Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Ivyo tuzi ku makoperative Sangwe yo ku mitumba inyuma y’isuzumwa yagiriwe…

Ku makoperative Sangwe 2.909 yaronkejwe ingurane na reta, 1.807 (canke urugero rw’ibice 62%) yarashoboye kwunguka/Jimbere

Mu mafaranga Reta y’Uburundi yategekanya gukoresha mu mwa-ka wa 2019-2020, amafaranga y’amarundi angana n’imiriyarindi 29,1 yari agenewe amakoperative Sangwe yo ku mitumba 2.911. Ayo makoperative yafashwe mu mugongo biciye mu kuyaronsa imwe imwe yose ingurane y’imiriyoni 10Fbu, izosubizwa mu mya-ka 2. Ibiharuro bitangwa n’abagize isu zuma muri ayo makopera-tive vyerekana ko ibintu vyifashe neza muri rusangi.

Nk’uko ico cegeranyo kibandanya kivyerekana, ku makoperative 2.911 yari kuronka ingurane ya Reta y’imiriyoni 10Fbu, amakoperative 2 gusa ntayo yaronse. Imvo ? « Ayo mafaranga yasabiwe muri CAPEDEBU iyo na yo ikaba ari ibanki nto yahomvye, mbere ubu yugawe n’ibanki nkuru y’Igihugu BRB. » Uti none aya makoperative 2.909 yaronse ingurane yo vyifashe gute ? Uku ni ko ibintu vyifashe inyuma y’isuzumwa ryabaye muri aya makoperative :

Amakoperative 6 kuri 10 yarungutse

Ku ma koperative 2.909 yaronse ingurane, 1807 yarashoboye kwunguka. Ni ukuvuga urugero rw’ibice 62%. Ayo na yo ari mu muce wa mbere w’amakoperative ari mu mugwi urangwa n’ibara ry’icatsi kibisi ryerekana ko ubutunzi bw’imw’imwe muri ayo makoperative bungana canke buri hejuru y’amafaranga y’amarundi imiriyo 10.Umugwi w’akabiri ugizwe n’amakoperative afise ubutunzi buri hagati y’imiriyoni 5 na 10 imwe imwe. Ayo makoperative na yo akaba ashika 871 (ni ukuvuga ibice 30%), arangwa n’ibara ry’umuhondo. Ubwa nyuma haza ama koperative 233 (ni ukuvuga ibice 8%), ayo na yo ubutunzi bwayo bukaba buri munsi y’imiriyoni 5 z’amafaranga y’amarundi…

Amakoperative Sangwe yaragwije uburyo…

Ubutunzi bwose hamwe bw’amakoperative bwongerekanye gushika ku mafaranga arenga imiriyaridi 4, ivyo bica bituma ku ma koperative 2.909 aca agira ubutunzi bungana n’imiriyaridi 33,3 Fbu. Ni ukuvuga ko hiyongereyeko ibice vyababa 15%. Ubutunzi bw’ayo mashirahamwe bushira hamwe ibintu bitatu vyaranguwe harimwo ivyegeranirijwe hamwe, ibitungwa, n’umwimbu witezwe. Igiciro c’ivyo vyose giharurwa mu miriyaridi zirenga 25,7 Fbu, ni ukuvuga ibice 77% vy’ubutunzi rusangi. Amafaranga ari mu kigega canke kuri konte y’amakoperative yabonetse mu gihe hakorwa amasuzumwa angana n’imiriyaridi 3,7Fbu. Hanyuma, ubutunzi bw’imiriyaridi 3,6 y’amafaranga y’amarundi bugizwe n’ibikoresho (ibikoresho, ivyuma bisya, inyubakwa, gukotesha imirima yo kurimiramwo), amadeni n’ibindi bifiswe n’ama koperative

Uko amakoperative yagiye ararusharushanya

Hampande y’ivyo duhejeje kubabwira, ico cegeranyo kirerekana kandi ingene amakoperative akurikirana hafatiwe ku butunzi afise canke aho aherereye.


Ingene amakoperative akurikirana hafatiwe ku butunzi afise

Ingene amakoperative akurikirana hafatiwe mu karere aharereyemwo

Ariko none ni ibiki tuzi ku bijanye no kuriha ingurane ? Kuriha ingurane yaronse riguma ari itegeko ku makoperative yose yayakiriye, nk’uko bivugwa na Servilien Nitunga, umuyobozi w’ikigo FONIC. « Ariko ukuntu bazoza barasubiza iyo ngurane baronswa ni kwo tucumvikana … » nk’uko anbandanya abimenyesha

Ariko kandi mu minsi iza, ayo ma koperative azoronswa n’iyindi ngurane ingana n’iyatanzwe ubwa mbere. Servilien Nitunga ati : « Turiko turondera iterambere ridakumira kandi rirama, nta n’umwe akwiye gusigara inyuma. Dushaka no gutanga ingurane ku yandi ma koperative atari Sangwe, dushiremwo n’ubundi bwoko bw’amakoperative. Dusanzwe dufise iciyumviro c’uwo mugambi. »

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top