Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Mu Burundi, abakozi bo mu gisata c’ikawa baridoga kuba badahembwa ku gihe

©Jimbere ǀ Igiterwa c'ikawa

Kw’igenekerezo ryo ku wa 1 Gitugutu uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umunsi wahariwe igiterwa c’ikawa. Ubu rero, uwo munsi ushitse humvikana imyidogo  ivugirwa mu bwongoshwa  ishingiye ku kudahembwa ku gihe kw’abakozi bo muri ico gisata hamwe n’amafaranga make ariko aratangwa kuri ico giterwa gisanzwe kinashorerwa hanze ku rugero rw’ibice birenga 60%.

Abarimyi bakorera mu gisata c’ikawa baridoga cane ko ata karusho bariko bararonka kava kuri ico giterwa kubera ko amahera bemererwa kuzohabwa adahuye n’inguvu baba bakoresheje kuva bakigikorera gushika kije kw’isoko. Ngo n’ayo make ntayo baronka ku gihe.

 Nkurunziza Jean Marie, umurimyi w’ikawa wo mu ntara ya Kirundo komine Bugabira ahurikiye mw’ishirahamwe CNAC Murima w’Isangi, avuga ko ico giterwa ata co abona kiriko kirafasha abarimyi bo hasi. Agafatira ku kuntu uduhera baronka tubashikira bahavye, n’amadeni ari mu guheba ngo abomore. Agira ati: «Abarimyi b’ikawa dusha ata co twokora. Kuba ata matonorero dufise ino iwacu, bituma dusanga umenga dukorera abaza kurangura nya kawa . Naho nyene, nta n’amahera baduha kuko duhabwa udupapuro turiko ibiro twashoye gusa.  Ni nk’ideni twihera abaja kwidandariza hanze bakazoduha ayacu mu nyungu baronse, naho nyene bakaduha intica ntikize. Iyumvire nawe ikiro kigurwa 500Fbu, ayo na yo bakazoyaduha nko mu mezi ane canke atanu»! Yongerako ati: « Uravye nk’umuruho tugira dukurikirana ico giterwa, iyo ceze ikiro cari gikwiye kugurwa 700, na ho nyene bakayaduha ‘cash’ umuntu akikanda».

Oscar Baranyizigiye, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe InterCafé, avuga ko ingorane zitari ku barimyi b’ikawa gusa ahubwo ko ziri ku bakozi bose bo muri ico gisata. Agira ati: « Baba abarimyi, baba abazitonora canke abazishora kw’isoko mpuzamakungu, bose bahura n’ikibazo c’igiciro kiri hasi cane. Ivyo rero biraheza bikagira ingaruka ku bari muri ico gisata bose. Ni na ho muzumva havugwa ko abakozi bo muri Sogestal boba bamaze amezi indwi badahembwa. Ivyo ntivyiyadukije, vyavuye ku biciro vy’ikawa bitifashe neza kw’isoko mpuzamakungu. Bikaba vyatumye amahera yo kubahemba abura». Ariko n’ubwo biri uko avuga ko atari abo gusa kuko hari n’abandi. Akizeza ko ikibazo c’abantu batarahembwa bose kiriko kirakurikiranwa mbere reta yanacifatiye mu minwe iriko irabashigikira mu mabanki ibashirirako amahera azoba arabafasha mu kurindira ko ibintu bimera neza.

Ico twomenya ku giterwa c’ikawa ubu

 Kibeshejeho imiryango itari mike mu Burundi. Oscar, afatiye kuri rusasuma ya nyuma yakozwe mu mwaka wa 2008, amenyesha ko imiryango irenga 600.000 yo mu Burundi yitaho igiterwa c’ikawa. Gushika ubu, ngo ibiti vy’ikawa mu gihugu vyoba bishika imiriyoni 120 bikaba bitewe kw’ihegitari zishika ibihumbi 48.

Baranyizigiye abandanya avuga ko ico giterwa kigizwe n’amahindagurika haba ku bijanye n’umwimbu canke ibiciro. Agira ati: « Dufatiye mu kiringo c’imyaka ibiri, dushobora kuronka umwimbu uharurirwa hagati y’amatoni ibihumbi 12 na 25. Nko kw’isizeni yo mu mwaka wa 2017-2018 hari habonetse amatoni ibihumbi 25 y’ikawa zija kw’isoko mpuzamakungu mu gihe mu mwaka wa 2018-2019 hazoboneka ayashika ibihumbi 10».

Na yo ku bijanye n’igiciro, uwo munyamabanga mukuru avuga ko igisata c’ikawa ari co cinjiza amahera menshi y’agaciro kuko haboneka ayari hagati y’ibice 60 na 65%. Kw’isoko mpuzamakungu, ikawa y’Uburundi irakengurukwa cane. Kukaba nkako iza imbere y’izindi kubera akanovera keza ifise. Ariko n’ubwo biri ukwo igiciro cayo ubu ni co kibazo. Muri iyi myaka 3 iheze ibiciro biri hasi cane. Ikiro kiriko kiragurwa amafaranga ari munsi y’amadorari 2, mu gihe iyo bimeze neza ikawa iba igurwa hagati y’amadorari 3 na 5.

Abo bakora mu gisata c’ikawa rero basaba ko reta ari yo yoja irafasha mu gushira uburyo hakiri kare ku mabanki, mu ntumbero yo kubavunanura

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top