Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Ivoka, icamwa kiza kw’isonga i Gitega

Ku murwa mukuru mushasha w’Uburundi, ivoka ni irya mbere. Ni icamwa gifungurwa n’abantu benshi baba abo mu gisagara canke abo mu mitumba. Ivoka ni co camwa abantu bo mu ntara ya Gitega birukira kuko gifungurwa mu ndya nka zose.

«Abanyagitega bakunda amavoka», iryo jambo ryari ryacitse nk’uruvyino mu myaka ya za 90, baririmba bakindaga imvukira za Gitega. bari mu kuri? Imbere y’ukwinjira mu gisagara ca Gitega, ubona ibiti vy’inshi vy’amavoka bikikije umugwa mukuru wa politike. Ku gasoko ko mu Magarama, amavoka ni yo yiganje mu kibanza kidandarizwamwo ivyamwa. Eka mbere no mu mazu y’idandarizo uyasangamwo.

No mw’isoko nkuru ya Gitega, amavoka ni rya nawe. « Barayarima cane ni yo mpamvu ahagwiriye», bivugwa na Claudine Mugiraneza umudandaza w’amavoka. Yongerako kandi ati: «Nazanye ikivumvu cuzuye amavoka cumi na zibiri z’igitondo, hageze satatu caheze. Ubu ndiko ndacuruza ikivumvu ca kabiri. Nka sasita ndazi ko nshobora kuronka inyungu y’amafaranga y’amarundi angana n’3000, Umunsi uzaguhera ndonse nk’ 5000. Kuri jewe mbona ari urudandaza rwunguka»

Abo mu makaratiye na bo nyene ivoka ribarwa neza. Turi sahindwi z’umurango, ku rugo rw’uwitwa Balthazar Ntimpirangeza, aba muri karatiye Shatanya. Wari munya wo gufungura, aca atujana mu nzu ngo dusangire. Ariko imbere yo gushika mu cumba bafunguriramwo, yabanje kutubaza ati: « Murazi ko mu mico y’abarundi kizira kuvuga ivyo wafunguye»? Aca aratwinjiza. Tugeze ku meza, «asanga nta voka rihari». Yahamagaye umukozi wiwe Gaspard amukankamira ngo amuzanire amavoka kuko yari yayatebanye. Ni ko kutubwira ati: « Iwacu, ivoka ni ntahara mu vyo dufungura. Mu gatondo dufungura umukate n’ivoka. Ariko, abana bayakunda cane ari mu mfungurwa».

Ibifungurwa mu buriro bw’i Gitega

Inzu z’uburiro zirahagwiriye cane. Muri Karatiye Swahili ziharurirwa mu macumi. Marina Muco twasanze ku buriro buri aho bwanditseko «Al Huda» yatubwiye ati:« Barazikunda kuko ziteka ibifungurwa bitandukanye. Umuntu arihitiramwo ico ashaka. Jewe ubwanje ndakunda ingene bateka ipilawu n’inyama ku gitunguru».

Muri iyo nzu y’uburiro, intebe zose zari zafashwe. Abenshi mu bariko barahafungurira, bafungura ubugari bw’imyumbati n’inyama. Mohamed Ntuyahaga ajejwe ubwo buriro avuga ko abahafungurira batandukana bivanye n’ivyo bakunda, amakaratiye bavamwo hamwe n’ingene babayeho mu buzima bwa buri munsi. Agira ati: « ‘Abaswahili’, bakunda gufungura ubugari bw’imyumbati n’inyama, ariko abandi baza bikundira umuceri, igitoke, ifiriti, imvange,…kandi bose tubafata nk’abakwe».

Mu buriro bw’abifise. Muri « American corner» ho, ni urundi rwego. Imeza zitonze neza, kandi abahaza baza baboneka neza. « Aha haza gufungura abakozi bo mu mashirahamwe mpuzamakungu, ONG. Muri make haza abize bifise».

Abahafungura nka bose, bafungura imfungurwa zitagira amavuta menshi. Bamwe usanga bariko bafungura ubugari bw’ingano ku biharage n’imboga, abandi na bo ugasanga bariko bifungurira umuceri n’ibiharage bivanze n’igitoke n’irengarenga. «Abafungura ubugari bw’imyumbati ngaha, ni imparurwa». Bivugwa n’umukozi w’uburiro « American Corner».

Kubijanye n’ivyamwa, umukozi wo muri ubwo buriro agirati: « Abahaza bakunda imvange y’ivyamwa vya ‘pasiteke’, ipapayi, imyembe, amatunda be n’imihwi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top