Kurandurana n’imizi inda z’indaro mu mashure gushika ku rugero rw’ibice 0%, ihangiro rya FNUAP n’Ubushikiranganji bw’Indero, niryo ryari ishimikiro ry’ikiganiro cariko kiraca ku nsamirizi Izere yo mu Rumonge ku muhingamo wo kuri uwu wa 22 Kigarama 2020.
Ku ncuro y’umunani, ishirahamwe FNUAP ryaratunganije isekeza rya buri mwaka ryo gukangurira abajejwe indero bose kugwanya inda z’indaro mu mashuri mu mugambi « Menyumenyeshe ». Ico gikorwa caciye ku nsamirizi zitandukanye, Radio Nderagakura i Bujumbura, Humuriza i Gitega, RTV Buntu i Ngozi hamwe na Radio Izere mu Rumonge.
Mu kiganiro canyuma mu Rumonge, abatumire bagize ivyo bashikiriza ku bikorwa biriko birashirwa mu ngiro kugira bashikire inda z’indaro 0 mu mashure.
Jean Marie Niyangabiye, umuhanuzi ajejwe inyigisho mu ntara ya Rumonge avuga ko kuva aho hatangurijwe umugambi Menyumenyeshe wigisha ibijanye n’ubuzima ndoragitsina mu rwaruka, inda z’indaro zigenda zira gabanuka ku mwaka ku mwaka. Agira ati: « Mu ntara ya Rumonge, mu mwaka wa 2017,abanyeshure batwaye inda z’indaro bari 232, mu mwaka wa 2018 baragabanutse baba 122, mu 2019 na ho bangana na 120, na yo mu mwaka wa 2020 abanyeshure batwaye inda z’indaro baramanutse gushika ku 78 ».
Afatiye kw’ikomine ya Rumonge iza imbere mu gutwara inda z’indaro mu rwaruka rukiri kw’ishure, uyo muyobozi ajejwe inyigisho avuga ko baticaye babandanya bigisha urwaruka ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza mu rwaruka.
« Amavuriro mugenzi w’ugwaruka arafasha cane »
Jean Claude Ndikumasabo umuyobozi ajejwe amagara y’abantu mu Rumonge avuga ko bahimiriza urwaruka kwijukira kwitura amavuriro mugenzi w’urwaruka.
Afatiye ku kuba ibice vyababa 16% vy’urwaruka ruba rumaze gukora imibonano mpuzabitsina, uyo muganga amenyesha ko hashizweho amavuriro mugenzi w’urwaruka 10 mu ntara yose ya Rumonge. Ni ukuvuga amavuriro mugenzi w’urwaruka 2 kuri buri komine.
Urwaruka rukaba rwaratanguye kwijukira kwitura ayo mavuriro, aho bigishwa ibijanye n’ihindagurika ry’imibiri yabo n’ingene bokwitwara bivanye n’ibigero bagezemwo.
Ubukene bwica vyinshi

Jérémie Hakizimana ahagarikiye umugambi Menyumenyeshe mu ntara ya Rumonge avuga ko ibikorwa vyo kurwanya inda z’indaro mu rwaruka bigeze ku ntambwe ishimisjije: « Kuberako twabonye ko hari abavyeyi bigira ba sindabibazwa, turiko turabahimiriza kwijukira kuganira n’abana babo mu miryango, bakavuga batarya umunwa kugira ivyo bita ibizira abana bakure babizi, kandi batsimbataze indero yo ku ziko ».
Nayo Violette Ntakirutimana, umunyeshure yatowe kugira aserukire abandi bigeme muri ico kiganiro avuga ko abatwara inda z’indaro akenshi bakangwa n’ubukene buri mu miryango bavamwo gutyo bagatwarwa n’amaronko: « Mu rugamba rwo gutuza inda z’indaro duhimiriza urundi runganwe kubumbwa n’ubuzima babayemwo, bakirinda kunohokera ibishobora kubicira kazoza ».
Kuberako cari ikiganiro, hari n’abahamagara kw’iradiyo batanga intererano z’uko urwaruko rwoza rurifata kandi rukaza ruraganira n’abavyeyi barwo kenshi gashoboka.




