Mu migambi nyamukuru iriko irashirwa imbere n’ikigo PAEEJ harimwo uwujanye n’ubworozi bw’inkwavu: hambavu y’ikigo co kuvukisha inkwavu kiriko kirubakwa mu ntara ya Cibitoke, hariko harategurwa n’isekeza ryo kurondera abazoterera mw’irangurwa ry’ibikorwa vy’ico kigo gishasha…
Mu gihe kuva kera na rindi abarundi babona ko ubworozi bw’inkwavu ataho bwoshikana umuntu ko nyabuna n’ababukora ari abanyagihugu bo mu caro kugira bisuganye, ikigo PAEEJ kiriko gishira uburyo bw’akataraboneka mu gutunganya ubwo bworozi nk’uko vyamenyeshejwe kuri uyu wa 12/04/2024 i Gitega aho hashirwa ahabona amareresi yatunganijwe na Magazine Jimbere hisunzwe inyigisho za Agossou Senan Aziz, ava muri Bénin akaba n’umuhinga mu kworora inkwavu ku rwego rwa Afirika.
Intambwe zibiri zihambaye ziramaze gushikwako. Aha twovuga nk’inyigisho zitanga impamyabushobozi zatanzwe n’ikigo Ibidum Farming muri Munyonyo umwaka uheze i Gitega, zikaba zahawe urunani rw’urwaruka rusanzwe rukorera mu gisata c’ubworozi bw’inkwavu.

Ikindi ni uko kuva muri Kigarama 2023, hatanguye ibikorwa vyo kwubaka ikigo ca kijambere co kuvukishirizamwo inkwavu mu ntara ya Cibitoke. Ico kigo kikazofasha aborozi b’inkwavu bo mu Burundi, ikaba ari inyishu ikomeye ku ntambamyi zari ziherutse gushikirizwa mur’ico gisata. Aho ibikorwa bigeze rero, ikigo PAEEJ kimaze gushira muri uwo mugambi amafaranga arenga umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi.
Intambwe igezweko ubu, izoshirwa mu ngiro n’ishirahamwe ry’urwaruka rw’aborozi b’inkwavu ryitwa Sungura Net, ari naryo rizofata mu minwe iki kigo co kuvukisha inkwavu i Muyange, komine Mugina intara ya Cibitoke.
Kubw’ivyo, hazokwiragizwa inyigisho zirimwo ivyigwa vyari vyatanzwe n’ikigo Ibidun Farming hamwe n’inyigisho z’ibanze ikigo PAEEJ hamwe n’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubworozi vyateguriye abenegihugu ku bijanye n’ubworozi bw’inkwavu.
Kuba umufatanyabikorwa w’ikigo co kuvukisha inkwavu ca Muyange
Nk’uko Blaise Nkuriyibgoma, umuyobozi mukuru wa Sungura Net bisigura, « tubifashijwemwo n’ikigo PAEEJ, guhera mu kwezi kwa Rusama 2024 tuzotunganya inyigisho ku migwa mikuru y’intara zose z’Uburundi kugira tumenye aho hose hari ibigo vy’aborozi bipfuza kuba abafatanyabikorwa b’ikigo co kuvukisha inkwavu ca Muyange. »
Iyo migwi y’aborozi, na canecane amakoperative, abo mu ntwaro hamwe n’amashirahamwe ni bo bazoheza bagakurikiranwa, bafashwe mu bijanye no kwimisha no kugwiza inkwavu za kijambere, kuzivura, kuzigaburira, hamwe no kudandaza inyama zazo.
Uwo muyobozi wa Sungura Net akamenyesha ko yisunze uko uwo mugambi ushobora guhurumbirwa n’abantu benshi kubera ubworozi bw’inkwavu butanga umusaruro mwinshi. Kubw’ivyo, akamenyesha ko hariho ivyo bazokwisunga mu guhitamwo abafatanyabikorwa b’ico kigo arongoye, bivanye n’ubushobozi buke bwo gukurikirana iyo migwi mu minsi ya mbere.
Mu kwiyandikisha ngo ntuzocikwe n’izo nyigisho, ni kurungika ubutumwa kuri +257 62 020 020 (ni na yo WhatsApp), canke kuri info@sungura.net.
Ivyo utegerezwa kwibangikanya muri ubwo butumwa ni:
* ukumenyesha ubwoko bw’ishirahamwe uturukamwo
* inomero za terefone z’uwuserukira iryo shirahamwe
* umwidondoro w’aho ukomoka (umusozi, komine n’intara)
* ikibanza (ubwaguke), abakozi n’uburyo ushaka gukoresha mu bijanye n’ubworozi bw’inkwavu.




