Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Amakuru makuru makuru yaranze akarere ka Afrika y’ubuseruko mu ndwi yo kuwa 26 Myandagaro gushika kuwa 02 Nyakanga

Muri Uganda, itegeko rigenga gukingira ibikorwa  vy’abaririmvyi ribwirizwa kuba ryagiye mu ngiro imbere y’iminsi mikuru irangiza umwaka wa 2024, Igihugu ca Kenya cashize ku mugaragaro  umu kandida wabo Raila Odinga mu matora y’uwuzorongora ubumwe bwa Afirika azoba muri Ruhuhuma 2025, Mu Rwanda amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru abwirizwa bumenyesha ikarata simu yahinduwe canke iriko irakora amanyanga, Muri RDC Abafungwa bashika kuri 129 baritavye umuremyi mw’ijoro ryo kuri uno wa 01 Nyakanga rishira irya 2 Nyakanga 2024

Kubwa Eddy Kenzo ngo igihugu ca Uganda gitegerezwa kuba caratanguye gushira mu ngiro itegeko rigenga gukingira ibikorwa vy’abaririmvyi imbere y’iminsi mikuru irangiza umwaka wa 2024. Ivyo yabivuze kuwa 28 Myandagaro 2024 aho hariko hahimbazwa  indwi y’indirimbo ziririmbirwa mu nzira ʺJAM SESSIONʺ n’urwego rukuru rw’abaririmvyi ari rwo UNMF (Ugandan National Music Federation).

Nk’uko vyandikwa na Pulse Uganda, ngo uburenganzira bw’abaririmvyi ku bikorwa baba bakoze bitegerezwa kuja mu ngiro kugira abaririmvyi baronke ibihembo bikwiranye n’ibikorwa baba bakoze. Eddy Kenzo aherutse kugenwa kuba umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Uganda ari we Yoweri Museveni arizera ko iryo hangiro azorishikako narirya biri mu gisabo umukuru w’igihugu yabahaye. Yagize ati:ʺ  Rino tegeko rigenga gukingira  uburenganzira bw’ibikorwa vy’abanyamuziki ryaragoranye gushirwa mu ngiro arico catumye duhindura uburyo bwotuma rijaho kandi turabona ko biriko biragenda neza ubu. Mu minsi iri imbere tuzogenda kuraba umukuru w’igihugu tumushikirize ivyo twashitseko ʺ

Igihugu ca Kenya cashize ku mugaragaro  umu kandida wabo Raila Odinga mu matora y’uwuzorongora ubumwe bwa Afirika azoba muri Ruhuhuma 2025

Ivyo birori vyari vyitabiriwe n’indongozi zikomakomeye zo mu bihugu vy’akarere ka Afirika y’ubuseruko harimwo n’umushikiranganji wa mbere mu Burundi Gervais Ndirakobuca. Mw’ijambo ryiwe ry’urwo rubanza rwo hejuru, William Ruto yamenyesheje ko yizeye Raila Odinga ko ari umuntu wo kwizera, abona kure kandi akaba yitwara nk’intwari. Kubw’umukuru w’igihugu ca Kenya ngo ntawundi wo gutora Atari Raila Odinga. Uyo nawe avuga ko aramutse atowe ibintu nyamukuru yokwihutira ni kurondera amahoro ahari intambara n’ukutumvikana, guhangana n’ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe no kwitaho ivy’ubutunzi ku ruhande rw’urwaruka. Ikinyamakuru RFI canditse iyo nkuru kimenyesha ko azoba afise abandi bazohiganwa ari 3 bava mu bihugu bikoresha igifaransa arivyo  Madagascar, Djibouti n’Izinga rya Maurice

Mu Rwanda amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru abwirizwa bumenyesha ikarata simu yahinduwe canke iriko irakora amanyanga

Mu Rwanda ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru ritazohagarika canke imenyeshe ikarata simu yahinduwe canke iriko irakora amanyanga inyuma y’amasaha 48 rizocibwa ihadabu ry’imiriyoni 2 z’amafaranga akoreshwa mu Rwanda kuri buri karata simu.

Ivyo vyashikirijwe n’ikigo kijejwe kugenzura ibijanye n’imihora yo gutumatumanako amakuru yo mu Rwanda. Kwandika ikarata simu ku mwidondoro atariwo canke wo mu manyanga uri mu vyatumye hafatwa iyo ngingo kuko zica zikoreshwa mu bugizi bwa nabi. Ico kigo kijejwe kugenzura ukuntu amashirahamwe atumatumanako amakuru akora arico RURA ngo ntikizokwihanganira uko ayo mashirahamwe yirengagiza guhagarika amakarata simu yibwe, canke y’abantu bitavye imana canke ayakoreshwa mu busuma. Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru the New Times Rwanda, uwo bazosanga ikarata simu idakwije vyose vy’umwidondoro canke ikaba iriko ikoreshwa ubugizi bwa nabi izina ryiwe rizoca rihagarikwa mu mihora yose gushika amatohoza yimbitse arangiye. Ivyo bibaye uko mu gihe kuva muri Nyakanga 2022 gushika muri Kigarama 2022 habonetse ibijanye n’ubusuma canke ubugizi bwa nabi bugera kuri 32 kw’ijana , igiharuro canditswe na New Times Rwanda

Muri RDC Abafungwa bashika kuri 129 baritavye umuremyi mw’ijoro ryo kuri uno wa 01 Nyakanga rishira irya 2 Nyakanga 2024,

Iryo bara ryabereye mw’ibohero rikuru ry’ i Kinshasa ryitwa Prison Centrale de Makala. Muri abo bapfuye, 24 bose bishwe barashwe n’abacungera iryo bohero rikuru kubera banse kwemera ivyo babwiwe,abandi nabo bapfira mu misunikano kubera hari imigundano yatewe nuko abo bafungwa bariko barahunga abandi kubera ukubura impwemu. Ubugizi bwa nabi bwahabaye ni bwinshi kuko hari abagore bafashwe ku nguvu abandi barahohoterwa muri iyo migundano n’ibindi.Nk’uko bivurwa ra RFI  muri revue de presse, ngo iyo migundano yoba yatanguriye  ku ngorane z’icikagurika ry’umuyagankuba wo mu cumba ca 11 ariyo Pavillon 11 watumye abafungwa babura impwemu baca bashaka kubomora umuryango , niko guca bavanganwa n’abandi bafungwa bari mu  bindi vyumba haca haba uruhagarara abantu batangura guhonyoranako no gusunikana, n’umucanwa uraduka.Ibindi vyononekaye ni nko mu buriro ,mw’ivuriro ryo muri iryo bohero  mbere n’izindi nyubakwa ziriyo. Aho rero mwomenya ko iryo bohero rikuru ry’i Makala ryari ryubakiwe abantu 1500 ariko rikaba rifungiwemwo abashika ku bihumbi 15. Nk’uko vyandikwa na RFI abo bose bafunzwe, harimwo benshi bataracirwa urubanza

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top