Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze akarere ka EAC: isabukuru ya Jenerali Muhoozi, Inama y’abakuru b’ibihugu b’akarere, bodaboda zabangiriwe guhagarikwa muri Tanzaniya…

Muri Uganda isabukuru ya Jenerali Muhoozi yarayazwe ryongera rirayagwa

Isabukuru y’imyaka 48 ya Jenerali Muhoozi Kainerugaba, imfura ya Yoweri Museveni arongoye igihugu ca Uganda yahimbajwe iminsi ibiri yose kandi mu buryo budasanzwe. Ku munsi wa gatandatutu itariki 23 Ndamukiza 2022 habanje haba ibirori bita « kasiki ». Ni ukuvuga urubanza rw’ibanze. Ivyo birori vyabereye mu mihingo itandukanye y’igihugu, nko ku kibuga « Lugogo » kiri ku mugwa mukuru no mu bindi bisagara bigize Uganda, vyitabiriwe n’abantu isinzi biyita ko ari abakunzi ba Muhoozi.

Ku munsi w’Imana itariki 24 Ndamukiza 2022 naho urubanza rw’isabukuru rya Muhoozi rwabereye ku kirimba c’Umukuru w’igihugu aho hari hategekanijwe gushika abatumire bagera ku 250 harimwo na Paul Kagame Umukuru w’Igihugu c’Urwanda, abaririmvyi rurangiranwa bo mu bihugu vyo mu karere n’abandi bubahwa.

Urwo rubanza rubaye mu buryo budasanzwe inyuma y’uko Jenerali Muhoozi asanzwe arongoye ingabo za Uganda zigwanira ku butaka yaheruka gutanga imihoho muri ayo mabanga, se wiwe ariwe Museveni ntabimwemerere. Ni inyuma kandi yuko aserutse mu biganiro vyo kunagura imigenderanire vyabaye hagati ya Uganda n’Urwanda. Bamwe mu bayagiye ikinyamakuru Daily Monitor dukesha iyi nkuru bakaba bavuga ko urwo rubanza rushobora kuba rufitaniye isano n’ibinugwanugwa yuko Muhoozi yoba azokwitoza mu matora yimirije ngo azosubirire se wiwe ku burongozi bw’igihugu.

Ikibazo c’umutekano wo mu buseruko bwa Kongo cafashwe mu minwe n’akarere kose

Ku wa 21 Ndamukiza 2022 abakuru b’ibihugu vya Kenya, Uburundi, Urwanda na Uganda barahuriye muri Kenya mu nama yo kwiga ingene ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bw’igihugu ca Reta iharanira demokarasi ya Kongo giherutse kwinjira mu muri EAC cotorerwa inyishu.

Ingingo zafunditswe muri iyo nama ni uko hotunganywa ibiganiro hagati ya Reta ya Kongo n’imigwi iyigwanya yose. Muri iyo nama harafunditswe kandi ko hashingwa mu maguru masha, igisoda c’akarere kizofasha gucungera umutekano muri ako karere bibaye ngombwa congere kigwanye n’iyo migwi.

Nkuko tubikesha ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi , Abakuru b’ibihugu bigize EAC bazosubira guhura kandi inyuma y’ukwezi kumwe kugira barabe aho gushira mu ngiro ivyafunditswe bizoba bigeze.

Aho muri Kongo nyene havugwa iduzwa ry’imishara y’abakozi ba Reta. Nkuko vyandikwa ku rubuga rw’iradiyo Okapi, umushahara w’ibanze wa buri mukozi wongerejwe gushika ku rugero rwa 30% hongera haragabanywa n’ikori ku mushara riva ku bice 15% rishirwa ku bice 3% vyonyene.

Kenya : baragandaye ariko kandi abanyamafaranga baguma bahahurumbira

Ku wa 22 Ndamukiza, Perezida Mwai Kibaki yahoze arongoye Kenya yaritavye Imana ageze ku myaka 90 y’amavuko. Uwo muhisi yagize perezida wa 3 wa Kenya, akaba yitavye Imana inyuma y’umupfasoni wiwe yapfuye mu 2016. Ikinyamakuru BBC dukesha iyi nkuru cibutsa ko umuhisi Mwai yari arumanije imyaka 30 ari muri poritike aho kuva mu 2002 gushika mu 2013 yari Umukuru w’Igihugu.

Uretse iyo nkuru y’umubabaro, ikinyamakuru Business Daily Africa naco canditse ku kigo kigiye kwugururwa n’ishirahamwe Google i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Uwo mugambi uzotwara umutahe ugera ku muriyaridi w’amadorare y’Abanyamerika ngo uzofasha mu kuronsa Abanyafrika ibihinguriwe iwabo, uronse akazi abafise ubumenyi mu vy’ubuhinga wongere unongerereze urugero rw’ikoreshwa rya interineti muri Afrika.

Rwanda: umushinwa yaciriwe igihano co gufungwa imka 20

Imvo n’imvano y’ihanwa ry’uwo mucukuzi akaba n’umudandaza w’amabuye y’agaciro ngo ni ireresi yakwiragijwe ku mbuga hwaniro imwerekana ariko arahasha n’inkoni umwe mu bo yakoresha yamubamvye ku giti kimeze nk’umusaraba.

Ikinyamakuru BBC candika ino nkuru, kivuga ko imvo yatumye uwo mushinwa ahana muri ubwo buryo uwo mukozi ngo nuko yoba yari yanyuruje umusenyi bayungurura bakuramwo amabuye y’agaciro. Inyuma y’isomwa ry’urwo rubanza ubuserukizi bw’Igihugu c’Ubushinwa mu Rwanda bwasavye abashinwa bose bahaba kwubahiriza amategeko y’Igihugu.

Muri Tanzaniya, ingingo yo kubuza amapikipiki n’amabajaji yunguruza abantu gushika hagati mu gisagara ca Dar Es Salaam yarahagaritswe

Iyo ngingo yari yafashwe n’umukuru w’igisagara ca Dar Es Salaam ariko iriyamirizwa cane gushika naho abagendesha ivyo vyuma bagira n’imyiyerekano. Bisabwe n’inama nshingamateka y’ico gihugu, umushikiranganji ajejwe ivy’intwaro mu biro vy’Umukuru w’igihugu yari yafashe iyo ngingo, yahavuye atangaza ko yoba irabangiriwe kuko yari gukora ku buzi bw’urwaruka rutari ruke. Nkuko vyandikwa na The Citizen iyo ngingo ikaba yari kuja mu ngiro itariki 20 Ndamukiza.

Amakuru yatororokanijwe na Liévin Niyogusengwa

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top