Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Agatabu k’amategeko agenga ibinyobwa bihingurwa mu bitoke na tangawizi karaye kemejwe

Iyo ibinyobwa bitagira amategeko abigengaˌ umwe wese abikora uko agomvye, kandi ngo ntibishobora kujabuka imbibe. Vyavugiwe mu ruganda rwo kwemeza amategeko agenga ibinyobwa bikorwa mu gitoke no muri tangawizi aho abahinga n’abahingura ivyo binyobwa bari bakoranye.

Kuri uwu wa 30 na 31 Mukakaro, kuri Royal Palace Hotel, hakozwe uruganda rwo kwemeza agatabu ndangakintu kemeza amategeko agenga ihingurwa ry’ibinyobwa bikorwa mu bitoke ndetse na tangawizi rwatunganijwe n’ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa (BBN) gifadikanije n’igisata c’abagwizatunga bigenga, bifashwe mu mugongo n’ikigo corohereza urudandazwa njabukambibe mu karere ka Afurika y’Ubuseruko (TMEA).

Umuyobozi w’ikigo BBN Felix Karikurubu avuga ko hari utunenge twahora twibonekeza mw’ihingurwa ry’ivyo binyobwa akenshi bikaba vyaturuka ku mpamvu yo kutagira amategeko abigenga mbere umwe wese akaba yanakoresha umwambiro yishakiye.
Christian Nibasumba, aserukira ikigo TMEA mu Burundi, akaba yaramwuhiriye. Ahejeje gukengurukira ikigo BBN kuba caratunganije ico gikorwa: « Ivyo binyobwa vyari bisanzwe bizwi ko bikorwa nabi. Ariko ubu bigiye kwisunga ingero zahurijweko n’abahinga batandukanye eka mbere ngo bikaba bizokwugururirwa n’imbibe bigashorwa no mu bihugu bigize umuryango w’ibihugu vya Afurika y’ubuseruko ».

Pascal Kakana asanzwe ari umuhinga akaba n’umwigisha muri kaminuza y’Uburundi mu gisata co guhingura ibifungurwa, akaba yaragarutse cane ku kibazo c’isuku mu guhingura umutobe w’ibitoke n’uwa tangawizi, ndetse n’urwarwa, insongo n’inzoga ihiye ikorwa muri tangawizi.

Urwo ruganda rukaba rwari ruhurikiyemwo abategetsi batandukanye: umuyobozi w’ikigo BBN Felix Karikurubu, umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe (Agence pour la Promotion des Investisseurs, API), Leonard Sentore, uwuserukira mu Burundi ikigo TMEA Christian Nibasumba, ndetse n’abahinga batandukanye bo muri kaminuza y’Uburundi, abo mu kigo kijejwe gutororokanya ibiharuro mu bisata bitandukanye vy’igihugu (Institut de Statistiques et d’Etudes Economiques du Burundi, ISTEEBU), abo mu kigo ciga ivy’uguhingura ivyimburwa (Centre National de Technologie Alimentaire, CNTA), tutibagiye n’abasanzwe bahingura ivyo binyobwa

Ivyo binyobwa bizobandanya bitekerwa mu bikoresho vyahahora?

Mu gihe abasanzwe bahingura ibinyobwa mu giterwa ca tangawizi bahora bitiza amacupa avamwo inzoga yo mu bwoko bwa ‘Heinken’ maze bagapfuka iryo zina bakoresheje agakaratasi kanditseko ijambo ry’ibinyobwa vyabo abandi nabo bagakoresha amacupa yo mu bwoko bwa ‘plasitiki’, abahinga bavuga ko atariko bigiye kubandanya bigenda. Muri BBN bati: « Kugira ngo ikinyobwa kijabuke, bisabwa ko kiba gitekeye mw’icupa rimeneka ».
Naho biri uko, ababihingura basaba ko bobandanya babidandariza mu macupa yo mu bwoko bwa ‘plasitiki’ kuko ayameneka ngo usanga azimvye.

Léonard Sentore arongoye API yagiriye inama abafise amahinguriro ko nyabuna boshira imitahe hamwe bakaronka akunguko ko gukurwako amakori mugihe bashatse kurangura amacupa canke ibindi vyose vyobafasha mu guhingura ibinyobwa vyabo. Agahamagarira kandi abagwizatunga babishoboye ko boshinga amahinguriro ahingura amacupa ameneka kuko vyose ngo bishoboka. Aho rero akaba yaciye atanga akarorero kw’ihinguriro ry’amacupa bita ‘Tllinno’ rikorera aha nyene mu Burundi.

Uwuserukira TMEA mu Burundi, Christian Nibasumba » « Iyi ntambwe ikomeye yahuje inzego zitandukanye z’igihugu, izokwugururirwa imbibe ibikorerwa hano mu Burundi, maze bishobore gushorwa mu muryango w’ibihugu vya EAC, binaharenge »

Abasanzwe bahingura ivyo binyobwa bakiriye gute ayo mategeko?

Maurice Nduwimana aserukira ‘Crown Royal’ risanzwe rihingura ibinyobwa bitandukanye biva mu bitoke, inanasi, amanazi no mw’ikawa, arakenguruka cane kuba uru ruganda rwatunganijwe kuko ngo bari bavyipfuje kuva kera, kugira nabo bakore ibidandazwa bifise amategeko abigenga.

Eka na Pascaline Iranzi asanzwe ahingura inzoga muri tangawizi, arashimishwa n’uko ibikorwa vyiwe bigengwa n’amategeko kuko ngo vyemejwe, kumbure ashoreye mu gihugu no hanze y’igihugu ngo azorushirizaho kubona akarusho.

Ayo mategeko azotangura kuja mu ngiro ryari ?

Nk’uko Pascal Kakana abimenyesha, hari intambwe zitegerezwa gukurikizwa. Ubwa mbere umugwi w’abahinga warateguye agatabu, hanyuma gaca kemezwa n’abo bahinga nyene barikumwe n’abahingura ibinyobwa, ubu rero hakaba hasigaye gushika mu banyagihugu barabe mu vyukuri ko ivyanditswe bikurikizwa, maze ako gatabu kazoce kihwezwa no hanze y’igihugu, kemewe, gace gatangazwa. Ku vyerekeranye n’igihe ico gikorwa kizomara, umuyobozi w’ikigo BBN avuga ko ari nk’inyuma y’amezi abiri canke atatu.

Abafise amahinguriro matomato bakaba bashimirwa cane n’uwuserukira ikigoTMEA mu Burundi akanamenyesha ko ico kigo citeguriye gushigikira n’umugambi w’abakenyezi bashaka kwiteza imbere biciye mu rudandazwa na cane cane urujabuka imbibe. Uwo mugambi ukaba uzokorera mu karere k’imbo kagizwe n’intara 6 kuva mu ntara ya Cibitoke gushika i Makamba aho naho hakaba himbuka ivyamwa vyinshi bikanahahingurirwa.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top