Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

Uguheka umwana : Karahara ku muvyeyi no ku kibondo ntibacura

Ni inyifato yaranze abavyeyi b’abarundikazi kuva kera na rindi, mugabo ikaba isa n’iyiriko irata akanovera mu bisagara, aho abenshi babihebera abakozi bo mu nzu barera abana. Abahinga basigura ko vyoba ari amakosa akomeye cane.

Hari abakunda kwipfuriza abandi mu gihe c’umunezero, nko ku minsi mikuru y’amavuka ngo « umugongo waguhetse uragahoraho ». Bikaba ari nk’akaryo ko guserura ko baba bashimye ukwo warezwe, umuvyeyi yitayeho neza ikibondo ciwe.

Keshimana Estella, ni umuvyeyi akiri muto, w’imyaka 27, afise ikibondo kimwe c’imyaka 2. Avuga ko ku mpamvu z’akazi, ataronka akanya gakwiye ko guheka umwana wiwe,Ethan. «Biragoye kuko nzinduka niruka nja kurondera umukate wiwe, nkataha ku mugoroba naturagaye. Mu karuhuko ko mu mpera y’iyinga mpora ndamuheka, mugabo nta mwanya munini ndabikora ku kubera ko haba hari utundi dukorwa two mu nzu tuba tundindiriye ntashoboye gukora, udashizeko na za manza z’abarundi zidahera. Ntabagwa n’umuyaya wiwe, ni we amwamiza mu mugongo. Nayo jewe ntavyo novamwo. »

Kubwa Estella, ngo vyari vyiza ko umwana ahekwa na nyina kugira amuhe urukundo rukwiye, mugabo bivanye n’ihindagurika ry’imibereho, aho n’umupfasoni ategerezwa kwiruka kurondera ubuzima nka kurya kw’umushingantahe, imyanya yo guheka abana ntikiboneka. Estella arayica umurya akavuga ati :« Ahubwo n’umwanya wo kubonsa buca ubura. »

Marita Mpozenzi, umuvyeyi ageze ku buzukuru 6, ashikiriza ko ata kintu na kimwe cerekana ubunywanyi bw’umwana na nyina cosubirira uguheka umwana no kumwonsa. Uwo mutamakazi agira ati : « Ese ingene mpimbarwa iyo mpetse utwuzukuru twanje. Iyo gatekanye kari mu mugongo, ndumva ko hari ikintu kinini kiriko kiraba ku bijanye no guhanahana ibishobisho, urukundo. Bica binyibutsa kera ngiheka abana banje nkabajana gukora mu mirima, isuka ku rutugu, igitunga ku mutwe. Nararuha mugabo sinidoga. Niryo banga ry’ubuvyeyi. »

Ntivyari bikwiye guhebwa

Marita ntiyemeranya n’abavuga ko bareka guheka abana ku kubera babura umwanya : « Sinibaza ko ari bo boba bakora cane gusumvya ab’aho hambere mu mitumba ya ruguru, aho bazinduka agaturuturu kuvoma amazi, bakaja gusenya, bagateka, bagaheza bakaja kurima umunsi wose. Bagodotse bagasubira gutegura udufungurwa two mw’ijoro, aho hose umwana akaguma i mugongo, kenshi ugasanga no mu nda hariyo n’uwundi ari mu kuvuka ». Marita rero akabona ko abavyeyi batagiheka abana babo hajamwo n’agafyinyi.

Alain Joseph Hatungimana, yanonosoye ivy’inyifato, amenyesha ko uguheka umwana vyongereza ibigumbagumba hagati y’umwana n’umuvyeyi kuko umwana yumva ubushuhe bw’umuvyeyi akumva atekanye kandi akunzwe bigatuma akura neza.

Kubwa Alain Joseph, uguhekwa ni agateka k’umwana kubera ko akeneye kwumva ko akunzwe n’umuvyeyi, hariho ikibahuza kidasubirizwa. Iyo umwana abuze ikibanza c’umuvyeyi muri we havuka inyifato itabereye ituma irera ryiwe rigorana mu gihe azoba ariko arakura : « Iyo umwana atitabwaho bikwiye n’umuvyeyi, kuva akivuka gushika Ku mwaka 1 n’amezi 8 imigenderanire hagati ya we n’abavyeyi biwe ntizoba myiza ahubwo azokunda imigenderanire afitaniye hamwe n’uwo mukozi canke uwundi wese azoba yaramuhetse igihe kinini, yamuhaye ivya nkenegwa nyamukuru. »

Alain Joseph agahamagarira abavyeyi kudatakaza iryo banga ryo kurera.

Inkuru yatororokanijwe na Jessica Tuyisenge, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top