Kw’igenekerezo rya 10 Kigarama, mu Gatumba, umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi, Jean Marie Niyokindi yatanguje icese umugambi «Menyesha ntere imbere» ugizwe n’abakenyezi bahora bakora urudandaza njabukambibe rudahuye n’amategeko. Uwo mugambi ukaba ufashwe mu mugongo n’ingoma y’Ububirigi ibicishije muri TradeMark East Africa ukazofasha abakenyezi bagera ku 4.000.
Itanguzwa ry’uwo mugambi uzorangurwa mu kiringo c’imyaka ibiri n’amashirahamwe Afrabu (Association des femmes rapatriées du Burundi) na Partner Africa, ryari ryitabwe n’umuyobozi wa TradeMark mu Burundi, Christian Nibasumba, uwuserukira ingoma y’Ububirigi mu Burundi, bamwe mu bakenyezi bakora urwo rudandaza n’abandi.
Uwo mugambi ugamije guhindura ubuzima bw’abakenyezi bakora urudandaza rutoruto njabukambibe, uje nk’ inyishu z’ibibazo abakenyezi bahora bakunda kugira.
Daphrose Nduwimana, umwe mu bakora urwo rudandaza agira ati :« Ingorane tugira ni nyinshi ariko nkuru muri zo kugenda turamburwa inzira yose ugasanga turiko turasha ata co twokora, Gusabwa amafaranga n’abantu utazi wayabima bakakwaka nk’utuvoka wikoreye bakaduta muri rusizi ugasubira inyuma wifumbereje, kugenda tubundabunda umutima ukama uri mu mutwe».
Umugambi «Menyesha ntere imbere» uzorangurirwa mu ntara zine, ku mbibe zitatu z’uBurundi: Gatumba muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, Ruhwa muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, Mugina muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba hamwe no ku kivuko ca Rumonge, muri komine ya Rumonge mu ntara ya Rumonge nyene.
Uwo mugambi ugana gushika kuki ?
Godelive Manirakiza aserukira ishirahamwe Afrabu, ari na bo benshi bakora urwo rudandaza agira ati: « Ku mbibe za Mugina no ku kivuko ca Rumonge hazoshirwa ho ibiro abakenyezi bashobora kwitura kugira baronke amakuru ajanye n’urudandaza. Hamwe n’ivyo, hazobaho ugukomeza ibiro bisanzwe ku mbibe za Gatumba na Ruhwa; Kunagura ubumenyi bw’abakenyezi bakora urwo rudandaza njabukambibe, gufasha kugira ngo abantu bamenye amakuru ajanye n’amasoko akorera ku mbibe, gushiraho umuhora ngurukanabumenyi werekeye abakenyezi bakora urwo rudandaza n’ibindi».
Bimwe mu vyitezwe
Godelive amenyesha ko hari icizere ko abakenyezi bazohora baronka amakuru mu gihe kibereye, kugira batunganye neza urudandaza rwabo ku buryo gusubiza ingurane bafashe bitabarusha, mbere baje no guhiganwa mu masoko yandi. Ntiyibagiye kumenyesha ko bazogira ico bakoze kugira imiryango yabo ibeho neza eka banarihire abana amashure mbere n’agaciro k’umukenyezi mu gihugu biteze ko kazoduga kuko bazoba bafise ico binjiza mu rugo.
Christian Nibasumba akaba yashimiye ingoma y’Ububirigi ije gufata mu mugongo abo bakenyezi biciye muri TradeMark East Africa ku gira ngo urudandazwa rwahora rukorwa rudaciye mu mategeko ruhave nk’uko ari na ryo hangiro rya TradeMak.
Ashimira ingoma y’Ububirigi na we nyene, Umushikiranganji Jean Marie Niyokindi yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iriko irayaga n’iya Congo kugira ngo bashireho isoko ihuza ivyo bihugu 2. Agatera intege abo bakenyezi mw’ishaka bafise ariko kandi akabahamagarira kuja mu makoperative kugira ngo bashigikirane.




