Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Ubudagi bwarasavye imbabazi Tanzaniya ku vyaha vyakozwe mu bukoroni

Gusaba imbabazi hagati y’ibihugu vy’Ubudage na Tanzaniya, Ikurwaho rya Visa ku banyafrika binjira mu #Rwanda, amatora mu gihugu ca Kongo, ni amwe n’ayandi yayazwe mu karere ka EAC mu ndwi yo kuva ku wa 30 Gitugutu gushika ku wa 5 Munyonyo 2023…

Uganda : Museveni ngo « hari ubusuma budasanzwe bubera mu bijanye no kurangura igitoro »

Ku rubuga rwiwe rwa X , rwahoze rwitwa Twitter, umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni yavuze ko hari amanyanga ahora akorwa mu bijanye no kurangura ibitoro hanze y’igihugu. Museveni ngo ayo makuru yayaronse kuva mu mwaka uheze, maze ashinga umushikiranganji wiwe ajejwe ivy’amasoko ntanganguvu kubikurikirana, ariko ngo ntacavuyemwo.

Museveni ngo yarahavuye arivyifatira mu minwe, maze asanga igihugu ciwe amafaranga menshi cane, kuko mu kurangura baca kuba komisiyoneri bo muri Kenya, hakuja aho kirangurirwa nk’ibindi bihugu vyose, kuko ariho kizimbutse. Ivyo ngo bigakorwa n’inzego zikuru ziri muri Reta. Aho ni mu gihe Uganda ikoresha amafaranga yababa imiriyaridi 2 z’amadorari y’amerika ku mwaka, mu bijanye no kurangura ibitoro hanze.

Uruhombo rukaba ruri hagati y’amafaranga 35 na 36 y’amadorare kw’itoni, bivanye n’ubwoko bw’igitoro. Ivyo rero ngo bikaba vyatumye Museveni afata ingingo yo kurondera aboza barashorera igitoro muri Uganda ku giciro giciriritse, akaba gushika kino gihe amaze kuyaga n’abakuru b’ibihugu vya Kenya na Tanzaniya, ngo babimufashemwo. Ariko kandi agirako anegura ibimenyeshamakuru n’abantu biyamirije izo ngingo ariko arafata, akabagiriza yuko bakorana n’abahora biba igihugu.

Tanzaniya : Ubudage bwasavye imbabazi ku vyaha vyakozwe mu bukoroni

Abanya Tanzaniya bababa hafi 300.000 nibo baharurwa ko bahitanwe n’ingwano hagati y’ico gihugu hamwe n’Ubudage mu ntango y’imyaka ya 1900, mu ntambara y’ubukoroni.

Umukuru w’igihugu c’Ubudage yavuze ko atewe « isoni » n’ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bukabije igihugu ciwe cakoreye Abanya-Tanzaniya mu gihe c’ubukoloni. Frank-Walter Steinmeier yabivuze ku wa gatatu w’indwi iheze ari mu nzu  y’i Songea, mu majepfo ashira uburaruko bwa Tanzaniya, aho izo ntambara zabereye. Yagize ati : « Ndifuza gusaba imbabazi kubera ivyo Abadage bakoreye abakurambere banyu hano. Ivyabereye hano ni amateka dusangiye, amateka y’abakurambere banyu n’amateka y’abakurambere bacu mu budage. »

Tanzaniytaa yari imwe muri bihugu vyari mu bukoloni z’Ubudage muri Afrika y’ubuseruko, zari zigizwe n’ibihugu vy’ubu vy’u Rwanda, u Burundi n’ibice bimwe vya Mozambique. Umukuru w’igihugu c’Ubudage yavuze ko yizeye ko Tanzaniya n’Ubudage bishobora gukora bigamije « kuzirikanira hamwe » ivyo mu gihe ca kahise.

Yemeye « kujana izi nkuru mu Budage, kugira ngo abandi bantu bo mu gihugu canje bazozimenye ». Iyi nkuru tuyikesha BBC Gahuzamiryango

Kenya : abantu bababa 15 barahitanwe n’imvura y’igihuhusi

Nkuko vyemezwa n’ikigo kijejwe gutabara imbabare (Croix Rouge) muri Kenya, iyo mvura yaguye kuri uyu wa 05/11/2023 yarahitanye kandi ibitungwa bigera ku 1.067, nayo inyubakwa zigera ku 15.264 zirabomoka.

Iyo mvura  yaguye ahanini mu karere k’uburaruko bwa Kenya, ahazwi ko imvura ihagwa gake. Ivyo vyabaye inyuma y’indwi imwe, ikigo kijejwe kuraba ivy’ibirere muri Kenya, cari catanganje ko hari imvura igiye kugwa ari nyinshi, igashobora no kwonona ibitari bike. Kenya rero ifadikanije umubabaro muri kino gihe n’igihugu ca Etyopiya, aho naco cabuze abantu barenga 20, nayo abagera ku 12.000 bateshwa izabo n’imyizurira, mu karere k’ubuseruko bw’ico gihugu, ku musi wa gatandatu w’indwi iheze. Vyandikwa na VOA

RD Congo: Moïse Katumbi yaremerewe kwitoza mu matora yo muri Kigarama

Moïse Katumbi akaba yanahoze atwara intara ya Katanga ni umwe mu banyeporitike bo muri ico gihugu bazwi cane. Gushaka kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu yari yarabigaragaje mu mwaka wa 2018 ariko ntivyakunda kubera dosiye yari afise mu butungane yahavuye ituma ahunga n’igihugu.

Mu matora y’Umukuru w’igihugu yimirije kuba muri kigarama uyu mwaka, Moïse Katumbi yari yitwariwe numwe mubo bahiganwa ariko ku wa 30 Gituguru sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ibigira impfa gusa iramweza. Mu vyo yagirizwa hakaba harimwo ibijanye n’ubusuma bw’ubutare hamwe no kuba atari umunye Kongo w’imvukira yaho.

Kugeza ubu, abakandida bangana nn harimwo n’Umukuru w’ico gihugu Félix Antoine Tshisekedi ni bo bamaze gutangazwa ko bemerewe kuzokwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe ku wa 20/12/2023. Inkuru yanditswe na Politico.cd

Rwanda : nta visa izosubira gusabwa umunyafrika

Perezida Paul Kagame yarakuyeho ivyo gusaba urupapuro rw’inzira Visa kubinjira muri ico gihugu mu gihe ari abanyafrika. Nkuko tubikesha ikinyamakuru The Independant, iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo guteza imbere uruza n’uruza rw’abantu ari narwo rutuma urudandazwa hamwe n’igisata ca ba Mukera rugendo bitera imbere.

Kubw’ivyo, Urwanda kibaye igihugu kigira kane ku mugabane wa Afrika mu bimaze gufata iyo ngingo inyuma ya Gambia, Benin hamwe na Seychelles. Igihugu ca Kenya na co nyene kikaba gitegekanya gufata ingingo nk’iyo guhera mu mwaka uza.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top