Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Uganda : imiti yo gufufahaza umugera wa Sida yaragaburiwe ingurube n’inkoko

Muri Uganda, imiti yo gufufahaza umugera wa Sida yaragaburiwe ingurube n’inkoko kandi ngo bishobora kugira ingaruka ku magara y’abafunguye inyama z’ibikoko vyayiriye. Abanya Kenya, abanya Tanzaniya hamwe n’Abanyekongo barashobora kugenderanira ata visa zisabwe,… Kaze mu makuru yaranze akarere ka EAC mu ndwi yo ku wa 04 gushika ku 10 Nyakanga 2023.

Vyatangajwe n’ikigo c’igihugu NDA kijejwe kugenzura ubuziranenge bw’imiti. Iyo miti ngo yakoreshejwe mu kuvyibusha no gukuza vyihuse ivyo bitungwa, ariko kandi ngo yoba inavura ingwara y’akaranda k’ingurube (peste porcine) hamwe n’ingwara y’inkoko izwi kw’izina rya « Newcastle disease »

Icegeranyo ca Kaminuza ya Makerere kivuga ko igice kimwe ca gatatu c’inkoko, n’ibice 50% vy’ingurube zasuzumwe basanze zifise udusigarira tw’imiti ifufahaza umugera wa SIDA (ARV). Amos Atumanya, umuyobozi mukuru wa NDA yamenyesheje imbere y’inama nshingamateka ko hashobora kuba ingaruka zikomeye cane ku magara y’abafunguye inyama zirimwo utwo dusigarira.

Zimwe muri izo ngaruka ngo ni nko gutuma uwafunguye inyama zirimwo utwo dusigarira mu nyuma akandura umugera wa Sida adashobora gufashwa n’imiti yo kuwufufahaza kuko umubiri wiwe uzoba waramaze kumenyera iyo miti. Inkuru tuyikesha ikinyamakuru BBC.

Muri Kenya baragabishwa ko imvura nyinshi yonona ibintu El Nino igiye kugwa

Nkukwo tubikesha « Kenya News Agency », ivyo bihe vy’imvura idasanzwe bitegekanijwe kuzoshika hagati y’indwi igira kabiri hamwe n’iya gatatu mu kwezi kw’icumi. Abo mu karere ka Kajiaro bakaba bagabishwa cane ko iyo mvura izobakorako.

Jane Nyagathiri umuyobozi w ‘ikigo kijejwe gutegekanya ivy’ibirere, amenyesha ko iyo mvura ishobora kuba inkwezi y’ivyiza n’ibibi. Ku bwiwe ngo ishobora gukosora ukugaduka kw’isi na rirya mu minsi iheze aho muri Kenya hari harabaye uruzuba… Iyo mvura ariko kandi ishobora kwonona ibitari bike nk’ahantu hasanzwe hari amazi canke ibidengeeri vyayo.

Uwo muyobozi rero akagirako ahamagarira abo mu gace ka Kajiaro kwitegurira neza iyo mvura mu gutera ibiti, gusibura imireserege ijejwe gutwara amazi y’imvura kugira ntihabe imyuzurira, gutegekanya ibigega vyo kubikamwo amazi yo gukoresha ibi na biriya, hamwe no kwegera abahinga mu burimyi kugira ngo babasabe impanuro z’ibiterwa boshobora kurima bijanye n’ivyo bihe vy’imvura.

Ivy’iyo mvura El nino vyashikirijwe mu gihe mu ngwi iheze Abakuru b’ibihugu n’ama Reta bari bahuriye aho mu gihugu ca Kenya kugira ngo bige ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe.

Mu Rwanda harahagaritswe uwagirizwa kwica abantu

Uwo munyarwanda w’imyaka 34 yagirizwa ko yishe aranaturira abantu benshi mu nzu yarasanzwe apanze i Kanombe mu buseruko bwa Kigali. Nkukwo tubikesha RFI, uwo yagirizwa w’izina rya Kazungu Denis ngo yakoresha amayeri mu guhamagara iwe abakora akazi ko kudandaza umubiri akabasopa amaterefone akiba amafaranga abitse ku ma compte yayo materefone imbere yo kubaniga agaca abata mu kinogo kiri aho nyene ku rugo rwiwe.

Nkukwo bivugwa n’ibinyamakuru vyo mu Rwanda, uwo mugabo yoba yarishe abagera kuri cumi kandi ngo yari yarigeze gufatwa muri mukakaro

Nta visa igisabwa mu migenderanire y’abantu hagati y’ibihugu vya Kongo, Kenya na Tanzaniya

Ivyo ni ibiherutse kwumvikanwako n’ivyo bihugu nkukwo tubisoma mw’itangazo ry’ibiro vy’umunyamabanga mukuru wa EAC ryo gukeza ivyo bihugu ryasohotse ku wa 08/09/2023. 

Gukuraho ivyo gusaba visa ku banyekongo binjiye muri Kenya canke muri Tanzaniya, co kimwe n’abanya Kenya canke Abatanzaniya baja muri Kongo, biri mu mahangiro y’umuryango w’ibihugu bigize umuryango EAC yo gushiraho ubwigenge mu kwiyunguruza kw’abantu n’ibintu kugira ngo urudandazwa hagati y’ibihugu bigize uwo muryango vyiyongere nkukwo bisanzwe biri mu masezerano ajanye n’isoko rusangi hagati y’ivyo bihugu.

Dr Peter Mathuki, umunyamabanga mukuru wa EAC agahamagarira ibihugu bitarakuraho ingingo yo gusaba visa kubanyamuryango wa EAC bavyinjiramwo ko vyogira vuba bigahamvya ibindi.

Ingabo z’akarere ziri kugarukana umutekano muri Kongo zarongewe amezi atatu

Mu gihe manda y’izo ngabo yari yitezwe kurangira ku wa 8/09/2023, inama yahuje abarongoye ibihugu bigize EAC yabereye i Nairobi iruhande y’iyiyindi nama yari yabahuje ijanye n’ihindagurika ry’ibihe, haratangajwe ko ikiringo c’izo ngabo congerejwe gushika itariki 08/12/2023. Ivyo bikaba bishitse mu gihe haherutse kuba imyiyerekano yo kwiyamiriza izo ngabo hamwe n’abasirikare ba ONU bari muri ico gihugu ko ataco bariko barahindura mu guheza intambara, ikaba yaranahitanye ubuzima bw’abantu bagera kuri 43 n’abandi 160 bakomeretse. Iyi nkuru na yo tuyikesha ikinyamakuru BBC.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top