Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze Afirika y’Ubuseruko mw’iyinga ry’uwa 29 Myandagaro gushika k’uwa 04 Nyakanga 2022

RDC: abashingamateka ngo bahembwa ibihumbi 21.000 vy’amadorare ku kwezi

Vyavuzwe n’umwe mu batavuga rumwe na Reta iharanira demokarasi ya Kongo, Martin Fayulu kuri uyu wa 31/8/2022. Kubw’uyo munyeporitike ngo ako gahembo kariko karasesaguza igihugu ca Kongo giharurwa muri bihugu bikenye kw’isi.

Insamirizi y’abafaransa RFI (https://bit.ly/3REfqIj ) yandika ko namba vyoba biruko, abashingamateka bo muri RDC barusha umushahara abashingamateka bo muri Reta Zunze Ubumwe z’Amerika ndetse n’Ubufaransa. Kubwa Martin Fayulu, ngo uyo mushahara ugwijijwe incuro 15 kuwo umwigisha wa kaminuza ahembwa, incuro 30 kuwo umuganga ahembwa.

Kubw’umuyobozi mukuru mu biro vy’uwutwara inama nshingamateka ya RDC, ngo ivyo biharuro vyatanzwe na Martin Fayulu ni ibinyoma. Ivyo yabivuze inyuma yaho amaze kumenyesha ko ibijanye no gushira ahabona amafaranga abatowe n’abanyagihugu ari ibanga. Biruko mu gihe ishirahamwe ridaharanira inyungu za poritike ryitwa « La voix des Sans voix » ribandanya risaba yuko Reta itohigimanga mu gushira ahabona imishahara n’uburusho itanga ku batowe n’abanyagihugu.

Uganda: umukozi w’Imana w’imyaka 42  arapfunzwe inyuma yo gukubita abayoboke biwe

Kintu Denis, umuhanuzi wo mw’ishengero Hoima Empowerment Church International yabonetse mw’ireresi ariko arakubita inkoni abayoboke bo mw’ishengero ryiwe. Muri ayo masanamu, Kintu Denis aboneka ariko ategeka abayoboke biwe ngo baje imbere y’isengero bakubitwe canke bahebe kugaruka mu masengesho ndetse ngo bace banatakaza amahirwe yo gukora ku cuma ciwe co gushikana amajwi kure (microphone).

Agifatwa n’igiporisi ku musi wa gatatu w’indwi iheze, uyo yiyita umuhanuzi yabariye abakora itohoza ko yariko arasubiramwo ivyo Yezu yakoze, igihe yasanga abantu bariko baradandariza mw’isengero. Ikinyamakuru BBC (https://bit.ly/3RyL6ir ) candika ko mw’isakwa ryakozwe mw’iryo shengero, hatowe inkoni zitatu, bivugwa yuko arizo zakoreshwa mu gukubita abayoboke biwe.

Tanzania yinjiye mu buhinga ngurukanabumenyi bwa 5G

Ubwo buhinga bukaba buharurwa yuko bufise umuvuduko ungana n’incuro 40 kurusha ubwahahora bwa 4G. Ubwo buhinga bukaba bwinjiwe ku mugaragaro kuri uyu wa 1/9/2022 biciye kw’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru Vodacom.

Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru The Citizen (https://bit.ly/3BcOXfC ), ngo ubwo buhinga rero bugiye guteza imbere ababa muri Tanzania na cane cane ko buzofasha amashirahamwe n’amahinguriro atandukanye gukoresha bwa none, kimwe mu bizotuma umwimbu wongerakana. Igihugu ca Tanzania kikaba ciyongereye ku bindi bihugu 12 vyo muri Afrika vyamaze gutangura gukoresha 5G.

Urwanda rwategetswe na sentare y’akarere kwishura umuriyoni w’amadorari umugwizatunga Rujugiro

Ayo mafaranga angana n’umuriyaridi umwe w’Urwanda akaba ariyo indishi y’akababaro, Reta y’Urwanda yategetswe kwishura na sentare y’akarere k’Afrika y’Ubuseruko, kubera yigeze kudandaza camunara bidaciye mu mategeko inyubako nini y’ubucuruzi izwi nka Union Trade Centre (UTC) iri i Kigali, ikaba yegukira umugwizatunga Rujugiro Tribert.

Iyo nyubako iharurwa mu gaciro k’imiriyaridi 20, ikaba yari yagurishijwe camunara na Reta y’Urwanda ku mafaranga y’Urwanda arenga imiriyaridi 6, inyuma yaho ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi cagirije nyene iyo nyubako ko agiheraniye ibirarane bigera ku miriyaridi 200 y’amafaranga y’Urwanda, aho hari mu mwaka w’i 2017.

Ivyo bibaye inyuma yaho mu rubanza yashingishije muri sentare y’akarere k’Afrika y’Ubuseruko mu 2020, umugwizatunga Rujugiro Tribert akaba atari yashimye urubanza rwaciwe aho sentare yo yasaba yuko yohabwa amafaranga iyo nyubako yagurishijwe akanahabwa ayo yari imaze kwinjiza igihe yari imaze ikora kuva yagurishwa. Ivyo umugwizatunga Rujugiro ntiyashoboye kuvyemera kuko yavugako agaciro k’iyo nyubako ari kanini cane ugereranije n’ayo yoba ahawe. Tubikesha ikinyamakuru BBC (https://bbc.in/3cJMIHg ).

Kenya: amatora ashobora gusubirwamwo

Mu gihe vyitezwe yuko kuri uyu wa 5/9/2022, sentare ya gasambura manza izotangaza ivyavuye mu mwiherero wawo, inyuma yuko izaniwe ikirego na Raila Odinga, umwe mu bitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu, avuga yuko hari utunenge twibonekeje mu matora, ikinyamakuru Africanews (https://bit.ly/3BeSQAE ) kivuga ko mu bishobora kuva mu ngingo ya sentare mu gihe yosanga vy’ukuri muri ayo matora haribonekejemwo utunenge aruko amatora yosubirwamwo mu misi itarenga 60.

Bitabaye uko, ngo sentare imaze kubona yuko William Ruto ataronse ibice birenga 50%, ishobora gusaba yuko ayo matora yotunganwa ku ncuro igira kabiri (2è tour) mu minsi itarenga 30. Ikindi ngo gishoboka nuko sentare ishobora kumenyesha ko utunenge twibonekeje tudashobora gutuma amatora asubirwamwo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top