Nimba hari isoko ivumye cane muri Afirika ndetse no mu Burundi hadasigaye inyuma, ni iyijanye n’urudandazwa rwo guhanahana amafaranga biciye kuri terefone. Muri iyi nkuru, turabayagira ibijanye n’ibiharuro vya nyuma vyasohowe na ARCT, ikigo kiraba ivyo gutumatumanako amakuru, mu gice ca kane c’umwaka wa 2019.
Nk’uko ico kigo kibishikiriza, muri ico kiringo, isoko y’ihanahanwa ry’amafaranga biciye kuri terefone mu Burundi yerekana ko ibikorwa vyo kurungika no kubikura amafaranga vyakozwe incuro zirenga imiriyoni 12, bikaba vyari biciye imiriyaridi z’amarundi 338. Umuntu agereranije, asanga ayo mafaranga asumba ayo Reta ishira mu gisata c’indero, igisata gihabwa uburyo bwinshi. Kuva muri Gitugutu gushika muri Kigarama, umwaka wa 2018, umwirimburo wakozwe n’ico kigo werekanye ko ibikorwa vyo kurungika no kubikura amafaranga vyakozwe incuro imiriyoni 7, hakoreshwa amafaranga angana imiriyaridi 238.
Nk’uko abakoresha ibisata vyo kurungikiranira amafaranga biciye muri ubwo buhinga mu Burundi basanzwe babizi, iyo soko ifiswe n’ibisata 3 ari vyo EcoCash, Smart Pesa na Lumicash. Mu kwezi guheze kwa Kigarama, ivyo bisata vyari bifise amakonti arenga imiriyoni 4 mu gihe muri ukwo kwezi nyene, umwaka wa 2018 konti zari imiriyoni 3,4. Yamara, hisunzwe umwirimburo wakozwe, urugero rw’ikoreshwa ry’ivyo bisata mu kiringo c’amezi 3 ruracari hasi : ruharurirwa mu bice 20%.
Hamwe n’ivyo, mwomenya ko ico kigo cerekana ko amafaranga ivyo bisata uko ari 3 vyinjije mu kiringo c’amezi atatu angana imiriyaridi 4,8 ni ukuvuga ko ayinjijwe mu gice ca nyuma c’umwaka wa 2018 kigizwe n’amezi 3 nyene, yigwije kabiri. Ntitwokwibagira kandi kwerekana igitigiri kidasanzwe c’abakorera muri ivyo bisata : cikuvye incuro zirenga 2. Bavuye ku 29 000 baja ku 67 000.
Tubamenyeshe kandi ko mw’isi nzima, umugabane wa Afirika ari wo uza imbere mu bijanye no gukora urwo rudandaza rwo kurungikiranira amafaranga biciye kuri terefone. Nta ngere yo mu karere ka Afirika yo mu bumanuko bwa Sahara: mu mwaka wa 2019, mu karere gakoreramwo ibisata 144 harimwo na M-pesa, ukurungikiranira amafaranga n’ukuyabikura vyakozwe incuro zingana imiriyaridi 23,8 mu gihe mw’isi yose vyakozwe ku ncuro imiriyaridi 37,1. Ni ukuvuga ko ako karere karangura ivyochu bikorwa ku bice 64,15% kw’isi nzima.
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu
Inkuru yanditswe na Blaise Nkuriyingoma ihindurwa mu Kirundi na Révérien Niyorugira




