
Jackson Quincy Nahayo, yize ivy’ubuganga, yatashe i Burundi avuye mu gihugu ca Canada mu 2015. Yahise yubaka ibitaro ku mutumba Gasenyi asanzwe avukako (mu ntara ya Cibitoke). Ivyo bitaro kuva bitanguye gukora, vyagiye birahura n’ibihuhusi vyinshi. Bitatu nyamukuru ni : ubukene bw’amatara, amazi ndetse n’ikarata zo kwivurizako.
Igisomwa cashizwe mu Kirundi na Révérien Niyorugira
Bamwe n’abandi, bokwibaza bati : Kuki ari we vyabaye ngombwa ko yandikwako ? Kw’igenekerezo rya 17 Mukakaro, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaratunganirije inama kw’ihoteri Tropitel y’i Gitega ihuza abagwizatunga n’abategetsi batandukanye bagize inzego za Reta. Muri abo Jackson* na we yarimwo. Nk’uko uwu musore yabitumenyesheje, iyi nama yari iyo gushinga komite ijejwe gukurikirana ibibazo vy’iterambere ry’ubutunzi no kugwanya ubukene mu gihugu. Agira ati : « Mu nteguro zacu, tuzohora tugiriranira imibonano, dutunganya twongera dushikiriza Reta ivyiyumviro bijanye n’iterambere ». Ni no muri iyo nama yaciye ahabwa agatazirano n’umukuru w’igihugu Ndayishimiye kagira gati : « The grassroot entrepreneur » (umuntu w’imigambi iteza imbere we n’abandi).
Nuko, ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Mukakaro, ikinyamakuru Jimbere caciye gihaguruka kija kwibonanira n’uwo musore muuvuzi, ku mutumba wa Gasenyi, uri muri komine Buganda, intara ya Cibitoke. Twamusanze atamerewe neza mu mubiri, amagara yamukitse kubwa marariya. Naho biri uko, yarinanase aratwakira. Naho muri rusangi, abishingira imigambi, usanga uko batanguye biteye igomwe, wewe birarenze. Nako hari n’umugambi w’uko inkuru ziwe zizokurikiranirwa neza ku mboneshakure.
Intambamyi zikomeye agira
Ni koko ivyo bitaro vyinjiwe ku mugaragaro mu mwaka wa 2016 kandi bija bifise ibisata vyose bisabwa: aho gupimishiriza imbanyi « échographie », ahavurirwa abana, igisata co kubaga, ic’abagwayi b’imitima , n’ibindi. Ivyo bitaro birafasha, kandi bikorohereza abagwayi, baba abo mu kibano canke abavuye kure. Jackson agira ati : « Nk’akarorero, aha igiciro co gusuzumisha uko umwana ameze mu nda, ni amafaranga 5.000 mu gihe mu bindi bitaro arenga 10.000 ». Ariko naho biri uko, indoto ziwe zigomewe n’intambamyi zitoroshe.
Jackoson agira ati : « Kuri uwu mutumba, nta muyagankuba wari uhari, ariko ibi bitaro bimaze kwubakwa, naritaye ku biti no ku mabuye ndawukwegesha. Ariko rero bivanye n’uko n’abanyagihugu usanga ari wo bakoreshako, ibitaro bica bironka muke (Volts 180 mu gishingo ca Volts 220). Ingaruka : Kuri ibi bitaro twari dusanzwe dufise imashini nyinshi zikorana n’umuyagankuba. Muri zo hari izamaze gupfa kandi ni uruhombo rudasanzwe. Mu kwezi kw’icenda kw’umwaka wa 2019, twarandikiye Regideso n’ubushikiranganji itwarwamwo dusaba « transformateur » y’umuyagankuba, n’uno munsi nta nyishu ».
Iyindi ntambamyi, ni ubukene bw’amazi. Jackson asubira ati : « Mu vy’ukuri baba abagwayi, canke abakozi bo kuri ibi bitaro barakenera amazi cane. Ni ikibazo gikomeye. Mu kuba turiyungunganya, twarubatse neza ikigega co mu kuzimu, dushinguramwo amazi, ariko bivanye n’uko akenerwa cane, atubana make. »
Ntiyibagiye gushikiriza intambamyi y’uko usanga hari abagwayi batishoboye bitura ivyo bitaro ariko bidakunda ko bakoresha ayo makarata. « Dukunda kwakira abagwayi baremvye cane kuko baba batagira uburyo bwo kwivuza, ivyo bigatuma babanza kuja kumara iminsi mu vyumba vy’amasengesho, babona ko ivyizigiro vyo kurokora ubuzima vyarengewe, bakabona kuza kwa muganga. Akenshi bene abo bagwayi ni bo bavuzwa imiti ya menshi. Umwe arashobora kuvurwa ku mafaranga angana canke arenga 500.000 y’amarundi ».
Akamo …

Ivyo bitaro vyigenga ntibigira ababifashe mu mugongo, ari na co gituma atari icoroshe kwakira abagwayi benshi ba ntahonikora. N’uburyo buke bironka, buva mu migambi y’uburimyi n’ubworozi bw’amafi n’ibindi bitungwa, bihagarikiwe na Jackson nyene, mu makomine ya Murwi na Buganda.
Jackson ati : « Natanguye ibi bikorwa mfise amahangiro abiri : kugwanya inzara n’ugufungura nabi ariko kandi n’ukuronka ibikoresho vyankenerwa vy’ibi bitaro. Kuva dutangura gupima ingwara twasanga ingwara nyinshi ziva ku gufungura nabi kuko burya bituma umubiri udashobora kwigwanira neza. Igice kimwe c’umwimbu ndonka mu burimyi rero ndagishora, nkinjiza amafaranga aharurirwa mu miriyoni zinaka, ikindi nkagisabikanya n’abatishoboye. Ni co kimwe no ku mwimbu w’ubworozi bw’ibitungwa n’amafi. »
Naho yaragwaye, igihe twashika kwa Jackson, yarinanase aradutembereza aho yahoze ashingura ibikoresho vy’ibitaro vyiwe, hahindutse aho akinga umusaya. Vyari bihimbaye ariko aratuzungurukana, mu bisata vy’ivyo bitaro, aducisha mu vyumba vy’abagwayi, ntiworora. Ese ahaye ayagisha abagwayi n’abagwaza amajana n’amajana ho, vyari biteye igomwe. Vyaragaragara koko ko uwugwariye muri ivyo bitaro yisanzura nk’uwuri mu muryango. Nah’inzego zishobora gutorera inyishu birya bibazo vyose vyiganwe aho hejuru, mu ntumbero yo gutsimbataza indoto za Jackson.
*Uwo musore w’ubwitonzi bwinshi ntiyashimye n’uko igarade ryiwe ry’ubudogiteri ryandikwa muri iki gisomwa.
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu




