa co kugarukana amahoro.

Ikinyamakuru PoliticoCD giti : « Iyo ngingo yo kurungika inteko z’akarere ntibonwa neza na bose.» Umwe mubagize ico banegura kuri uwo mugambi ni Dénis Mukwege agira ati : « Ntivyumvikana ingene umutekano woza kugarurwa n’abantu batungwa agatoki kuba mu bawuhungabanya. Uyu muganga we akabona iyo ngingo nk’iyije gutuma nyabuna ibintu biyangara. Ku bwiwe ngo hakwiye nyabuna ugutunganywa gushasha igisirikare, igiporisi hamwe n’inzego z’iperereza vy’igihugu imbere ya vyose. »

Kenya: ubutungane bwaremeje ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu

Ni yo nkuru yaranze indwi muri ico gihugu. Inyuma yaho Raila Odinga ahakaniye intsinzi ya William Ruto mu matora yo ku wa 9 Myandagaro akitura n’ubutungane, sentare gasamburamanza yatangaje ku wa 5 Nyakanga 2022 yuko ibirego vyashikirijwe bidafashe. Ivyo rero bikaba bitotuma hahakanwa ivyavuye mu matora.

Haciye akanya gato urubanza rusomwe, Raila Odinga akaba yaciye asohora itangazo amenyesha ko ashize aho intahe ishize. Ariko avuga ko adashigikiye ingene urubanza rwiwe rwaciwe. William Ruto akaba agiye kurahirira amabanga yo kurongora Igihugu ca Kenya nk’Umukuru w’igihugu agira gatanu kuri uyu wa 13 Nyakanga 2022.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top