Mu bigo vy’Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubworozi i Gitega, harabereye inama kuri uyu wa 10 Gitugutu 2025 yahuza abaserukira imigwi itandukanye ikorera mu bworozi bw’inkwavu. Ico gisata kigiye gutera intambwe mu kwakira ubwoko bushasha bw’inkwavu buvuye mu Bufaransa…
Mu ngingo z’iyo nama yatumweko inyuma y’izindi nyinshi zimaze kuba, harimwo kwiga ibikenewe imbere yuko inkwavu z’ubwoko bushasha bwa « Optima » bwinjijwe mu gihugu n’amashirahamwe yo kugwiza inkwavu Sovert na Sungura Net zitangura gukwiragizwa mu borozi.
Ayo mashirahamwe abiri yarafashe akanya ko gusigurira aborozi baserukiye abandi uko izo nkwavu zabo zimeze n’ivyo zikenera mu gukura no kurondoka, kugira umugwi wa mbere w’aborozi babona bobishobora bazihabwe, imbere yuko itangwa ku rugero rinini mu benegihugu ritangura mu mpera z’uyu mwaka.
Hagati aho, mu ntumbero yo kworohereza aborozi basanzwe bafise inkwavu z’amaraso ya kera bakabura uburyo bukwiye bwo kugura inkwavu z’amaraso mashasha, ayo mashirahamwe yabarondereye isoko rizigura, maze aborozi bakahakura uburyo bwo kuriha inkwavu z’amaraso mashasha bazoba batoye.
Iyo nama yabaye inyuma yaho Umushikiranganji mushasha mu vyo ajejwe harimwo Ubworozi agendeye kuri uyu wa 09 Gitugutu 2025 iyororero ry’ishirahamwe Sungura Net riri muri komine Mugina. Akaba yariboneye ibikorwa vya « Centre Naisseur Cunicole de Muyange »: mu gihe ryakiriye mu mpera ya Nzero 2025 inkwavu 300 zikuye mu Bufaransa, ubu zimaze kuvyara inkwavu zirenga 4,000 zigizwe n’inkwavu z’inyama (lapins de chair) hamwe n’inkwavu mvyeyi (lapins reproducteurs).
Kwishura ibihengeri mu gisata c’inkwavu

Muri iyo nama, yari ihagarikiwe n’Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo Ubworozi, hari hatumiwe kandi n’ayandi mashirahamwe akorera mu gisata c’inkwavu. Aha ni nka koperative Mutoyi isanzwe ikora indya z’ibitungwa, ikaba yemeye gukorana n’iryo huriro ry’aborozi mu kubaha imfungurwa ku giciro kitavuna.
Hari kandi « Nobilis Pharma », ishirahamwe rikorera i Gihanga rikaba rirangura imiti y’ibitungwa yizewe iyikuye mu gihugu c’Ubuhorandi, ikaba yashikirije umugambi wayo wo gukwiragiza amashami yaryo hagati mu gihugu kugira imiti yegere aborozi b’inkwavu.
Inama yitabwe kandi n’ishirahamwe Kigega ryatangujwe na PAEEJ, rikaba rishora ibihinguwe mu Burundi. Ryarahumurije aborozi ko ryiteguye kwakira inkwavu zose zizoba zikeneye kugurishwa nk’inyama. Ikigo PAEEJ naco nyene cari cishikiye muri iyo nama, kikaba gisanzwe gifashe mu mugongo ibikorwa vy’amashirahamwe Sungura Net na Kigega.
Abitavye iyo nama barakengurutse cane intumbero yahawe, kuko vyagaragaye ko aborozi bazaniwe inyishu ku bibazo bihanze ubworozi bw’inkwavu mu Burundi, vyaba ivyerekeye ubwoko bwororwa (Sovert, SunguraNet), ibifungurwa (Mutoyi), imiti (Nobilis Pharma), uburaro (PAEEJ) canke isoko y’ivyorowe (Kigega).
Ku bafise ico babaza, bohamagara kuri 61 507 613 (SOVERT), kuri 62 020 020 (SUNGURA NET) canke kuri 62 402 402 (KIGEGA).




