Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Agateka k’abana : n’igiki kimaze gukorwa inyuma y’imyaka 30 …

Igenekerezo rya 20 munyonyo ry’uwu mwaka, rihuriranye n’imyaka 30 irangiye hemejwe amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana. Ku bw’ivyo, Uburundi bwifadikanije n’ibindi bihugu kuri uyu wa gatatu mu guhimbaza iryo sabukuru ku civugo: « Twese duhamagariwe kurushirizaho kwubahiriza agateka k’abana. »

Nkuko vyashikirijwe ejo hahise mw’itangazo ryasomwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira Félix Ngendabanyikwa, ngo Uburundi bwemeje ayo masezerano mpuzamakungu mu mwaka wa 1990, bukaba bwiyemeje guharanira agateka ka zina mwana mu kugwanya ico cose giteye kubiri n’ineza y’umwana.

Felix Ngendabanyikwa akaba yaboneyeho rero akaryo ko gushira ahabona utwigoro tudasanzwe tumaze kurangurwa na reta y’Uburundi mu ntumbero yo guha agateka kabereye abana bose. Aho rero akaba yatanze akarorero ku mugambi wo gukura abana n’abasegerereza mu mabarabara bagasubizwa mu miryango no mu kibano, isekeza ryo kurwanya kudafata neza abana haba ku bijanye n’isuku, indero, ugufungurirwa, kw’ivuza n’ibindi, hatibagiwe kandi n’isekeza ryo kwandika abana mu bitabu ndangamuntu vya komine hari mwo n’ababa bari bacerewe kwandikishwa bakivuka.

Bimwe mu bimaze gukorwa

Kuva umugambi wo gukura abana mw’ibarabara utanguye mu mwaka wa 2019, nkuko vyashikirijwe na Ignace Ntabombarira aserukira ikigo c’ingo n’imiryango, mu kiganiro caremesherejwe mu gisagara ca Bujumbura n’ikinyamakuru Jimbere, gifashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’ibibondo Unicef, abana bamaze gutahukanwa mu mihana iwabo barenga 3 600, muri bo abarenga ica kabiri bakaba bakuwe mu gisagara ca Bujumbura.

Ku bijanye no kwandikishwa na ho, mu ntara ya Kayanza isanzwe ari na yo iba mwo abantu benshi, ku bana bababa igice c’umuriyoni babaruwe bari munsi y’imyaka 18, abarenga ibice 12% ntibanditswe, ubutegetsi bukaba bwaciye bushiraho umugambi wo kubandika mu bitabu vya komine, nkuko bishikirizwa na Mathias Manirakiza akora muri Etat civil ku gwego rw’intara.

Ignace Ntabombarira akamenyesha rero ko ibikorwa bijanye n’agateka k’abana vyahagurukiwe, ko reta hamwe n’amashirahamwe akorera muri ico gisata agiye kurwiza ibikorwa vyo gusigurira abavyeyi co kimwe n’abana ineza iri mu kwubahiriza amategeko agenga ageteka k’abana. Akizera ko mu myaka iza ata mwana azoba akivuka ntiyandikwe canke ngo afatwe minenerwe kandi ko ata n’umwe azoba akibarizwa mw’ibarabara kuko ikibanza cabo kiri kw’ishure.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top