Inyuma y’imyaka 6 uwo mugambi wari umaze ukora, hatunganijwe kuri uyu wa 6 Kigarama, mu nyubakwa zimigambi ifatwa mumugongo nikigega mpuzamakungu citaho uburimyi FIDA, ibikorwa vyo gushikiriza ivyakozwe mu ntara 8 zawurangurirwamwo.
Mu gihe umugambi PRODEFI II washizweho kugirango ubandanirize aho PRODEFI I wari wagejeje, uwo mugambi wakoreye mu ntara za Bubanza, Cibitoke, Gitega, Karusi, Kayanza, Muramvya, Muyinga na Ngozi.
Alain Traoré, umwe mu bahinga batunganije isozerwa ry’uwo mugambi, ashikiriza ko intumbero nyamukuru za PRODEFI II, ari : kwungura amikoro y’abari mu mugambi, uguhangana n’ingwara zituruka ku gufungura nabi, guha ubumenyi n’ubushobozi abarimyi n’aborozi mu ntumbero yo kugwiza umwimbu, kwigisha abenegihugu uburyo bwo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, kugwiza umwimbu w’umuceri n’amata, hamwe no guteza imbere igisata c’akazi mu bakiri bato.
Ibikorwa birashimishije
Nk’uko uwo muhinga Alain Traoré abandanya abishikiriza, ivyashitsweko si agaseseshwa rumuri, birashemeye. Aho aravuga nk’umwimbu w’umuceri urimwa mu myonga yo ku misozi yavuye ku matoni 2,09/ha, uja kuri toni 5/ha, mu gihe umuceri urimwa mu myonga na wo wavuye ku matoni 3,77/ha uja kuri toni 6/ha. Ibigori na vyo vy’ibivyarwa bikaba biri kuri toni 6,8/ha.
Ku bindi vyakozwe, imyonga ingana 4.000 ha yaratunganijwe neza mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo, hamwe n’itunganywa ry’imisozi ingana n’amahegitari we 29.000 ihanamiye imyonga, mu guca imikobeko no mu gutera ibiti vyo gukinga inkukura no kugwanya ubugaragwa.
Mu bworozi, ibitungwa bingana na 6.866 vyarahawe imiryango ingana 6.073 mu ntumbero yo kugwiza umwimbu w’amata, hakaba haranashizweho ibigo 9 vyo kuyegeranya vyahawe n’ibikoresho bikwiye.
Ciza Victor, umurimyi wa kijambere wo muri komine ya Muruta mu ntara ya Kayanza ashikiriza ko imbere y’uko aja mu mugambi wa PRODEFI II, yahora yimbura ibiro 150/ha, ubu na ho akaba yimbuye itoni 6/ha.
Hambavu y’uburimyi n’ubworozi, umugambi PRODEFI II warashikiriye no mu gisata co gutunganya amatongo, aho hashizweho ibigo 4 vyo gutunganiriza abenegihu muri ico gisata, aho hanatanzwe impapuro ndanga matongo zingana 9.445, na zo zikazotuma abazironse zibafasha kuronka ingurane mu mabanki.
Hoba hazokurikira iki?
Mu bitagenze neza, harimwo ibikorwa vyagiye birarandira bivuye ku kiza ca koronavirisi, catumye ibikoresho bidashobora kwinjira mu gihugu, hamwe n’ihindagurika ry’ibihe ryatumye ivyubatswe bitari bike, nk’ingomero, bimera nabi.
Kuri ivyo bikorwa bitashoboye kurangira, Joseph Rostand Olinga Biwolé arongoye ivyimfatakibanza FIDA mu Burundi ashikiriza ko ibijanye no guhangana nikiza covid bizoherahezwa mu kiringo camezi 4. Agasaba abenegihugu kubungabunga ivyo PRODEFI ibasigiye.




