Ugira gutya ukumva umuntu ariko yihaya ubugabo avuga ko ashobora kumara umunsi wose adasohotse yibereye kuri terefone, araba udufoto n’utuvidewo tw’abantu batandukanye (abahenye n’abadahenye) canke nawe yifotora yongera ashira ku mbuga amafoto yiwe y’ingene aboneka. Bagenzi twikebuke terefone tuyikoreshe ibifise akamaro: tuyirondeze akazi, amashure, n’ibindi vyinshi vyunguka. Njebas ahanura urwaruka nkawe.
Bagenzi, nagize gutya, mpura n’umugenzi, aca atangura kuntera inkuru ingene asigaye ari umusirimu, ashobora kumara ijoro canke umunsi wose yibereye kuri terefone, akwiragiza amashusho yiwe n’ay’abandi ku mbuga ngurukanabumenyi.
Nkimutamarira niyumvira nimba koko ata kibazo afise mu mutwe, numva atanguye kwihaya ko asigaye akomeye agira ati: “Ka Snapchat na Instagram, utwo ni utuntu twanje. Nitwo tunteramisha umunsi ugahera atavyo nzi. Ndifotora amafoto nkayakora neza, nkaca nshira ku mbuga nkaba ndaraba uko abantu bambona. Ariko kandi nyene hari n’utuvidewo tunteramisha ugasanga nanasinziririyemwo. Kuri terefone ubu ntaco wompenda. N’ijoro ndarikesha.”
Narumiwe. Nkirondera aho mpera ngo ndamuhanure, nagiye numva atanguye kuvuga ko n’abana muhira basigaye bamukunda. Ko atari bo babona baravuye kw’ishure ngo bifotore canke bifate utuvidewo nabo ndabashire kuri Instagram na za facebook. Ati: “Abana bo muhira n’ab’ababanyi barankunda kubera na terefone ndabigisaha ingene baja ku mbuga kwirabira utugezweho. Hari n’abana bansaba ngo turarane, kugira barare barirabira utuvidewo n’amafoto kuri Istagram.”
Bagenzi, icantangaje ni uko uyo musore numvise avuga ko n’abavyeyi ataco babimuhanura ko. Kuko nabo ngo bamara umwanya iyo bari muhira atawuvugana n’uwundi bibereye mu ma ‘status’ n’ibindi. Mbere ko ko n’umwana atoye terefone usanga ari mu mafoto, canke ugasanga yifotoye yanishize kuri facebook, ahagaze ku mafyeri, (muca mubona ingene iminwa baba bayigize).
Bana ba mama, ni vyo warose amafaranga kugura terefone nini ntaco bitwaye. Kukabankako, turi mu bihe aho ibintu vyose, ivyiza n’ibibi, bihanwahanwa ku buhinga bwa none. Ariko ikibabaje ni uko hari bamwebamwe canecane mu rwaruka babona terefone nini nk’igikoresho ciza c’ukwisamaza n’ukwinezereza mu bitera soni. Biyerekana, baraba canke bakwiragiza amashusho y’ubwambure, aho kuyikoresha ibibateza imbere.
Terefone woyivyaza umusaruro…
Bagenzi banje, twisubireko. Tujane n’ibihe mu gukoresha ubuhinga bwa none mu bintu bitugirira akamaro. Izo mbuga za Instagram, Facebook, Twitter, YouTube, … zirahemba. Birya turaba, usivye ko bidutwara amafaranga y’ama ‘mega’ hari n’abandi tuba turiko turatuma binjiza amahera. Turakwiye gufata mu ntoke ubuzima bwacu ntitube abaja ba terefone mu bintazi, ahubwo tuyirondeze akazi, tuyikoreshe mu guhiga amashure meza, tuyigireko, tuyikoreshe ubushakashatsi, tuyikoreshe mu budandaji n’ibindi vyinshi vy’akamaro kuko birashoboka.
Guhayanisha ivyo dukora, guhiganirwa amasoko ahari, kuharatira ivyiza vy’iwacu n’ibindi vyodufasha gutera imbere, birashoboka mu gihe twofata mu minwe ico dushako gushikako, aho guta umwanya n’amafaranga y’ama mega turaba abantu bahenye kuri izo mbuga kandi bariko baraca amafaranga.
Ni ukuri ntihaze hagire umuntu akubesha ko kuba umusirimu canke kujana n’ibihe ari ukugira amakonte ku mbuga zose zibaho, eka da. Si n’ugukwiragiza amafoto menshi meza na mabi ku ma ‘status’ hirya no hino, ahubwo ni ukujana n’ibihe mu kurondera inoti no gukora ibishobora kuduteza imbere bigateza imbere imiryango yacu ndetse n’igihugu. Twiyumvire rero ico twokora kugira ngo nitwagishira ku mbuga ngurukanabumenyi kituzanire akunguko kandi tunamenyekane, tuje mu mugwi w’abariko barakoresha neza terefone. Mugenzi, ikibwigwa ni icumva.
Kino gisomwa canditswe na Mugisha Wilson, yize kuri Université Epoir d’Afrique, mu gisata cigisha ibijanye n’ugutumatumanako amakuru, umwe mu banyeshure ikinyamakuru Jimbere Magazine cakiriye mu ntumbero yo kwimenyereza umwuga wo kumenyesha amakuru




