Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Thérence Sindayigaya, kubera umwuga, aharura amamiriyoni

Amahera ngo uyirukanze inyuma aragusiga. Ariko witunganije neza ukiga umwuga canke ukitunganiriza umugambi, ni yo asigara akurondera. Iryo ni ibanga rya Thérence Sindayigaya w’imyaka 29 akora umwuga wo gushona i Bugarama, muri komine n’intara ya Muramvya. Inkuru yiwe.

Yarize ariko ntiyaminuje. Afise urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye « Humanités générales. » Thérence Sindayigaya, ntabarizwa muri bamwe bavuga ko bazobeshwaho n’akazi ka Reta. Oya. Kira noneho, ngo kuva mu buto bwiwe, kwicara ata co ariko arakora kimwinjiriza yabigize umugani. Kubwa ivyo ku kwanka kurera amaboko, hampande y’amashure yari ahejeje gusoma, yariyumviriye no kwiga umwuga wo gushona kugira arondeze umugambi womwinjiriza amahera.

Ico gihe avyiyumvira nta buryo yari afise bwo kwiyigisha uwo mwuga. Avuga ko yahakuwe na muvyarawe yari asanzwe azi gushona, maze aca aramwigisha. Muri ico gihe ariko abavyeyi bari bamuhaye aho arima imboga mu nyuma arazishora agura ingurube 2 n’impene 2, arazorora ziragwira. Yagiye gukuramwo izo agurisha aca akuramwo amafaranga 600.000 Fbu. Gutyo aba araronse intango. Kubera ko yari amaze kumenya gushona, ayo mafaranga yose yaciye ayakoresha nk’umutahe kugira atangure uwo mwuga. Aho hari mu mwaka wa 2016.

N’imashine zibiri, umwana w’abahungu aba aratanguye umwuga

Mu ntango rero Thérence Sindayigaya yaguze imashini zibiri zo gushona, yongera apanga inzu y’ibihumbi 50 ku kwezi, araheza atangura ibikorwa. Kuva ico gihe yagiye arongereza ibikorwa n’uburyo bwo kubikora. Umutahe agezeko ubu uharurirwa mu mamiriyoni. Abantu baramuhurumbira. Bitayeko avuga ko umwuga yawugize uwiwe ku buryo abamwitura bamugomwa ubuhinga n’ubumenyi mu vyo akora. Agira ati : « Nta muntu aza kunyitura ashaka gushaza ntatunganiriza. Kuko imideri ishoboka yose ndayigerageza. Haba ku mpuzu z’abagore, iz’abagabo, iz’imisore n’iz’inkumi, ndetse n’abakiri bato, zose ndazigira wararaye. Eka no kwubahiriza ikiringo nabigize ivyanje kuko na vyo biri mu bituma abakiriya bampurumbira. »

Akunguko mu vyo akora

Ku kwezi akuyemwo ivyo yakoresheje vyose agahemba n’abo akoresha arasigarana n’imiburiburi amafaranga y’amarundi angana 150. 000. Gushika ubu arashima ko amaze kwiyubakira inzu. Thérence aramaze kandi kwigisha umwuga urwaruka rutari ruke : ubu akaba ariko arakoresha urwaruka bagera kuri 2, hamwe n’abandi 3 ariko arigisha.

Ku bwiwe, ntaragera aho ashaka. Sindayigaya avuga ko agifise ikibazo co kuronka imashini zihanitse, zikoresha umuyagankuba zigafasha mu gushariza neza impuzu. Ariko ngo nubwo izo mashini zizimvye, kuzironka Thérence yabigize ihangiro ryiwe. Uretse n’ivyo, mu migambi yiwe ashaka kwiga yongereze ubumenyi afise ku buryo ata muderi n’umwe uzoza umukanga maze abakiriya biwe ashobore kubaha ico bazoba bipfuza cose.Uwo mufundi w’impuzu mu gushona atera akamo urundi rwaruka ko rwokwijukira kwiga umwuga hama rukawushira mu ngiro, ibindi vy’amafaranga ngo biraheza bigakurikira.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top