Muri iki gihe, amakoperative ariko ashingwa ku murindi bitahorako mu minsi irenganye. Abanywanyi ibihumbi n’ibihumbi bariko begeranira hamwe mu gushinga amashirahamwe yo kwiteza imbere cane cane mu gihugu hagati, kugira ngo haboneke ubuzi, eka n’umufuko uhabombokere. Twisunze ibiharuro duhabwa n’ikigo ANACOOP, turabashushaniriza uko igisata c’amakoperative cifashe mu Burundi.
Imbere y’uko ikigo kijejwe guha intumbero no guteza imbere amakoperative mu Burundi ANACOOP kivuka mu mwaka wa 2019, ikigo API kijejwe guteza imbere abanyamitahe ni co cari gifise igikorwa co kwandika koperative nshasha yose ivutse kuva mu 2013. Yose hamwe, gushika ku wa 31 Ntwarante 2021, amakoperative ashika 10.164 ni yo yari amaze kwandikwa mu gitabu ca ANACOOP.
Muri ayo makoperative, ayashika 3.128 (ni ukuvuga ibice 31%) ni amakoperative «Sangwe, ya yandi yo ku mitumba yashirwaho na Reta kuva mu mpera za 2018. Kubw’ihimiriza ryagiye rirakorwa n’abategetsi batandukanye, ishingwa ry’ayo makoperative ryatumye abanyagihugu batari bake bijukira cane kuja mu makoperative. Ivyo bikaba bigaragarira kuri iki gicapo ca 1 aho cerekana ibiharuro biri hejuru cane mu mwaka wa 2019 Ikigicapo catunganijwe hisunzwe ibiharuro vyatororokanijwe na ANACOOP.
Igicapo 1: ingene amakoperative yagiye aravuka kuva mu 2013-2020

Ayo makoperative yavutse yarashize imitahe mu bisata vy’ubutunzi nka vyose ariko bigabanganijwe mu mice 6 nk’uko itegeko riyagenga ribitegekanya: hariho amakoperative agwiza umwimbu ayo akaba akorera mu burimyi, mu bworozi, mu mahinguriro n’ahandi. Hakaba ayakorera mu vy’ubudandaji, ayo kuziganya n’ukuguranana, ayakora ivyo gutunganiriza abayituye, ayakorera mu butare, n’ayakorera mu buzi busukiranije.
Muri iyo migwi yose y’amakoperative, ayakorera mu bisata vyo kugwiza umwimbu n’ayakorera mu bisata bitandukanye, aza imbere y’ayandi ku bice 44% na 43%, uko yakurikiranye. Ivyo bice vyifashe uko kuko: ku ruhande rumwe amakoperative menshi ni ayarangurira imirimo mu gihugu hagati kandi abanywanyi bayo bakaba bakorera mu burimyi n’ubworozi. Ku rundi ruhande, amakoperative ahitamwo gushira imitahe yayo mu bisata bitandukanye kugira ngo arabe ko yogwiza amahirwe y’ukuronka akanyungu gadutubutse.
Iyo migwi ibiri ikurikirwa n’amakoperative akorera mu vy’ubudandaji ashikana ibice 12%. Imigwi 3 yindi ifise ibice biri hasi: Usanga biri munsi canke bingana n’ibice 3%, nk’uko mushobora kuvyirabira kuri iki gicapo ca 2 Igicapo na conyene catunganijwe hisunzwe ibiharuro vyatororokanijwe n’ikigo ANACOOP.
Igicapo 2: Ingene amakoperative agabuye hafatiwe ku vyo akora ku yashinzwe kuva muri Nzero 2020-2021

Abanywanyi b’amakoperative ni bande?
Benshi ni abanyagihugu batobato dufatiye ku buryo. Hafati aho kandi abagabo ni bo besnhi bashika ibice 62% nayo abakenyezi bakangana ibice 38%, nk’uko ibiharuro vyatororokanijwe n’ikigo ANACOOP ku ma koperative hagati ya Nzero 2020 na Ntwarante 2021 bivyerekana.
Amamiriyaridi n’amamiriyaridi mw’irangurwa ry’imigambi y’amakoperative
Burya umugambi w’amakoperative ntushoboka igihe ata buryo bushizwe hamwe. Muri ca kiringo co kuva muri Nzero 2020 gushika muri Ntwarante 2021 honyene hakoreshejwe amafaranga arenga imiriyaridi 10 z’amarundi zatererewe n’abanywanyi b’amakoperative nk’umutahe. Ayo makoperative akaba afise ihangiro ryo gutanga ubuzi burenga 6.600 yose hamwe. Vespucci Sengoga, atwara igisata co kwandika amakoperative mu kigo ANACOOP, agira ati: « Naho ubwo buzi usanga vy’ukuri butatanzwe bwose nk’uko biri mu ndinganizo, kuko abanywanyi bahitamwo kuvyikorera ubwabo, kandi nkako si na bibi, ayo mahangiro arerekana neza ko igisata c’amakoperative mu Burundi gifise inguvu zidasanzwe mu guteza mbere ubutunzi bw’igihugu na bene co muri rusangi« .




