Jimbere

ikirundi French English
INYUBAKO

Fablice Manirakiza: « Jewe nta n’urwasha narishe kirya kibanza. Kandi si n’icanje. Nimushimire Reta »

Reta y’Uburundi yarahaye uruhusha ishirahamwe ubuka Nation Group rwo kuwubaka ahahoze isoko nkuru ya Bujumburu ahategekanijwe gutunganywa gushasha ngo habe ikibanza gikuru c’ihuriro ry’ubudandaji. Naho biri uko, abatari bake babona ko iryo shirahamwe ata bushobozi rifise ryo kuba ryoshobora gushira mu ngiro uwo mugambi. Mu kiganiro Fablice Manirakiza arongoye iryo shirahamwe avuga ko biteguriye kurangura uwo mugambi ata ngorane. Ido n’ido.

Hoba hari amasezerano mwagiraniye na Reta ? Nimba ahari, avuga iki ?
Jewe aho vyahereye, ngira ngo mwarabonye ikibazo nabajije muri diaspora. Rero jewe Reta yampaye amasezerano (contrat) ya mbere ivuga iti: « Reka tuguhe amezi 6 yo kugira ngo werekane ko ubishiboye. Usubire unarabe ivyo twakoze ». Kuko birya vyigwa vyabaye, design conception yonyene ni Reta yayikoresheje. Hanyuma jewe nk’umuhinga ndabishima. Kandi bisaba tuze turiga gushima ivyiza abandi bakoze. Hanyuma ndagira akantu gato mpinyanyura (aga touche gatoyi), ariko amanota menshi ni Reta.
Rero irya shusho yerekana ingene ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hokwubakwa yaraciye mu Nama Nshikiranganji, yongera irashimwa na Reta. Hanyuma jewe muri ayo amasezerano twagiraniye na Reta, Reta ivuga iti: « Ibi ni ivyigwa tumaze gukora. Wewe ufise uburenganzira bwo kugenda ukabiryohora kugira ngo bigende nk’uko wewe uvyipfuza. Mugabo rero dukeneye ko uca utwereka ko ubishiboye, hanyuma uce utwereka ko amafaranga yo kubikora uyafise, uvuge iyo azova n’uburyo azozamwo ».

Ishusho y’inyubakwa izoja ahahora isoko nkuru ya Bujumbura

Ivyo na vyo biroroshe. Techniquement, urumva ko batari kubimpa batabibona ko ndabishoboye. Jewe ivyo ni ibigaragara. Hanyuma, ku kijanye no kuzana uburyo bw’urya mugambi, hako nja kurondera amafaranga mu mabanki, jewe nakoze nk’umwana w’Uburundi akunda Abarundi.
Jewe nama mbwira Abarundi iyo baba abashaka bonterera. Kuko naciye mvuga nti: « Banki si nzoza kugusaba amahera yawe, umu investisseur, nta mahera yawe nkeneye, nkeneye Abarundi ». Tuce tugira ikigega rusangi. Hanyuma twugururire bose, ku buryo n’umuboyi ashobora guhiramwo amahera, arya 103.000BIF. Hanyuma n’umu diaspora w’Umurundi ashobore gushiramwo amahera. Kuko mu majambo navuze imbere y’umukuru w’igihugu naramubwiye ko mfise impano yo kwegeranya abantu turengeranya amafaranga menshi cane.
Nk’uko ubibona ngaha ku rukurikirane rwo mw’ibanki, inyuma y’iminsi ibiri, hari hamaze kujako imiriyoni zirenga 76. Rero ivyo vyose vyerekana ukuntu ico kigega kiriko kiritabirwa cane. Kuko jewe icipfuzo canje ni uko Umurundi wese yozoza aca harya akavuga ati: « Raba isoko twiyubakiye ». Kandi mu kirundi bavuga bati: « Ntawutera ibuye aho yateretse igisabo ». Urumva vyabindi vyose bavuga ngo yoba yaraturiwe,… None ubu ninde yozokwiyimvira kurihemukira? Kandi twese tuzoba dufisemwo imitahe?
Rero urumva ko Reta yaduhaye amezi 6, ariko yarabibonye. Musi y’ukwezi kumwe kutaranakwira, bari bamaze kubona bati: « Eh, vya bintu birashoboka ». Amafaranga bariko barabona na yo nyene ko ariko arajako. Hanyuma ku kijanye n’ubushobozi tumaze gukora imigambi itandukanye barabibonye. N’ejo bundi umushikiranganji yarahamye kuharaba, yongera araja no mu Kabezi, aho turiko turubaka inzu zirenga 50, hazoba harimwo imiryango hafi 100. Ivyo vyose ni ivyerekana ko dushoboye.

Kw’ico nyene c’ubushobozi (capacité), hari abavuga bati: « Raba nko kuri miroir, projet yabaye financé par BHB mugabo Fablice akavyiyitirira. » Ubivugako iki?
Akavyiyitirira? None uburyo n’uwubaka birasa? None BHB ko yatanze amafaranga, yarubatse? Ahubwo abo bantu babivuga bagwaye no mu mitwe. Kuko wewe ugiye muri banki gusaba ingurane, wewe nyene nk’umumenyeshamakuru, iyo nzu si rwawe? Banki ntiyaguhaye amahera? Ntiyaguhaye ideni? Rero abantu baca baza kuvuga ibiki n’ibiki. Canke jewe narageze ahantu n’aho BHB yariko irangwanya, ngera ahantu mvuga nti: « BHB genda wandike ko ari ivyawe. Ntangorane, jewe akazi kanje: kazima inzu zahagaze. Iyo ni nde, ni irya Come and See Burundi Village. » None Fab Homes, BHB hari n’urumeya yashizemwo? None vyovyo, iyo baca bagenda kurondera amabanki akaza kuvyiyitirira… Urumva rero abantu bapfa kuvuga ibintu, ntibariko barabiraba. Jewe ni co gituma nama mbwira Abarundi nti: « Twaramugaye mu mitwe. Hakugira ngo turabe iterambere, duca dutangura kurondera ibi na biriya ». Mbega urazi ko n’irya projet ya mbere ya Come and See Burundi Village, ata n’urwa kongo ndaronka? Amafaranga yose ntarinyagaza muri BHB, hari n’icasha iraduha? Ariko nyumvira ibivugwa.

Kuri ico nyene c’ubushobozi, abarundi baravuga bati Fablice yavuze ati dushiremwo imitahe. Mugabo, raba yamaze gutangura ibikorwa. Mu gihe ikigega kitaraba confectionné. None uburyo yabukuye hehe?
Ubu uruhara rwanje muri kirya kigega, yitwa ko ndi umu promoteur w’ikigega. Rero kwitwa umu promoteur, mu mategeko nyayo hari ikindi kintu bita sponsors. Ni uwuhagarikira kwubaka ico kigega. Bisigurika ko hari ikigega turiko turegeranirizamwo amahera. Hariko inzego zicunga ico kigega n’izicunga amafaranga y’abanyamitahe. Kuri iki kigega, ubu amakonti arugaye (bloqués). Nta n’icasha gikorwako. Mpaka za nzego zose zigiyeho. Uyu mwanya rero, jewe nk’uwazanye iciyumvyiro, ndafise kuba ndakora ivyo bikorwa vy’ibanze. Za nzego ni zajaho bizoba vyoroshe kuko ikirihiriro (facture) nakoresheje, nzoca mvuga nti n’ubundi ni ca kigega gitanga uburyo. Ati rero: » Twarabaye turiha intambwe ntoyi no kugira tuna motiver. Kuko ni na Propagande ya Fund raising. Abaduha imitahe bariko barabona birya biriko birakorwa, urumva ubu bariko bariruka. Eeh ukwo ni ukuri.

Ariko hariho n’amakenga. Urazi ntawumenya ivyo muri kazoza. Baca bibaza bati: « Wavuze umuboyi, umu taxi vélo, umurundi uwariwe wese ahere kuri 103.000Fbu, umu diaspora kuri 100$… Hamwe mu mezi 6 uyo mugambi woca uhagarara. Umwe yashiramwo uburyo azobugaruza gute ? »
Fata ko ijuru rikorotse ubu. Canke inyuma y’amezi 4. Uyu mwanya, amafaranga ariko araja mu kigega, ntariko araja mu mugambi. Kubera inzego zicungera aya mafaranga n’izicungera abanyamitahe zose nti zirajaho. Ubu turiko turagira Fund raising. Ubu ijuru rikorotse nti wumva ko uwo ariwe wese nca ndamubwira nti: « Mugenzi, birapararanganye, genda mutore twa duhera twanyu ». Rero iyo niyo garantie ya mbere. Amakonti ari bloqués.Ni nk’uko uwo ari we wese afise uburenganzira bwo kuja kubaza kuri banki n’ubu, akamenya uko vyifashe. Ubwo ni uburenganzira bw’umunyamitahe uwo ari we wese. Garantie ya kabiri na yo, ni irya izoza tugiye rero gukoresha ya mafaranga tuyateruye, dutanguye kuja kugura isima, ibikoresho ,… urumva haca haza gukoresha ya mafaranga. Ico gihe naho, Fablice ntaca agenda kuri konte ngo ntwaye amahera. Oya. Hariho ico bita « Found Management Company ». Iyo ni yo isuzuma ya dosiye, ikanaraba iti, ok, muri dosiye y’isoko, Ubaka Nation Group izobikorera amafaranga imiriyaridi 300. Hanyuma haramaze gukorwa ibikorwa ibi n’ibi, reka rero dusohore amafaranga ya mbere.

Mbega izoba ari « mall », izoba ari isoko, izoba ari iki?
Burya « Plazza » mu congereza ni ikibanza kininiya kiba kirimwo ama Shopping malls zitandukanye. Rero uravye kirya gicapo twagize, kirimwo inyubakwa (complexes) zitanu zitandukanye, igaca igiramwo n’irya nyubakwa igeretse incuro 30. Kandi wanashaka ndashimira Jimbere gose. Burya ndayisoma. Hariho inkuru yanditse ivuga umushakashatsi yavuze ati: « Ko twabibonye, turabe neza nti tuzosange ari ivy’abasirimu gusa ». Ico gihe mba ndonse iciyumvyiro co kuvuga nti: nzoca mfata inyubakwa imwe, ndayigire nk’ikibuga, ku buryo na wa mukenyezi adandaza amatomati yibonamwo. Muri bimwe twita Vayura. Ku buryo bose bibonamwo, bibe igikorwa ca bose.

Tukiri ngaho ku mitahe, mbega ni mwatangura gukora, umuntu aca yibaza ati bizokwunguka gute?
Ica mbere, ibi bintu birimwo inyungu nyinshi cane. Ubu, fata mu kwezi kumwe canke amezi 2, inzego zose zirahagiye. Twamaze kuvugana na BRB ko habaye amasezerano twavuganye na CRDB ko mu Muco habaye amasezerano ya Fund Management yagiyemwo babahinga, abahinga bashoboye gucunga amahera. Ni kimwe nama mvuga nti, na jewe nshobora kuba ntafise uburenganzira bwo kubamwo ngaho. Kuko jewe ndabaha akazi mfatiye ku vyo nahawe n’ikigo c’igihugu kijejwe gucungera isoko ry’imitahe (ARMC) vyerekana uko akazi kameze. Hanyuma, ni co congera kikabemeza, kikavuga giti : » Aba bantu barafise uburambe bukwiye mu kazi.” Rero mu gihe izo nzego zose zigiyeho, duca tugenda tukavuga duti: « Dufise imiriyaridi 50 canke 200 ». Tugaca tubwira BRB duti: « Amafaranga aho yicaye avyara ayandi. Tubwire rero ibice uba uratwungukira?” Fata ko ari imiriyaridi 200. Kwubaka irya soko nibaza, uwo ari we wese arabizi ko tuca tugenda duti: « Duhe imiriyoni 500 ubwo nyene. » Rero igice ca mbere nimba dukuyeyo imiriyaridi 50, hasigayeyo imiriyaridi 150, ayo ni abe aravyara umusaruro. Kandi izo miriyaridi 50 zaje, si ukuvuga ngo hari umunyamitahe umwe yazanye imiriyaridi 50 ngo ni we wenyene aca aza. Oya. Wewe wazanye 100.000 urya akazana 1.000.0000 nimba izo miriyaridi 50 zerekana 20%, iwawe dukurako 20%, n’uriya havako 20%, kugira ayagiye gukora n’ayasigaye aba aravyara umusaruro, twese turonke. Iyo ni inyungu ya mbere. Inyungu ya kabiri, hariho ibintu, n’uko ngaha mu Burundi novuga nti igihugu cacu cari kikiri inyuma. Hari ibintu hanze bita ama bourse, ama « stock exchanges », canke « stock trading. » Ni uku jewe mba mfise uyu mugozi. Nkaca mvuga nti ndayigurisha 1.000.000. nkaca nsanga abantu 1.000 barawukeneye. Nsanze abantu 1000 bawukeneye baca baduza amaboko bose, nca mvuga nti: « Ubu ndadugije kuri 2.000.000 ». Uko ni ko umugozi uca ugenda uraduza agaciro. Rero ibijanye n’imigambi nk’iyi, fata ko twatanze imiriyaridi 500 zo kwubaka isoko. Maze agatangura gukoreshwa. Urumva wa mutahe, dufise titre de trésorerie. Wa mutahe ni 103.000BIF. Rero iyi soko iduze ikagera kuri 20%, aho igeze, wa mutahe nawo wadugije valeur. Bisigura ko nimba ufise umutahe wa 103.000, dushobora kugera kuri 20% y’irya soko umutahe wawe ugeze kuri 150.000. Aho rero ico ushobora gukora ushatse kwiyungukira, ukabwira umuntu uti: « Eh mugabo, jewe nyihere izo 150.000 nirire, izo 25.000. Ivyo vyose birashoboka. » Rero duhejeje wa mugambi, jewe Reta twumvikana ico twita BOT(Build your Own transform). Reta ivuga iti: « Ingo wubake, ukuremwo umutahe wawe, n’inyungu yawe uce unsubiza ». Bisigura ko kirya kibanza n’ivyubatsemwo biguma ari ivya Reta.

Abantu bagumye bibaza bati: none ko irya Parcelle, ko Fablice ayubatsemwo, yayiguze angahe?Ahubwo abantu bose urabandikira ubabwire uti: « Mushimire Reta ». Kuko harya Reta yaratanze ubufasha (sponsor), yaravuze iti: « Ni wubakwemwo ». Jewe nta n’urwasha narishe kirya kibanza. Kandi si n’icanje. N’iyo myaka ndiko ndasaba si iyanje kuko nugururiye Abarundi benewacu. Ni kirya namye mvuga ko vyari vyoroshe ko nca mbwira Bancobu canke Shelter Africa nti mpa miriyaridi 500 ndavyikorere. Za miriyaridi 1000 z’inyungu ndazikubite ku mufuko nce nibera umu milliardaire.

Mu kurindiura, kugira mukore mwunguka bigenda gute?
Ica mbere co, dufise ishirahamwe ryitwa Ubaka Nation Group. Iryo ni ryo ryaronse amasezerano y’irya soko. Ubu rero Ubaka Nation Group ica ija kurondera uburyo. Ubu rero vyari vyoroshe ko duca tugenda kurondera hariya na hariya, mugabo twavuze duti, kuki? Jewe nka Fablice, nca mvuga nti, hakugira ndayasabe ahandi, reka mbwire Abarundi twigirire umugambi wo gushira amafaranga hamwe duca turangura uwo mugambi. Twese twunguke. Twese twubake igihugu kandi tugire iyo ntumbero yo kuvuga duti: « Turiko turakora ». Rero muri ico gihe, nimba Ubaka Nation Group izanye igiharuro ca miriyaridi 500, ni uko ivuga iti harimwo inyungu ya 10% yacu. Ni aho bigarukira.

Tutaraja mu gice c’amategeko, abantu bariko baribaza bati: Fablice yamaze gutangura ibikorwa. Zirya matériaux zari harya, zirafise valeur, ziriko zija hehe?
Birya Fablice, nta n’icasha, canke nta n’icuma na kimwe jewe ngabamwo. Birya vyose ni ivya Reta. N’umushikiranganji w’inyubako Dieudonné Dukundane yaraje aratanga umuco, arabona ivyuma bimwe bimwe bitasinzikajwe n’umuriro, aravuga ati: « Bizokora ibiraro ». Rero ibintu biri kubiri. Hariho ivyuma bitasinzikaye. Urumva twebwe mu kubibomagura, duca tubimanura neza. Kugira ngo bive harya bice bija aho Reta yavuze bizoja kumara akamaro. Aho naho nibaza ko ari muri ARB. Hariho rero na birya vyononekaye. Birya rero, Reta nyene ni yo ica ivyidandariza. Amakuru mfise ni ay’uko bazoca bacisha muri OBR kugira abantu bo mu Buyenzi, canke izi za FabriMetal zize kugura kuri Camunara. Kandi bikozwe na Reta Fablice atarimwo. Jewe ivyo nti bindaba. Eeeh. Jewe harya ndiko ndironderera i terrain gusa.

Tugaruke rero ku mategeko. Hariho abavuga bati mbega vyoba vyarakurikije amategeko, mu guha isoko Fablice.
Uko biri, Fablice amaze kwubaka amateka yemeje Reta ko bishoboka. Rero irya soko imaze imyaka 11 itarubakwa. None kubera iki itaribwubakwe? Ntihaje ngo amabanki nti haje ibiki n’ibiki? Ko batubatse? None ubu Fablice yigiriye mu Kayanza abonye umukuru w’igihugu. Aramubwira ati: « Nyenicubahiro, ngerageza. Nshira mu kibuga, jewe urabe ko ntavyikorera. Nta n’amafaranga nza gusaba Reta. Nta n’inguvu n’imwe nza gusaba Reta. Nza kuvyikorera. None ivyo yansubije nti mwavyumvise? Iyo amasezerano bavuga, Perezida nti yayishuriye mu Kayanza ? Uravyumva? Yaravyishuye, birya nyene ni vyo vyagiye mu ngiro. Rero ico Reta yakoze, ni ayo masezerano avuga ati: « Ko wavuze uti tukugerageze, tukaba twarabuze uwoyubaka, reka tuguhe amezi 6 turabe ko ubishoboye. N’utaba ubishoboye, tuzoca tuguma turindira basi uwumva ko yobishobora ». Urabibona? Rero muri ayo mezi 6 bampaye namaze kubemeza. Naraberetse ko bishoboka, n’ubu urabona ko ndiko ndahategura. Ikindi ca kabiri nishakira ubwo buryo bwo kuzana amafaranga kugira Umurundi wese yibonemwo. None ayo yandi mategeko barondera ni ayahe? Mu mategeko mpuzamakungu, no ngaha mu Burundi, hari amasezerano atandukanye kandi menshi. Akarorero ni ako ka BOT (Build your Own Transform). Umwe wese agende kuri Google avyironderere arabe ibiba bigize ayo mategeko. Jewe n’uyo mugwi w’abantu bankurikiye, wa wundi yazanye 103.000, umwe yazana 200.000 abo bose bari inyuma yanje. Muvuga muti: « Fablice, waragerageje Reta na yo irakugamburukira, tugende rero ».Ubu rero tugiye, duca tuvugana duti: » Isoko ya Bujumbura twebwe tugira tuyiyubakire, tuce twikuriramwo umutahe wacu, za 103.000 zawe zivemwo, duce turonka n’imyaka yo kugira ngo twunguke. Hanyuma duce tuvugana na Reta duti: « Tuvyaranye abo ». Iyo myaka, genda musome mw’itegeko ry’igihugu, si nibuka neza, umenga ni imyaka 50. Kera yari imyaka 99. Ivyo ni ibintu uwo ariwe wese n’aho yoja mu mategeko y’igihugu aca abibona. Ibihugu vyose birafise iryo tegeko.

Aho nyene hari n’abandi bacritiqua bati ubwo nti koba ari agakino k’abantu b’aba patron…
Uwo mu taxi vélo, konte nti twayuguruye? Hari uwamubujije? Uwo muntu ahinyuza, konte ntiyuguruye? Hari uwamubujije? None ubu Ziranotse yokwizanira miriyaridi 100 canke 50 noca ndamubwira ngo uri igifi kinini yareke ? Abantu rero, jewe sinzi uko bameze. Je no mu kiganiro naravuze nti fata 103.000 Fbu uwo mu taxi vélo azanye. Ndabizi ko yaraye ayivye canke ataraye ayivye? Igikuru si uko aje gukora igikorwa c’igihugu kituzanira inyungu twese ? Fata ko umuntu kanaka yivye Reta. Hanyuma aravuze ati ndayazanye. None iyo yari yicaye, no kuza gukora igikorwa kiza kwungura twese, dutore iki? Rero Abarundi barashobora kuvunjisha uko bashaka. Kuko naranasiguye ndavuga nti: « Nimwabona umugwizatunga, canke umu général, canke uwo ari we wese aza avuga ko akorana na Fablice azoba abahenze. Nanje ninaza kukurondera nakubwira ngo nitwaje kanaka, nzoba ndaguhenze. »
Mugende mwandike muti, Fablice umuntu bakorana ni Imana gusa. Mugende kuri banki ndabasabire uruhusha babahe urukurikirane rw’ingene amafaranga ajako. Abo bantu bariko baravuga ivyo bintu bavyerekane canke babivuge. Erega ikibazo c’Abarundi: » Fata nk’uwo ariko aravuga ivyo, ni wa wundi avuga ati isoko ntiyubakwe, igume kurya. Hari abantu bambwiye bati: » Ayo mahera n’aho twoyatangira ubusa, nti hagire inyungu tubona, basi harya hakaba ikibuga tugakiniramwo umupira ». Ico maze kumenyera mu Burundi : Abantu baramugaye mu mitwe. Rero kugira ngo tubagorore, ni uko dukora ibikorwa bikivugira. Jewe kurondera abahatubera abo bita aba gardiniers b’amahera, jewe nk’imboneza, ico ciyumvyiro ni jewe nakizanye. Ndavuga nti Bancobu twoyirondera, CRDB, … wanashaka ziriko ziranyirukako. Mugabo nca mvuga nti, Non. Nti BRB ni nyina w’amabanki. Habaye ikibazo cose, uko bigenda kwose ingorane ya nyuma iza kuba kuri BRB. Aho rero nariko ndarondera umutekano w’uwutanze amahera. Ngira Imana rero BRB inyakira neza. Ivuga iti: « Ni gute wozana umugambi mwiza nk’uwo tureke kuwushigikira? Turiteguye kubikora. Nico gituma BRB ivuga iti: « Twe turiteguye gutanga ama titres de trésorerie. » Kuko ni ibintu bibaho hanze. Muze kwandika muti: « Fablice yibiye akabanga Abarundi ko ibi ari ivyo hanze.  » Ibintu uza wumva ngo amabarabara, ngo turindiriye ibanki y’isi iduhe amahera. None turayabuze? Abarundi dukwiye gutahura ko Imana yaduhaye ibirengeye n’ivy’abazungu. Ariko kubera ubwo bumwe butugora, ni yo ngorane iguma igaruka. Rero ubu, iri ni ihishurirwa ry’uwuhoraho. Hubwo uwutarariha ni akazi kiwe. Akabona turitanguriye, mu myaka 10 dutanguye guhembwa, ntazorye imihari. Iki ni igikorwa c’uwuhoraho. Kandi ni Bus igira igende. Uwushaka yurire, n’uwudashaka areke. Abo bose bariko barahinyuza canke biyumvira ukwo, ni bareke bagire amahoro hanyuma abanyuzwe abe ari bo tugenda.

Hari abibaza bati: » None izo miriyaridi 500 zo kwubaka irya soko utazironse bizogenda gute?
N’iyo woba uryamye, nta n’umwe ayobewe ko urya mugambi ari uwunguka. Ico simbeshe. Ca ufata rero ko wewe uzanye 103.000 Fbu n’iyi azanye 103.000, abandi baravyanse. Jewe nca mvuga nti abanyamitahe banje 2 ni mugume ngaha. Nca ngenda kubwira ibanki nti mpa imiriyaridi zo kwubaka harya. Jewe banki niyampa imiriyaridi 10, zica ziba imiriyaridi 10 na 206.000 uwo niwo mutahe uca ukora kirya gikorwa. Inyungu izoboneka, none wumva mwebwe mutazopfa murya? Rero ntihagire umuntu yibaza ngo kudashiramwo umutahe ngo yoba ariko arahima abandi. Ni areke.

Mbega nyene umugambi wose uzokorwa ku mafaranga angahe?
Ivyo rero ni vyo twasiguye turavuga duti: » Ivyigwa biriko birakorwa ubu nyene. Kuko ivyakozwe, ni conception gusa. Ni design. Ariko ubu, ni co gituma Reta yaciye itwugururira tuhakubure, dukore ivyigwa vy’isi. Tugakuraho vyose ikaba imbuga, hace haza ibimashini bigire ivyigwa vy’isi. Ibizova muri ivyo vyigwa ni vyo bizotwereka nimba ya nzu igeretse 30 yohaja, tukabona uko umushinge utegerezwa kumera. Inyuma y’aho rero niho tuzoca dukora ibiharuro vy’ibikenewe(devis) ni ho tuzoca tubamenyesha duti: » Burya ca gikorwa cose kizotwara amafranga angana gutya. Kandi ayo ma études yose azoba muri arya mezi 6 baduhaye. Ubu nyene duhejeje kuhakubura baca bakorokerako. Arya mezi 6 ashobora guhera n’umushinge waraduze. « 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top