Mu gihugu ca Uganda ibitigiri vy’abagabo bashaka ko bakorerwa ibipimo kwa muganga kugira bamenye nimba vy’ukuri ari ba se w’abana babo bibandanya kwiyongera. Hari ubwoba bw’uko ingo zishobora gusambuka mbere n’abana bakaba bohungabana mu bwenge. Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze indwi yo ku wa 31 Mukakaro gushika ku 6 Myandagaro 2023.
Ivyo kugirirwa ibipimo vyo kumenya nimba umugabo ariwe se w’abana biriko biravugisha benshi inyuma y’aho hari umugabo w’umugwizatunga yari afise abagore benshi, aho yagiranye ikibazo n’umwe mu bagore biwe bituma aca asaba ibipimo vyo kwa muganga vyo kumenya nimba ari we se w’abana. Amakuru avuga ko uwo mugabo ari se w’amaraso w’abana 15 gusa mu bana biwe 25 bose hamwe.
Iyo nkuru yarakwirakwiye hirya no hino mu Buganda, n’ubwo uwo mugabo w’umugwizatunga n’umuryango wiwe ata co bayivuzeko. Ariko abashingamateka bamaze kwumva izo nkuru ngo baciye basaba bashimitse ko abagabo boreka gushira imiryango n’abana babo mu bipimo bituma bagira ihungabana.
Ivyo biri ukwo mu gihe umuvugizi w’umushikiranganji w’umutekano muri ico gihugu yavuze ko habaye ukwiyongera hagati mu kwezi kwa Mukakaro, aho ibitigiri vy’abasaba kwipimisha kugira bamenye ko abana ari ababo vyerekana ko vyigwije incuro 10, kuko bahora bakira nk’abantu 10 ku munsi ariko ibitigiri vyari bigeze ku bantu 100 ku munsi
Umushikiranganji ajejwe ibijanye n’amabuye y’agaciro we yavuze ko abanyagihugu ba Uganda bokwemera kubaho nk’uko abasokuru babo babaho. Ati : « Umwana avukiye mu nzu yawe ni umwana wawe. »
Tanzaniya : abantu 691 baciriwe urwo gupfa basaba ko bobanyarukiriza bakanyongwa
Mu mabohero ari mu gihugu ca Tanzaniya ngo hari abapfungwa benshi baciriwe urubanza rwo kumanikwa bakicwa. Ariko bamwe bakavuga ko baruhishijwe no kuguma barindiriye kumanikwa ngo bicwe kubera ko Umukuru w’igihugu aratera umukono wo kwemeza ko ico gihano bogihabwa bakamanikwa.
Ibiharuro biva mu mabohero ari mu gihugu ca Tanzaniya vyerekana ko hari abapfungwa 691 barindiriye ko igihano co kwicwa bamanitswe coshirwa mu ngiro. Bakavuga ko haheze imyaka mirongo itatu ico gihano bataragihabwa. Ariko amakuru ava mu burongozi akavuga ko babaye barahagarika ivyo bihano kandi ko ico gihano co kumanikwa cosubirirwa n’ico gufungwa uwo guherayo, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru TBConline
RDCongo: gusubiranamwo kwa Wazalendo kwatumye abantu barenga ibihumbi 10 bata izabo
Muri RDCongo abanyagihugu bo mu karere ka Masisi mu ntara ya Kivu ya ruguru baradurumbanijwe n’indyane ziri hagati y’imigwi APCLS na Nyatura yompi yiyita Wazalendo. Iyo migwi yahora isenyera ku mugozi umwe mu gufasha ingabo za Reta kurwanya M23, yasubiranyemwo bituma abanyagihugu bagera ku bihumbi 10 bata ingo zabo.
Abariko barahunga baja kwiyongera ku bandi banyagihugu bari mu makambi yo hafi ya Goma arimwo abantu barenga ibihumbi mirongo itanu, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru BBC.
Kaminuza y’Urwanda yarakiriye abanyeshure 160 bavuye muri Sudani
Ku banyeshure 200 bitezwe, 160 barakiriwe mu Rwanda mu gisata c’ubuvuzi bavuye i Khartoum muri Sudani. Inyubakwa bahora bigiramwo mu gihugu ca Sudani zimwe zarasambuwe izindi zirafatwa n’Umugwi w’abagwanyi b’iterabwo FSF (Rapide Support Forces). Abo banyeshure bagiye mu Rwanda bari kumwe na bamwe mu bigisha n’abavyeyi babo.
Imbere yuko abo banyeshure bashika, abigisha babo bari babanje gushika mu Rwanda kuraba ingene amashure azobakira yubatse n’ibikoresho biyarimwo, bakaba basanze hatunganijwe neza cane kuburyo bubereye kwakira abanyeshure. Abo banyeshure bakazomara amezi 8 biga bongera banakora ibibazo. Kandi bakaba bazoca banahabwa impapuro z’imitsindo, kubera ko bari basanzwe biga mu mwaka wa nyuma wo kurangiza amashure, nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Rwanda News Agency.




