Uburundi buramaze imyaka atari mike buhura n’ikibazo c’ibura ry’akazi rirenze ku rwaruka. Ivyo rero ngo biva ku kuntu inyigisho abarondera akazi bahabwa bakiri ku ntebe y’ishure zidahuye n’ibiba bikenewe kw’isoko ry’akazi. Kugira batorere inyishu ico kibazo, Reta y’Uburundi yagiye irashiraho izindi ndingazo nshaha ukohaca igihe ariko ntanyishu irama iraboneka…
Indero ni yo nkingi y’iterambere. Nk’uko bivugwa muri « l’équation de Mincer », agaciro k’indero, ni ico ihinduye canecane mw’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu. Nkako, ivyigwa vy’ubutunzi vyakozwe vyarerekanye ko ata gihugu gishobora gutera imbere ata bakozi bafise ubumenyi bukwiye gifise.
Haraheze igihe ikibazo kigaruka mu Burundi ari ico kumenya nimba mu vyukuri hari urwaruka rwigishwa neza rukaronka ubumenyi bukwiye canke ko hoba hariho ahantu urwo rwaruka rushobora kuronderera akazi
Ariko icibonekeza ni uko inyishu y’ivyo bibazo vyompi uko ari bibiri atari nziza, kuko ibura ry’akazi mu Burundi umenga rifatwa ibisanzwe.
Akamaramaza rero, icigwa cakozwe mu 2016 gikozwe na « ADISCO » na « REJA » bifashwe mu mugongo na « CORDAID” cerekanye ko abenshi mu rwaruka baronka akazi inyuma yo kuva ku mwaka umwe gushika kuri itanu bahejeje amashure. Ico cigwa nyene n’ibindi vyakozwe vyerekana yuko ingorane urwaruka rugira kugira ruronke akazi biterwa n’ibintu bitatu nyamukuru: ukuba inyigisho baronkejwe kw’ishure zidahuye n’ibiri kw’isoko ry’akazi maze ivyo bikaba bituma abize na za kaminuza babura akazi, ukutamenya isoko ry’akazi bivuye ku kutamenya inkuru zerekeye iyo ubuzi buriko buratangirwa no kutitaho ibijanye n’inyigisho zo kwitunganiriza imigambi y’iterambere. Kugira bagabanye izo ngorane, Reta y’Uburundi ntihengeshanya gukora ibikorwa vyotuma urwaruka ruronswa inyigisho n’akazi keza.
Harabaye indinganizo nshasha, none zashitse kuki ?
Mu ndinganizo nshasha, ingingo nyamukuru yashimikiweko, ni iyo kuronsa inyigisho n’akazi urwaruka biciye mu gutanguza ibigo vy’igisha imyuga nka « CFP: Centres de Formations Professionnels », « CEM: Centres d’Enseignements des Métiers) » hamwe na « CEA : Centres de Formation Artisanale ». Ivyo na vyo bikaba bishobora gufasha mw’iterambere ry’ubutunzi mu gihe vyokwitabwaho. Igikorwa cazo nk’uko ingingo yashizeho amashure shingiro ibivuga, ni ukuvuga indinganizo y’amashure ahera mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka w’icenda kugira ifashe urwaruka rwiga kumenya kwironderera ivyo rukora.
Ariko rero, icibonekeza ni uko hambavu y’iryo shaka ryakozwe umengo haracabura ibijanye no kwitwararika kubanza kubitegura neza. Ivyo bigo nka vyose birahura n’ingorane yo kubura abigisha bavyigiye bakwiye, ivyo bigatuma ibisata bimwebimwe biba birabangiriwe canke bigahebwa burundu.
Aho rero ntihavuzwe ibijanye n’ibirasi bidakwiye kugira abana bige banashira mu ngiro ivyo bize (pratique) hamwe n’ubukene bw’ibikoresho.
Reta irakwiye kwigora igaha ivyo bigo uburyo bukwiye, hagatangwa ubuzi ku bigisha babinonosoye kugira aba nabo bace batanga ubumenyi bufise akanovera bushobora gufasha abavyize kwitunganiriza imigambi y’iterambere izobafasha bo ubwabo ikongera igafasha no kubaho kw’imiryango yabo.
Icigwa giheruka gukorwa n’ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu bufadikanije na MediaBox mu kwezi kwa Munyonyo k’umwaka uheze, cerekanye ko hariho urwaruka rungana na 309.000 rutagira akazi mu Burundi. Impinga iracari ndende.
Mu mugambi w’iterambere ry’igihugu PND 2018-2027, ibiharuro vyo mu gisata c’indero vyerekana yuko mu vyipfuzwa inyigisho zo mu mashure mato n’ayisumbuye zoba zitunganijwe neza kandi zijanye n’imyuga hamwe no kuronka akazi ku rugero rugera ku bice 70%. Umugambi mwiza ariko kugira ushikweko hasabwa inguvu n’ihangiro biboneka.




