Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Tuduge kwigisha uburyo bubereye bwo kubikora

Blaise Nkuriyingoma, Umuyobozi mpuzabikorwa w’ikinyamakuru Jimbere

Pascal ni umwe mu banywanyi ba koperative y’abanyonzi b’amakinga, mu gisagara ca Bujumbura. Uno munsi arahimbawe cane n’uko ashobora kwirangurira imigambi kuko atariko vyahoze, ivyo na vyo akabikesha koperative yo imuronsa ingurane : Ejo bundi yatse ingurane y’amafaranga angana 130.000 vy’amarundi, avuga ayashize mu burimyi. Ntivyatevye, iyimbura rigeze yimbuye itoni n’ibiro amajana atanu vy’ibiraya.
Uwu munyonzi aremeza ko cokimwe na bagenzi biwe basangiye koperative ubuzima bwabo bwahindutse bishimishije. Agira ati : « Kuja muri koperative ni ivy’igiciro kinini kuko bimfasha mu kwikenura muri vyinshi, haba mu gukoresha ikinga iyo ripfuye, mu gusuma, kuriha inzu, kwigisha abana eka n’ibindi. Si ivy’imbeshere, ntaraja muri koperative ubuzima bwari bungumiye cane. »

Iyi nkuru y’ubuzima bwa Pascal itwibutsa ukuntu abantu benshi cane cane urwaruka usanga ruriko ruva mu miryango yarwo, rukirukira mu bisagara aho bamenyesha ko baba bariko baja kurondera ubuzima. Ni ivy’ukuri abenshi baba mu gihugu hagati babeshejweho n’uburimyi. Ni bwo bakuramwo utwo batamira : Nubwo ica kane c’ubutunzi bw’igihugu buva mu burimyi, ico gisata kigatanga akazi ku bice 80%, ibiharuro vyerekanye ko umwimbu udashimishije (Tubisoma muri PND 2018-2027).
Bisigura ko uburimyi bwinjiza uburyo bubayabaye. Ikibazo, si bose bagize amahirwe nk’aya Pascal. Igica cama cayazwe kenshi kinakunzwe mbere cahindutse nk’ururirimbo nubwo kibabaje ni uruja n’uruza rw’abirukira mu bisagara kurondera ubuzi. Basanga ubuzima nyabuna buzimvye kandi si mpaka ngo bashike bakaronka. Tubibutse gato ko íbice birenga 65% vy’urwaruka badafise akazi nk’uko vyerekanwe n’amashirahamwe Reja na Adisco 2016).

Si mu Burundi gusa. No mu bindi bihugu bigize umugabane wa Afirika, ikibazo c’ubukene usanga kigwiriye mu banyagihugu baba mu gihugu hagati.
Nk’uko ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro mu gihugu ISTEEBU cavyerekanye, mu 2014, amikoro y’ingo zo mu bisagara arisununuye ugereranije n’izo mu gihugu hagati aho ubukene bufiswe n’abantu bangana ibice 23,6% kuri 62%,
mu gihugu hagati. Mu ntumbero yo kurondera gutorera inyishu ico kibazo, abanyagihugu bahamagariwe kuja mu makoperative : Uburyo Reta y’Uburundi, ibihugu bicuti, ndetse n’amashirahamwe azogumba guterera mw’iterambere ryo mu gihugu hagati, buzohora bu cishwa mu makoperative.
Ikibazo gica kiza, ni iki gikurikira: Vy’ukuri abahurikiye mw’aya makoperative baratahura ivyo barimwo, ivyo bahamagarirwa gukora, n’iyo bagana ? Twarabagendeye, twasanze hari ukuntu bitoroshe : Ni vyo, ku ruhande rumwe baravyishimiye, mbere bariteguriye kwerekana ko bashoboye.
Ku rundi ruhande bafise intambamyi, z’ugutunganya ivyabo uko bidashemeye, aho bakorera hataborohereza.

Igihe ikinyamakuru Jimbere, kibicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, cerekana igicapo c’ibisata vyashizwe imbere y’ibindi mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha mu 2021-2022, abakoresha izo mbuga barabihererekanye.
Mu miriyaridi 195 z’amarundi zizokora, izishika 87,8 (hafi ica kabiri c’ayazokora mu bindi bisata vyose) zizoshigikira imigambi y’amakoperative yo ku mitumba. Bamwe mu basomyi vyarabahimbaye cane abandi bati : « Birahimbaye cane kuba hiyumviriweko iterambere ryo mu gihugu hagati, ariko none intunganyo ijanye n’ikoreshwa ry’ayo mafaranga yoba
yarizweko neza yongera iranoganzwa ?»

Abatari bake baribuka amafaranga angana n’imiriyaridi 29,1Fbu yakoreshejwe mu gushigikira amakoperative Sangwe ashika 2.911 yo ku mitumba itandukanye mu gihugu, hari mu mwaka wa 2019, bazihabwa nk’ingurane izorihwa mu myaka 2.
Nk’uko icegerenyo cavuye mw’isuzumwa ryakozwe mu koperative yakoresheje ingurane ya Reta kivyerekana, amakoperative 6 kuri 10 yarungutse.

None ubu twoshobora kuvuga ko iterambere ry’amakoperative mu Burundi ryashinze imizi ? Mu kinyamakuru Jimbere dushira imbere ibintu biboneka kandi vyatohojwe neza.
Ni co gituma twahisemwo kw’ishikira ku rubuga kuraba iyo ibikorwa vy’imigambi y’ayo makoperative bikorerwa. Muri iyi nomero y’ikinyamakuru rero, tuguhamagariye kwisomera no kwimenyera ukuri kugezweho ku vyerekeye amakoperative biciye mu matohoza n’inkuru zatororokanijwe hirya no hino n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru
Jimbere.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top