Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Ko igisata c’ikawa gisubiye mu minwe ya reta, hari akarusho ku murimyi ?

Isizeni ya 2019-2020 buca irangira aho bukera mu kwezi kwa Ntwarante, yibonekejemwo umwimbu muke: amatoni 47 845,6 Ku yababa 75 930 yari yitezwe. Muri ayo, hamaze kubonekamwo ikawa ishorwa hanze ingana n’amatoni 7 511,5. Iyimaze kugurishwa na yo ikaba ingana amatoni 6 254,2 ku mafaranga y’amanyamerika angana 15 221 142,69. Reta ishimye gusubizamwo akarenge ikurikiranire hafi ivy’ikawa y’i Burundi.

Vyashikirijwe kuri uwu wa 29 Nzero, aho Ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bwari buramutse butanga ikiganiro kijanye n’uko isizeni ya 2019-2020 yagenze ndetse n’uko iya 2020-2021 yiteguriwe. Hari vyinshi vyahindutse.

Mu ntumbero yo guhagararira inyungu z’umurimyi w’igiterwa c’ikawa n’iza reta (kuko ngo bamwe mu bakorera muri ico gisata basa n’abatabiha agaciro), igisata ARFIC casubirijwe n’ugwego rwa reta ODECA (Office pour le Développement du Café au Burundi), ruzokora ibikorwa vyose bijanye no guteza imbere igiterwa c’ikawa. Urwo rwego nyene ni na rwo ruzoraba  ibikorwa vyahora bikorwa n’amashirahamwe nka CNAC MURIMA W’ISANGI, INTERCAFE hamwe n’amahinguriro ya reta SOGESTAL na SODECO.

Amwe mu mashirahamwe yakorera mw’ikawa yasabwe gusubiza ibikoresho

Amashirahamwe atubahirije ikiringo cari categekanijwe mu kuronsa agahembo abarimyi bashoye ikawa, yarafatiwe igihano co gukurwa mu gisata c’ikawa. Ni no muri iyo ntumbero, ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi bwamenyesheje ko kuva mw’isizeni ya 2019-2020 aya mashirahamwe akurikira yahagaritswe : CPC/KPC, RISCA, RUDECO, ETS NIYONZIMA Jean Marie, Koperative GARUKIRIKAWA, TUGARUKIRE IGITERWA C’IKAWA, NIZIWACU na DUTEZIMBERE IGITERWA C’IKAWA.  Ayandi  yahagaritswe akaba ari SECASB na E.CO.G.I.A mw’isizeni ya 2020-2021.

Amashirahamwe CNAC MURIMA W’ISANGI, INTERCAFE, SOGESTAL na SODECO akaba asabwa gushikiriza ugwego rushasha rwa Leta ibikoresho vyose yahora akoresha kugira ngo ibikorwa vyose birangurirwa muri ico gisata c’ikawa bibandanye ata ntambamyi.

Reta yoba igiye kwikorana ?

Umushikiranganji  Déo Guide Rurema amenyesha ko iyo mpinyanyuro nshasha yo gutunganya igisata c’ikawa irekurira abikorera utwabo bakwije ibisabwa kubandanya bakorera mu gisata c’ikawa. Ababikeneye rero ngo bokwitura ugwego rushasha rwashinzwe kugira rubamenyeshe ibisabwa. Naho biri uko, ibijanye n’uko bazokwishingirwa na Leta ngo ntibirimwo. Ni ngombwa kandi ko yerekana icemezo ko azohemba abarimyi afatiye ku ngwati azohabwa n’ibanki bakorana.

Hari akarusho  barimyi bokwitega ?

Ku bijanye n’ibiciro vy’ikawa, abazokwemererwa gukorera mu gisata c’ikawa kw’isizeni ya 2020-2021, ngo basabwa kuzokwubahiriza ibiciro : Igiciro cari kimenyerewe yari amafaranga 500 kw’ikawa nziza  na 250F ku yifise agasembwa. Ico giciro ngo cashingwa havuyemwo amafaranga yakoreshwa na CNAC, Inter cafe na ARFIC bigatuma umurimyi ataronka agahembo kisununuye. Kubw’ivyo Leta ngo igiye kumenyesha vuba igiciro ntabanduka umurimyi w’ikawa azohora agurishako kandi ciza ugereranije n’icahahora.

Abarimyi bakiriye gute iyo ngingo?

Jean Marie Niyongabo asanzwe arimira ikawa mu Kayanza, amenyesha ko hamwe vyoja mu ngiro, udufaranga tukaboneka ku gihe kandi twisununuye ngo vyomunezera cane kuko bahora barima bagatahira urume bavunja n’uburuhe. Akagira ati: «Ntaho twokura iyo Mana yoza idukanda kuko twasa n’abadebukiwe kubw’intica ntikize twahabwa».

Mwomenya ko Leta ari yo igiye kuzohora yironderera umuguzi na ho nyene hazoba hari abanyamitahe bigenga bazoba bakorana kandi ko abahora bakorera mu kigo ARFIC bagiye guca babandaniriza ibikorwa muri urwo gwego rushasha.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top