Abana bava mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura bari bakubise baruzura ku kibuga c’umupira w’amaguru kiri kw’ishure ryisumbuye ry’ubuhinga ETS Kamenge mu birori vyo guhimbaza imyaka 30 irangiye hashizwe ho amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana.
Nubwo kuri iri genekerezo rya 20 munyonyo akavura kazindutse karagwa ari kenshi mu gisagara ca Bujumbura, ntikabujije abana kuza kwifadikanya n’amakungu mu guhimbaza uwo munsi wabo. Nk’igihe c’isaha zine n’inusu niho abana batangura kwiyegeranya imbere yuko batangura urugendo rugana ikibuga ca ETS Kamenge. Abo bana nka bose bari bambaye umwambaro ufise ibara risa n’ubururu iryo na ryo rikaba ryerekana umwizero n’ubwitonzi, mu minwe bafise inzandiko zivuga ngo « Uburenganzira bwo kuronka izina, uburenganzira bwo gukingirwa mu gihe c’intambara, uburenganzira bwo kujanwa kw’ishure hamwe no gukina »,‘ eka ndetse n’ibindi.
Ivyo vyivugo rero vyose vyari kuri izo nyandiko bikaba biri mu mategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana. Abana bose bari banezerewe eka baguma berekana ko bafise inyota yo gushika aho ibirori nyezina bibera. Queen yiga kwishure SOS yari ari muri urwo rugendo yavuze ati : « Sije mbona turashitse kuri ETS ndabe ibiza kuhabera. Ivyo baduteguriye twebwe abana na canecane ko uno munsi ari uwacu».
Abari bateguye ivyo birori vyagarara ko bari bagerageje guha ikibanza abana aho babahaye umwanya wo gutamba, kuvuga imivugo (Slam) eka ndetse n’abashinga intahe. Alain Nishimwe umwe mu bana bashoboye gufata ijambo akaba yahoze mw’ibarabara yashimiye ikigo CDFC co ku Buterere cafashije mu kumusubiza mu muryago, ubu akaba yarasubijwe kw’ishure. Akaba yarangije aha impanuro abandi bana kutaja mw’ibarabara kuko ata buzima buri yo. Abana bakurikiranwa n’ishirahamwe Gira iyuja na bo ntibavyoroheje mu ntambo zabo.
Ico uwo munsi uvuga ku bana
Nkuko bamwe mu bana bavyivugira ngo umunsi mukuru w’abana usigura vyinshi kuri bo. Yvette Kaneza afise imyaka 14 yavuze ngo: «Iyo uyu munsi utaba ho ntituba tuja kw’ishure. Abana baba bagumye bahohoterwa kuko nta n’umwe yari kuzomenya ko na twebwe dutegerezwa gukingirwa». Guy De La Chance afise imyaka 13 n’akanyamuneza kenshi we ati: «Uwu musi ndawakira neza kuko ni wo watumye haja ho amategeko atwubahiriza nko kujanwa kw’ishure no kuvuzwa».
Abana barashima ibikorwa reta ikora vyo kubakingira
Aimé Didier Iradukunda arongoye ihuriro ry’abana mu Burundi FONEB mw’ijambo ryiwe yagize ati : «Turashimira reta, ishirahamwe mpuzamakungu Unicef eka na bo bose badahengeshanya kwitaho agateka k’abana b’abarundi, tubasaba ko bobandanya baduha inyigisho zodufasha kwiteza imbere no guteza imbere imiryango yacu». Akaba yarangije ashimira ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu imibano n’iterambere ridakumira mu mugambi wawo wo gukura abana mw’ibarabara eka ndetse asaba ko bobandanya bashigikira iryo huriro ry’abana.
Ivyo birori bikaba vyarangijwe n’igiteramo abaririmvyi nka B-Face na Yvès Kami bagiriye abana aho bari banezerewe cane baririmba bongera bitambira uturirimbo Tw’abo bariririmvyi uko ari babiri.
Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




