
Umugambi wa Reta y’Uburundi PIPARV-B ufashwe mu mugongo n’ikigega mpuzamakungu FIDA citaho uburimyi, kuri uwu wa 12 Rusama 2021 watanze ibibuguru vy’ingurube 640 mu makomine ya Gatara, Kabarore, Kayanza na Matongo yo mu ntara ya Kayanza. Ivyo bikorwa rero bikaba biri mu ntumbero yo kurwanya ubukene mu miryango
Umunezero wasomeka ku maso y’abakiriye ivyo bibuguru kukabankako vyahawe imiryango itagira igitungwa na kimwe mu rugo. Bivuzwe neza, ni imiryango ikenye itarenza ihegitari 0,5. Benshi mu bahawe ingurube basa n’abibera mu bibanza gusa, eka mbere nk’uko bavyivugira ngo babeshejweho no guca ingero.
Muri ico gikorwa co gutanga ibibuguru vy’ingurube kuri iyo mitumba hatanzwe amakinga 23 n’amaterefone agezweho arimwo ubuhinga bwa none 23 ku baganga b’ibitungwa bo ku mitumba. Amakinga akaba yatanzwe kugira azofashe abo baganga kwiyunguruza baja kuvura ibitungwa vy’abanyagihugu na yo amaterefone akazofasha gutanga inkuru n’amafoto aho hose hokwaduka ingwara y’akaranda kugira abaganga bace bayigwaniriza aho izoba yadukiye itararandagata.
Niyonkuru Evelyne ni umwe mu bakenyezi baronkejwe ikibuguru c’ingurube. Uyu muvyeyi w’abana 3 n’umunezero mwinshi, avuga ko agiye nawe gutera imbere nk’abandi, arime yimbure yorore ashore n’abana bige. Agira ati: « Ndubatse mfise umuryango ariko sindigera nimbura ibiharage birenga ibiro 10. Aho mfise ndaharima iminsi ibiri gusa nkaba ndahamaze na ho nyene nta n’umwavu wogushiramwo naronka. Mubisanzwe jewe n’umugabo wanje dutunzwe no gukorera abandi bakaduha ivyo turarira. Iyo tubuze abo dukorera turara ubusa canke tukabwirirwa. » Uyu mukenyezi w’imyaka 30, akishimira ico kibuguru yahawe ko kigiye kumubera umugisha mbere kizotuma yimbura n’ibiro 50 kuko agiye kuronka umwavu wo kumena mu karima kiwe.
Eka umunezero no mu miryango y’abatwa baronse ingurube wari wose. Viyoreta Ndayisenga ni umutwa w’abana 5 yarose ingurube. Uyu muvyeyi agira ati: «Tuributswe. Twari twarihebuye kuko aho tuba twibera mu duparasera gusa. Ntitugira inyuma y’inzu turima canke tumena akavu. Ubu jewe ko ndose ingurube nzoyitaho, umwavu ngurishe, ndose uwumpa aho ndima tugabure njane umwavu nshiremwo. Ndazi ubuzima bugiye kumera neza. Nzoyibungabunga. Iyi ngurube ni umugisha. Nzoyorora ntinde ndayikuremwo agasuka ko kurimisha, kuko nahora mbura aho nkorera utwo kurya tukarara ubusa kubera kubura isuka yo gucisha ingero. » Uyo muvyeyi w’imyaka 26 anavuga ko biciye kuri iyo ngurube yiteze guhindura ingene asanzwe abayeho, yambare neza, afungure ibikwiye mbere n’abana bari bataciga basubire kw’ishure.
None batowe gute abahawe ivyo bibuguru?

Mu ntara ya Kayanza umugambi PIPARV-B uriko utanga ibibuguru ku mitumba 20 iri mu makomine 4Gatara, Kabarore, Kayanza na Matongo. Maurice Ntahiraja ajejwe ivy’ubworozi muri uwo mugambi avuga ko abahawe ivyo bibuguru mu gutorwa habaye inama ya bose kuri iyo mitumba yose. Abanyagihugu ni bo bitoranira hagati yabo bafatiye ku vyo batunze. Aho rero hararabwa isi ndimwa bafise n’ivyo boroye. Uyo mugwi rero waronse ivyo bitungwa ni umugwi w’abanyagihugu bakenye cane, badafise inka, badafise impene, batanagira n’ingurube bafise n’isi ndimwa iri musi y’inusu y’ihegitari. Batorwa mu muco kuko bemezwa mu nama ya bose.
Maurice Ntahiraja amenyesha rero ko ku mutumba wose batanga ingurube 30 zivyara, hamwe n’amasuguru yazo 2. Ariko kandi mwomenya ko kuri iyo mitumba nyene yatanzwe ko ingurube hazonatangwa impene 60 z’ivyara n’amasuguru yazo 4 gushika mu kwezi kwa Ruheshi 2021. Izo zose rero zikaba ari izo mu bwoko bwa kijambere.
None ko zahawe abakene ntizizohava zibapfirako?
Maurice Ntahiraja ati: « Aba bakenye hariho inyigisho z’ibanze bahawe. Umugambi PIPARV-B waranategekanije ishure ndimo aho bazokwiga ivyo kworora ibitungwa mu kiringo c’amezi 6. Kandi bazoza baraja no kuraba ibigirwa ahandi gutyo bibafashe kumenya kworora neza. »
Hampande y’ivyo, Ntahiraja amenyesha ko uwurose ingurube wese bamuha amaturuto azomara amezi 3 bazigaburira. Ariko abo mu miryango y’abatwa ngo bazoraba ko bobaha amaturuto azomaza ivyo bitungwa amezi 6 kuko berekanye ko bakenye cane. Na yo ku vyerekeye ubuvuzi, Ntahiraja avuga ko abo bahawe ingurube bazozibavurira ku buntu umwaka wose.
Maurice Ntahiraja amenyesha kandi ko igihambaye atari ivyo bitungwa biriko biratangwa, oya. Ahubwo nyabuna ko igikomeye ari ingene abanyagihugu bariko barategurwa mu nani z’abasangiye ingendo mw’iterambere. Bisigura ko abo barose ibitungwa bazokwokorera abandi bataronse, umwe wese akazotanga ibibuguru 3. Ivyo rero bizotuma abanyagihugu bose hagera igihe baronka ingurube borora mu kiringo gito.
Ubuyobozi buragabisha ko ivyo bitungwa vyobungwabungwa
Corneille Ntakiyiruta ajejwe gukurikirana ibikorwa vy’umugambi avuga ko ivyo bitungwa atari ivyo kubaga canke kugurisha. Ahubwo ko ari imbuto bahawe kugira bagwize umwimbu gutyo bave mu bukene. Rero ko atawohirahira ngo agurishe canke afate nabi iyo mbuto bahawe kuko ari itunga rusangi. Agira ati: « Ni imbuto yatanzwe kugira igwize mbere n’abandi bazobonereho. »
Nsaguye Sylvestre yaserukiye musitanteri wa komine Kayanza avuga ko abajejwe intwaro kuva ku mutumba gushika muri komine bagiye kwama bakurikirana hafi uwo wese yahawe igitungwa kandi ko uwo bazosanga yagifashe nabi bazokimwaka bakagiha uwushoboye kugitunga kuko ni itunga rusangi, na yo, ngo uwuzohirarahira akakirya azoca akiriha mbere hajeko n’ibihano bitegekanijwe.




