Umugambi wegukira ishirahamwe mpuzamakungu FIDA ryitaho uburimyi n’ubworozi, kuruyu wa 25 ntwarante, ryaramutse rishikiriza ibibuguru, kuri ba ntahonikora bo ku mitumba ine yo muri komine Itaba, mu ntara ya Gitega. Ba nyene kuronswa iyo ngabire bakaba bari mu munezero ntangere.
Ivyo bibuguru vy’ingurube biracanze, bikaba bigizwe n’ibisuguru hamwe n’amashashi, bikaba biri mu bwoko bwa «Landrace», imihana 128, ikomoka ku mitumba ya Mutanga, Kanyinya, Butare na Buhanga akaba ariyo yaronkejwe ivyo bi buguru.
Maurice Ntahiraja, ajejwe ivy’ubworozi mu mugambi PIPARV-B, ashikiriza ko ivyo bitungwa bizogabanganwa ku mitumba, mbere hakazokwongegwako n’ibindi bitungwa, nk’impene. Arongera agashikiriza ko ihangiro rya hafi, gushika mu kwezi kwa ruheshi hazoba hatanzwe ibitungwa ku mitumba izoba yatowe, mu ntara za Gitega, Kayanza, Karusi, Ngozi, na Muyinga. «Intumbero yacu ni iyo kugwanya ubukene mu kibano, na cane cane mu miryango isanzwe izingamitswe n’ubukene.» Maurice Ntahiraja, agirako amenyesha ko kuri buri mutumba hazotangwa ibisuguru 30 vy’ingurube, amashashi 2, hamwe n’impene 60, n’isuguru zazo 4.
Uwo muhinga Maurice amenyesha ko ubworozi bw’ingurube bwongereza umwimbu mu burimyi ku ncuro 3 canke 5, biturutse ku mwavu uva muri ubwo bworozi, mbere n’akanoti mu mufuko kakajayo iyo bagurishije, kubera ko ingurube zivyara ibibuguru biri hagati ya 8 na 10, kabiri mu mwaka, ikibuguru kimwe kikaba kigugwa ibihumbi 30.
Abahawe ibibuguru batowe ata nkunzi
Nkukwo bishikirizwa na Maurice Ntahiraja, mu gutanga izo ntungwa, biciye mu nama ya bose, hatowe ba ntaho nikora basanzwe bafise amatongo adakwiye ihegitari 0,5 yo kurimamwo, bakaba badafise intungwa, zaba impene, ingurube canke inka.
Hambavu y’ibibuguru vyatanzwe, ababironkejwe bose barahawe kandi ibikoresho vyo kuvura ivyo bitungwa mu gihe vyogwara, hamwe n’ibiro 90 vya turuto (tourteaux) iva mu bigazi, vyo kubifungurira mu kiringo c’amezi 3 ari imbere.
Mu ntumbero yo kworora ku buryo bushemeye, uwo mugambi PIPARV-B warigishije abaronkejwe intungwa ukwo bokworora neza izo mpene n’ingurube. Harashizweho kandi, kuri buri mutumba,umuganga w’ibitungwa ajejwe kubikurikiranira hafi, uwo nawe akazoronswa ikinga hamwe na terefone ngendanwa (androïd), kugira ngo ntagire inzitizi mu kazi.

Uburongozi busaba ko ivyo bitungwa vyofatwa neza
Abaronkejwe ibitungwa barakenguruka cane. Claudine Cobedetse, umupfasoni w’imyaka 62, wok u musozi Kanyinya, avuga ko ari ubwambere ahawe ingabire nk’iyo yahawe n’uwo mugambi. «Nahora ndima agatongo kanje, mugabo umwimbu ntiwahora ushemeye, kukubura umwavu. Ubuzima bwanje bugiye guhinduka kubera ibi bitungwa ndonkejwe.»
Muri abo ba ntahonikora, abatwa na bo barashikiriwe, mukuronswa intungwa. Domitien Nyandwi, musitanteri wa komine Itaba ashikiriza ko abarimyi bo muri komine atwara basanzwe ari abakozi bashiruka umwete, mugabo bakaba bahura n’ikibazo c’umwavu muke. Arongera akavuga ko mu kiringo c’imyaka 2, abarimyi bose bo muri komine Itaba bazoba bafise umwimbu ushimishije, haba mu burimyi canke mu bworozi, buvuye ko bazoza barokoranira, ukwo habonetse ibibuguru, uwutaronse azoca ahabwa ibigera kuri 3.
Domitien Nywandwi aragabisha abo bose boba bafise umugambi mubi wo kugurisha ivyo bitungwa. «Twaravyumvikanye neza, mbere n’inyandiko ziriho, ko uwuzohirahira ngo agurishe, ibihano bihagije biza vyarategekanijwe»




