Abahora biyumvira ko abaririmvyi bacu bakenye ngo ni mugeze aho: buri kwezi binjiza ama miriyoni…
Nkuko twabishingiwe intahe na Big Fizzo na Sat B, ngo ubu nta muririmvyi acidoga ngo umuziki ntaco umumariye. Umuririmvyi ubu arashobora gutungwa n’umwuga wiwe. Umwe ati je buri kwezi ndaronka make imiroyoni 4, uwundi ati igihe nasohora album, ninjije 7000 Euros mu musi umwe.
Akabanga ngo s’akandi: « Twese duhembwa na YouTube. Ariko kugira iguhembe bisaba ko wandikisha compte yawe ya YouTube (officialisation). Like, commentaire canke vues umukunzi aduhaye turayihemberwa. Duca tugiranira amasezerano n’inzu zo gukwiragiza imiziki (maisons de distribution) kugira twinjize, agatubutse tugasangira ayo twinjije ku biharuro twumvikanye ».

Kuri uwu wa 12 Nzero 2021, BantuBwoy Entertainment mu kigo ca IGAA yateguye ihuriro ryo gukarisha ubwenge ku bahinyanyuzi n’abanyabuhinga (artistes). Icivugo c’iryo hugurwa ni « Agaciro k’umuhinyanyuzi n’ibikorwa vyiwe »
Mu kiganiro abanyamategeko baremesheje, bamenyesheje ko amategeko akingira aba « artistes » ahari. Umu « artiste » yibwe igikorwa canke kikaba cakoreshejwe ukutarikwo arashobora kwitwara agatunganirizwa. Gusa amategeko ntakwiye, arakeneye gushimangirwa hagashirwaho n’ayandi ayaherekeza. »
Fizzo afatiraho atera akama indongozi z’igihugu ngo zigire amasezerano na YouTube kugira officialisation y’ama comptes yorohe ku baririmvyi batobato: « Mu bibabaje ni uko amakori dutanga kuri ayo mahera twinjiza atangwa mu bindi bihugu twiyandikishamwo kubera ko Uburundi ata masezerano bufitaniye na YouTube kikaba kiri mu bizingamika abaririmvyi bato bato kuko nubwo indirimbo zabo zikundwa basanga ataco zibamariye kuko comptes zabo zitari officiels. Reta yogikora ikagira amasezerano na YouTube n’umuririmvyi muto wese yotungira ku muziki umwe atanguriyeko Reta nayo ikahungukira ama devises ku makori atozwako. «




