Habib Nsikonenne ni umugwizatunga wo mu gihugu ca Uganda mu gace kitwa Mukono akaba yamenyekanye ku munsi w’ubugeni bwiwe aho yubakanye n’abagore indwi harimwo babiri bavukana na babiri basangiye izina Aisha. Aya hamwe n’ayandi ni amakuru yaranze akarere ka Afirika y’ubuseruko EAC mu ndwi yo kuva ku wa 11 gushika ku wa 17 Nyakanga 2023. Kaze muyisomere
Ku wa 10 Nyakanga, mu gitondo c’umunsi w’ubugeni isaha zibiri z’igitondo, abo bakenyezi indwi bagiye gusokoza umushatsi mu kuja kubatora umwe umwe wese bamutoye mu modoka yiwe ifise imparati yanditse izina ryiwe. “Mu myaka 57 maze, sinari bwigere mbona ubugeni nk’ubu. Ni inkuru kuri twebwe.” Vyashikirijwe n’umwe mu babanyi ba Habib
Habib Nsikonenne kuri uyo munsi w’ubugeni bwiwe yarashimiye cane abakenyezi biwe ku bwizigirwa bamweretse. Mukuru muri bo bari bamaranye imyaka indwi, ariko yashimye ko ubugeni bubera umunsi umwe n’abandi “Umugore umwe umwe namwerekanye mu muryango wanje ukwiwe, nipfuje ko ubugeni bwobera umunsi umwe kugira nshinge umuryango wagutse kandi uhimbawe.” Yarabandanije ati: “Ndacari muto, sinovuga ko mpejeje, Imana ibishatse nozana n’abandi bagore” Inkuru tuyikesha ikinyamakuru The Citizen
Hajj Abdul Ssemakul, umuvyeyi wa Habib avuga ko uwo mugenzo wamyeho mu muryango wabo:” Sokuru wanje yubanye n’abagore batandatu mu nzu imwe bahagabura n’irido. Umuvyeyi wanje nawe nyene yari afise abagore batanu, na jewe n’ubakanye n’abagore bane bose tubana mu nzu imwe.”
Abasoda b’abarundi ni bo bizewe bonyene muri RDCongo
RDCongo yagiriza abasirikare bo mu bihugu vy’Afirika y’ubuseruko ko bakorana n’abaroberi ba M23 kiretse abaririkare b’Uburundi. Ico cizere RDCongo ifitiye Uburundi si icavuba ni ico kuva kera nk’uko tubisoma mu kinyamakuru Rfi
Igisirikare c’Uburundi kiriko kirizerwa mu karere k’Ubuseruko bwa RDCongo. Muri ako karere k’Ubuseruko, Uburundi buharura ko bufiseyo ibatayo 4. Ni ukuvuga abasoda 3200, hamwe n’ibatayo 1 iri mu buraruko bwa RDCongo (Nord-Kivu). Hakaba haherutse kurungikwa abandi basoda 800 (batayo 1) mu bumanuko bwa RDCongo (Sud-Kivu) biyongereye kuri batayo 3 zari zisanzwe ziriyo…
Tubibutse ko mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC iheruka kubera muri Kenya, bongeye ikiringo c’amezi atatu gushika mu ntango z’ukwezi kwa Kigarama kugira abakuru baronke umwanya wo kurabira hamwe igikorwa cakozwe. Ikinyamakuru RFI giheraheza kivuga ko naho izindi ngabo zisanzweyo zokugwayo, abasirikare b’Uburundi aribo bazogumayo.
Hagiye kwubakwa urugomero rw’umuyagankuba n’amasoko ntanganguvu mu Rwanda
Urwanda rwarashize umukono ku masezerano n’ishirahamwe Dual Fluid Energy ko bagiye kwubaka urugomero rw’umuyagankuba n’amasoko ntanganguvu ku wa 12 Nyakanga 2023, mu ntumbero yo gutanguza ubuhinga bushasha buzimbutse gusumba ubwahahora, kugira bashobore gutorera inyishu ikibazo c’amasoko ntanganguvu cerekeye Afirika.
“Urugomero ruzosahiriza mu guhingura umuyagankuba n’amasoko ntangaguvu, ruzoba rworoshe kwunguruza be no gukoresha. Ni urugomero rugezweho rworoshe gukoresha canecane mu Rwanda co kimwe no mu bihugu vy’Afirika bitaratera imbere mu bijanye n’inyubako”, vyashikirijwe na Dr Claire Schaffnit-Chatterjee, umuyobozi nshingwabikorwa
Mwomenya ko, urwo rugomero ruzokwubakwa mu gace ka Bugesera mu bumanuko bw’igisagara ca Kigali, nk’uko tubikesha RFI. Ibikorwa vy’iyo nyubako bizomara imyaka ibiri, bizotangura mu ntango ya 2024 gushika 2026.
Kenya: Umwana w’umukobwa afise imyaka 12 yabanye n’abagabo babiri mu kwezi kumwe
Se w’umukobwa asanzwe aba mu gace ka Narok yategetse umukobwa wiwe kuja ku mugabo w’imyaka 51 ngo amubere umugore, kuko yatanze inkwano y’inka 4. Uwo mwana akivyumva yaravyanse, bavyara biwe bamurengerako baramukubita. Wa mwigeme amaze kugenda, haciye iminsi yaratorotse aja ku mugabo w’imyaka 35. Agira ati: “Naratorotse, hanyuma kubera ntashobora kugaruka kwa Dawe kubera natinya ko angirira nabi, naciye ntorokana n’umugabo w’imyaka 35, asanzwe afise uyundi mugore”. Nyuma yaho, Se w’umukobwa yaramurondeye amaze kumutora amusubiza kuri wa mugabo w’imyaka 51, nk’uko tubisoma mu kinyamakuru BBC
Joshua Kaputah wo mw’ishirahamwe riharanira amahoro mu karere ka Narok amenyesha ko ubukene n’iyugarwa ry’amashure kubera corona virus biri mu vyatumye abana b’abakobwa baheba amashure bakaja kwubaka bakiri bato. “Imiryango imwe irashonje, babonye akaryo ko kuronka inkwano y’inka zibiri, zitatu… birabagerageza”.
Igiporisi kikaba kiriko kirarondera Se w’umukobwa nabo bagabo babiri babanye n’uwo mwana, bose bakaba barahunze. Mu gihe bofatwa, bopfungwa ikiringo c’imyaka 5 n’ihadabu ryababa umuriyoni w’amashiringi ya Kenya (10 000$)




