Inzu zababa 11 ziramaze kubomoka biturutse ku mugaga munini uva mu kuzimu, ingo 36 zisabwa kuva i Nyamanogo iri muri karatiye Winterekwa zikimukira ahandi. Bishikirizwa n’inararibonye yo kuri uyo mutumba akaba ari «nyumbakumi» Nahayo Sylvestre.
Amarira, agahinda, ubwoba, ukujumararigwa, ni vyo birangwa mu bantu baba mu Nyamanogo iri muri karatiye Winterekwa zoni Gihosha mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Uhageze, usanga abakuze n’abana bahagaze bamwe bikoreye amaboko,abandi bifumbereje baraba ingene amazu yiyasa imigaga ayandi abomokera hasi.
Amazu yubatswe kijambere atarinjirwa, ayamaze kwinjirwa, utuzu tudandarizwamwo, urusengero, inzitiro z’amazu,…, eka ntiworaba birateye agahinda n’umubabaro uravye ukuntu vyabomotse. Imigaga miremire, amazi atemba hirya no hino arondeza ivyo ahitana bituma abantu barushiriza kwihebura!
Vyatanguye gute?
Nahayo Sylvestre arongoye Nyamanogo, avuga ko atari ubwambere aho hantu hanyika. Agira ati: «Uwo musozi wari ufatanye imbere y’uko hanyika 1981. Ivyari biharangwa vyose vyarazimanganye harimwo n’ibomba rya rusengo Abadagi bari barahubatse. Mu nyuma ni ho abantu batanguye kuhubaka».
Sylvestre Nahayo yemeza ko muri uyu mwaka wa 2019 ariho inzu zatanguye kuja zirica imigaga banyenezo bakaja barayiteranya bibaza ngo zubatswe nabi, naho shwi! Ahubwo hashaka kunyika nkuko vyabaye mu 1981, bikaba bishize ingo nyishi mu kangaratete. Inzu 11 ziramaze kubomoka, 36 zirageramiwe kandi banyenezo bategerezwa kuhimuka vuba na bwango.
Agahinda mu ngo
Nyandwi Roza ni umupfakazi, agahinda n’intuntu biri mu kumwegura, ntagira ayo acira n’ayo amira kuva aho inzu yiwe ibomokeye bivuye ku mugaga uva mu butaka wahitanye inzu yiwe. Avuga ko kuva ahimukiye uyu mwaka ugira uwicenda, atangorane yari bwahabone, ariko ko akabi n’akabibi kaje ubu gashira ku k’amenyo ingo zitari nke. Mw’ijwi ryuzuye agahinda yagize ati:«Ndagowe, singira ahondaza abana banje, ubu twirundaniriza hamwe mu gakiyosike (akazu karimwo utudandazwa duke) kari epfo kw’ibarabara, singira ic’epfo na ruguru ngo ngure akabanza ko kwubakamwo, singira n’uwumfasha na kimwe».
Nduwimana Donatien ni umunyeshure yiga kuri kaminuza mu gisata c’ubutunzi, mu mwaka wa kabiri. Ukutabona aho aziga aba biramuhagaritse umutima. Agira ati : «Jewe aha nari ndahabaye kubera ari umwungere w’urusengero yahanzanye anyihera aho kuba, none simbona aho ngiye kuba mu gihe akazu uyo mwungere yampaye kagire gasenyuke. Kugeza ubu sinzi iyo nzoja naho bavuga ngo bazotwimura ntituzi iyo tuzota imitwe. Birababaje».
Umwe mu bubatse inzu mw’ideni yasavye muri Banki, avuga ko atabona aho agiye kugikwirwa kubw’uko atabona ingene agiye kubaho mu gihe atagira aho aba arakitse umusaya inyuma y’aho inzu yubatse yururutse ayitegereza. Umubabaro n’agahinda bivanze n’ukwitabariza n’ivyo biri mu bantu bahaba.
Babikika gute?
Inyuma yaho hibonekeje umugaga munini uguma waguka uhitana amazu, Umugwi w’igihugu ujejwe gukinga ibiza n’isibe warishikiye ku Winterekwa kwirabira ako kajegeza kaharangwa.
Nyumbakumi Nahayo Sylvestre avuga ko uwo mugwi w’igihugu wabemereye ko ugiye kugira ivyirwa aho hantu kugira urabe ingene wohakingira ariko ko abahaba boba barimuka vuba na bwango atawurahasiga ubuzima. None bimuka gute mu gihe uburyo bari bafise bwahereye mu kwubaka izo nzu? Sylvestre Nahayo avuga ko uwubonye ageramiwe, we nyene aba arakuramwo akarenge kiwe atarahasiga agatwe.
Ku bw’ico kiza c’umugaga,abantu bahaba baritabariza ubufasha. Reta ikore ivy’ishoboye ibarose aho baba barabaye,kuko ngo:« Inturumbuka irasa umuhanga»!




