Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Umuvyeyi ni ntasubirizwa mu buzima bw’umwana

Umwana wese afise uburenganzira bwo kubana n’abavyeyi biwe mu gihe bakiriho nkuko amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka k’abana abivuga mu ngingo yayo yi 9. Ariko n’ubwo biri uko, haracariho abana bataronka ubwo burenganzira…

David avuka mu ntara ya Gitega akaba afise imyaka 17. Kuva akivuka kugeza magingo aya arezwe na inakuru. Uwo mwana rero ngo igihe abavyeyi biwe bamwibaruka bose bari bigana mu mwaka w’umunani, ariko se ntiyashotse yemera ko ari umwana wiwe, ivyo rero bikaba vyatumye amara igihe kinini atanditswe.

David avuga ati: «Nkuko babimbwiye kuko ico gihe nari nkiri muto, banyandikishije mfise imyaka 3. Papa yari yaranse kwemera ko ndi umwana wiwe, ariko nyokuru kubera ariwe yandeze araraba ukuntu noguma ntanditswe ni ko guca afata ingingo yo kwegera abavyeyi bavyara papa baravugana kugira banyemere. N’ubwo bitoroshe cane, bahavuye banyemera hama baranyandikisha. Gusa ico gihe cose sinari bwabone papa. Yatanguye kuza kundaba mfise imyaka 11. Hari igihe vyashika nkabaza aho papa ari igihe cose babwira ko yantaye adashaka kumbona».

 N’ubwo inakuru wa David yashoboye kumutwara kw’ishure akiga, hari abandi bana iyo barezwe na ba inakuru bataronka amahirwe yo kujanwa kw’ishure nkuko vyashikiye Nadine w’imyaka 9 aba mu ntara ya Kayanza. Uwu rero yakuriye kwa inakuru akaba ari na we yita nyina, nayo Diane yamuvyaye akamuhamagara mw’izina kuko ata gishika c’ubuvyeyi yigeze amugirira ubona ko yari yaramutaye yigira i Bujumbura. Ku bw’ivyo Nadine ntivyashobotse ko aja kw’ishure kuko inakuru yoca abura uwumufasha ibikorwa vyo muhira.

 Akamaro k’umuvyeyi mu buzima bw’umwana

Ego ni vyo abo baja mu kibanza c’abavyeyi bagaheza bagaha uburere abo bana bakora ibikora inka, ariko hari aho batageza na canecane mu bijanye n’urukundo hamwe n’ikigumba gumba c’abavyeyi. David avuga ati :« Birababaza cane kuba udafise uwo wita mama canke papa bakwibarutse iruhande yawe. Nubwo bitaba kenshi ariko hari n’igihe nkenera ikintu ndagisavye nyokuru akabwira kwataco afise, birambabaza kuko mba numva ko iyaba mama ari ngaha atari kukinyima ».
Eric Nkurunziza umwigisha muri kaminuza akongera akaba umuhinga mu bijanye n’inyifato nawe aremeranya ni vyo David avuga :« Abavyeyi ni ntasubirizwa. Akenshi abana bafatira akarorero k’ubavyeyi babo, iyo badahari rero barabura uwo bigirako. Impande y’abavyeyi n’ico kibanza conyene umwana yumva yinsanzuyemwo. Bisigura yuko umwana adakuranye n’abavyeyi bamwibarutse hariho ivyo ataronka ».

Ngo n’ubwo hariho abo abavyeyi bemera bakuze, hari n’abandi bana barinda basaza batigeze bamenya papa wabo. David avuga ati : « Jewe ndashima kubona papa wanje yaranyemeye. Ndazi abana kugeze uno munsi batazi ba papa babo ».
Arangiza atera akamo abavyeyi bihakana abana avuga ati : « Nimba abavyeyi baba bakoze amakosa, umwana aba akiri muto ntiyoca arwa mu mporero. Nico gituma umuvyeyi wese akwiye kuba hafi y’umwana na canecane akiri muto kuko niho aba amukeneye cane. Naho ataco yoba afise amuha igikuru kiruta vyose ni urukundo. Ni na yo mpavu abana benshi bakura muri bene ubu buryo usanga atarukundo bafise kuko ntarwo baba bararonse ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top