Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Ingo zababa 4.000 zahuye n’ibiza n’isibe kuva 2020 zigiye kwubakirwa

Izo ngo zo muri Gatumba, Rumonge na Nyanza-Lac zarataye ziromoka bivuye ku myuzurira yatewe n’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika n’isesa ry’amazi ya Rusizi. Izo ngo rero zigiye kwubakirwa ibigwati vy’akarorero nk’uko bishikirizwa na Anicet Nibaruta, umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe gukinga impanuka mu Burundi.

Abagize izo ngo z’abateshejwe izabo biturutse ku biza n’isibe biterwa n’ihindagurika ry’ibihe, ubu bari mu ma site mfatakibanza ya Kinyinya II, Maramvya-Sobel na Mafubo muri komine Mutimbuzi, site y’i Mayengo muri komine Rumonge, na site Gisheke yo muri komine Mugina. Ivyo bishikirizwa n’Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca mu vyo ajejwe harimwo gukinga impanuka.

Anicet Nibaruta, umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe gukinga impanuka mu Burundi, amenyesha ko imiryango yahuye n’ibiza n’isibe bamaze kuyironkera aho bazoyishira mu bigwati vyiza vy’akarorero.

Agira ati : « Turamaze kuronka amahegitari 5 muri komine Kabezi iri mu ntara ya Bujumbura. Twararose n’itongo ringana amahegitari 9 muri komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura. Twaranarose kandi n’ikibanza tuzoshiramwo iyo miryango itagishobora gusubira aho yavuye mu ntara ya Rumonge. »

Arongera akavuga ko ubushikiranganji buriko bukora ibishoboka vyose kugira ngo iyo miryango ishobore kwubakirwa. Kandi Reta yaratanze intumbero yuko hagiye kwubakwa ibigwati vy’akarorero.

Uyo muyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe gukingira abantu mu bihe vy’ibiza n’isibe mu Burundi abandanya avuga ko ivyo kwubakira abantu utuzu tubayabaye Reta yavyiyamirije : « Ni ukwubakira abantu amazu meza. Kuko kwubakira umuntu inzu isa n’iyo yari afise yabomotse, aca aguma yiyumvira ko n’iyo aronse izomutera ibibazo nk’ivyo yahozemwo. »

Hari n’abateshejwe izabo bari bamaze kwubakirwa…

Kubw’umuyobozi w’igiporisi kijejwe gukinga impanuka, hopfuma hubakwa zikezike hako hubakwa nyinshi zisubiza igihugu mw’ihumbi. Nk’akarorero, mu mpera z’umwaka wa 2019 hari inzu 250 zubatswe i Gisheke muri komine Mugina mu ntara ya Cibitoke. Zimwe zimwe muri zo ziramaze kwononekara : « Turiko turasaba ko zosubira gusanurwa. Iyo hubakwa 50 ariko nziza kuva aho zubakiwe, uno munsi kumbure tuba tumaze kuronka izindi 50. Bukebuke hakazoshika aho twubakira bose ariko nziza kandi zikomeye. Bimwe vyo kwubaka inzu zidafashe dusaba abadufasha yuko bobikura mu nteguro. Tugiye kwubaka ibirwati vyiza vy’akarorero mu ntumbero Reta yatanze. »

Anicet Nibaruta avuga ko mu mwaka wa 2015 abantu bahuye n’imvura y’isegenya barata izabo bavuye muri komine ya Muhuta mu ntara ya Rumonge babubakiye ahitwa ku Mayengo. Babayeho neza, bafise amatara kandi baba mu nzu nziza. Anamenyesha ko igikorwa nk’ico bagikoze no muri komine Mugina ahitwa Gisheke aho umusozi wasenyutse mu mpera z’umwaka wa 2019, hanyuma bafashijwe n’ishirahamwe PNUD, bakaba barashoboye kububakira amazu.

Agira ati : « Ni vyo, amwe amwe mu mazu twahubatse yarononekaye ariko turiko turasaba yuko yosubira gusanurwa. Aho hantu rero no kuhashika vyari bigoye kuko hari ikibazo c’ikiraro co ku ruzi Nyatubindi cabanje gukorwa. Ubu rero PNUD tukaba turiko turayisaba ko yokwubaka n’ishure kugira abana bava mu miryango iri muri iyo site ya Gisheke bashobore kuronka aho biga hafi. »

Anicet Nibaruta akaba yabivuze mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa 1 Ntwarante 2022 mu gihe hahimbazwa ku ncuro ya 13 mu Burundi, umunsi mpuzamakungu wahariwe gukinga ibiza n’isibe, ku civugo kigira giti : « Uruhara rw’ikigo co gukingira abenegihugu, ivyabo n’ibidukikije, mu gihe c’ibiza n’isibe. »

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top