Mugihe video y’umusaraba w’urukundo iriko irabica bigacika kuma réseaux sociaux, umuryango wa Jean Berchmans Hakizimana, yanditse yongera aririmba iyo ndirimbo usaba ko yohagarikwa kuvuzwa kuko R-Flow atigeze ayibasaba. Ivyo wabimenyesheje muri communiqué de presse yasohotse ce 28 octobre. Rero R-Flow yagize ico yishura kuvyo yagirijwe.
« Ntakintu kiryana mu mutima nk’igihe ubona umuntu yihagira ikintu cawe nkuko ku nguvu. Jewe s’amahera ndiko ndarondera, ariko ndiko ngwanira agateka k’umuryango wanje ». Ayo majambo agaragaramwo agashavu naya Consolate Sibomana, umuvyeyi w’abana 2 basizwe na Jean Berchmans Hakizimana. « Ikinatuntuza gusumba, banazisubiramwo nabi. Erega indirimbo yose ifise igituma yanditswe. Iyo bayisubiyemwo batavuganye na beneyo, usanga bakuyemwo l’essence même de la chanson. Nyeneyo ntasubira kuyiyumvamwo kuko atayibonamwo », Arlène Mireille, la benjamine de la famille qui complète sa mère.
Iyo ngingo kandi igaruka igafata Big Fizzo na Vivi Muyomba kubw’indirimbo kw’iriba ry’urukundo. Uti aba nabo bajemwo gute ? Fizzo na Vivi nabone bagize nka R.Flow. « Bakiyisohora, twarabitwariye muri Amical des musiciens, turangiza twumvikanye n’uwayitwara, umuhisi Bruno Simbavimbere ko indirimbo igiye guhagarikwa kuvuzwa ku maradiyo yose. Vyarakozwe imisi mikeya ariko yaciye iguma ibandanya ivuzwa. » Uwo niwa mu mama abandanya atuyagira. Umukobwa wiwe nawe akabandanya agira ati: « Twe nta mananiza dusaba, nibaze badusabe izo ndirimbo, natwe tuzibahe mu burwaneza ». None kubera iki ikibazo kivyutse haheze umwaka indirimbo yarasohotse ? « La goutte d’eau qui a fait déborder le vase yabaye vidéo. Agisohora audio, twibajije tuti ngira yaratubuze aracaturondera. Ariko tubonye aciye ashirako na clip, twavuzi tuti trop c’est trop »
Abaririmvyi bobo bavyakira gute ?
R-Flow ntiyahakanye ivyo yagirijwe n’umuryango ariko arahakana ikosa ry’uko yayihagiye « Jewe indirimbo narayisavye muri Amicale des Musiciens. Feu Bruno Simbavimbere yambwiye ivyo ndiha d’une valeur de 100.000 fbu. Narabirishe, j’ai une facture signé par le président de l’Amicale des Musiciens. » Ikibazo umuntu aca yibaza ni: mbega Amicale des Musiciens irashobora gutanga indirimbo y’umuntu itamubajije? Kwizera Freddy « Botchum » ati: « Hariho indirimbo Amicale ishobora kugirako ububasha, Iyari cover hoho, ntaniyo yirirwa asabira uruhusha. Ariko ivya R-Flow ntaco nobivugako kinini kuko ntazi uko vyagenze. ».
Fizzo tumwegereye yaratangaye sana. Mu majambo make ati« Ivy’iyo ndirimbo jewe ntavyo nkwiye kujamwo. Nibabaze Vivi Muyomba. Nikimenya menya ntayo usanga kuma accounts yanje ». Vivi nawe ati « Igihe twayikora ntamategeko ya droit d’auteur yari bwaze, nta Youtube, nta Facebook. Kuva ba Canjo bagiye, nitwe twari twasigaye turavuza ama karaoké. Gusubiramwo indirimbo zabo yari inzira imwe rudende yo gutuma aba bantu bubatse umuziki ndundi batibagiranwa, narirya amajambo adakunze kubavuga. Igihe haje studio ya mbere (Menya Media Studio), Jérémie twararimbana abonye uko yari ikunzwe aca asaba tuyi recordinge ». N’ukugenderako asaba imbabazi: « Nukuri ndasavye imbabazi ku muryango wa Berchmans, ngiye kubarondera tukivuganeko. ».
Muti habuze iki kugira le droit d’auteur ibe respecté mu burundi ?
Mu gihe ayo mategeko yasinywe neza na neza en 2005, ikibazo umuntu wese yokwibaza n’icabuze kugira inyuma y’imyaka hafi 15 abe atarakurikizwa ? Botchum ati « Tubajije muri OBDA, batubwira ko reta itarabaha uburyo . Twarifatiye ikibazo mu minwe twitura Ministère idutwara none iheruka kutwishura ko caciye muri conseil ministériel kija muri 2ème vice présidence aho notre ministère itwarirwa. Amatwi ansumira, très prochainement tuzokwicarira ico kibazo hama turondere uko umu artiste yotangura gutungwa na talent yiwe. » Ariko hampande y’ivyo yongerako ati: « Abaririmvyi nka bose barakeneye des séminaires de formation ku cerekeye amategeko ya droit d’auteur. Benshi babona inzatsa »




