Abana bagendana ubumuga bwo ku mubiri 171 ku 244 nibo biga kw’ishure ryitiriwe Kizito Mweranda mu mwaka w’ishure wa 2019 – 2020. Hisunzwe ibiharuro vyakozwe, mu mwaka uheze abamugaye bamenye hagati y’ibice 70 na 80 kw’ijana. Naho biri uko, umubikira Anne Marie Mushiranzigo, umuyobozi w’iryo shure, amenyesha ko hari ibikoresho bigikenye aho hantu nk’udukinga two kwiyunguruza …
Ikigo c’ishure citiriwe Kizito mweranda kiri mu gisagara ca Bujumbura, muri komine Ntahangwa, zone Ngagara. Ico kigo gifise amashure agarukira mu mwaka wa gatandatu. Cakira abana bagendana ubumuga bwo ku mubiri n’abatabufise ariko kandi kikavura abari hagati y’imyaka 7 na 18. Mu ntumbero yo kworohereza abagendana ubumuga bahiga, iryo shure ryarubatse amazu y’uburaro ashobora kwakira abana bashika 150.
Muri co kigo hari abana bafise ubumuga butandukanye. Hari abafise ukuguru kumwe, abafise ukuboko kumwe, abanyoganyoga n’abandi. Bamwe biga bicaye mu dukinga, mu gihe abandi baba bahagatiwe na bagenzi babo bakomeye nayo hagera kuja kwandika ku kibaho, abandi bana bakabasunika mu dukinga.
Ko higa abakomeye n’abamugaye, babanye gute muri ico kigo?
Franc Kigongwe yiga mu mwaka wa gatandatu kuri ico kigo. Uwo ntibikunda ko atambuka aticaye ku gakinga. Avuga ko abanye neza n’abandi bana kandi bamufasha muri vyinshi. Nk’uko avyivugira, ashatse kuja nko mu kazu k’ubwiherero, abana bakomeye ni bo bamwiyegeka bagaheza bakamujana bakongera bakamugarukana. Avuga ko bamwunganira gose ari nko mu kumwegereza utuntu tumuri kure abona ko atoshikira vuba n’ibindi.
Umubikira Anne Marie ayoboye ico kigo amenyesha ko mu ntumbero yo kubashira ku murongo umwe, igihe cose uko umwaka utanguye hama hatunganijwe inyigisho z’abana bose aho babigisha kugira umutima w’urukundo, ugufatana mu nda igihe cose kandi bagahozako, ati:« Kubera ko hari ababa baje kwiyandikisha ari bashasha, dutegerezwa kubigisha kubana n’abandi, mu ntumbero yo kuzitira hakiri kare, abatamugaye ntibahave babona ko umenga hari ico barusha abatamugaye gutyo bakagira akagwi kabo kandi baravyubahiriza ».
Mu biga kuri iryo shure hari abamaze kuvurwa barakira?
Umuyobozi w’ishure avuga ko naho bigoye kwemeza ko ubumuga bwakize, hari abamaze kuvurwa kandi barakira neza.
Bonheur Dushime ni umwana yiga mu mwaka wa gatandatu. Avuga ko akiza gutangura ishure yariyaramugaye, ukuguru kumwe bidakunda ko atambuka atari mu gakinga canke ngo yishimikize imbago. Ngo abonye abandi bana bariko bariruka yumva intuntu akibaza nimba nawe bizomushobokera akagendagenda nk’abandi. Niho munyuma amaze kuza arakurikiranwa n’abaganga kuri ico kigo yatevye arakira, ubu akaba yiruka neza ata n’uguhinyagara.
Umuyobozi ati: « Hisunzwe uko ibiharuro vyagiye birakurikirana ku mwaka ku mwaka, kw’ishure haravugwa abana bari hagati ya 100 na 180 ». Yongerako ati : « Mu bisanzwe havurwa abana benshi. Ariko ntawokwemeza nk’uwahavuye acibwa ukuguru ko aba yakize naho igikorwa co kumuvura kiba cabaye. Harabaho abagororwa n’abagirishwa imyimenyerezo ifasha mu gutambuka abadakize gose bagakurikiranwa ku buryo babaho nk’abakomeye muri ubwo bumuga bwabo nyene ».
Yamara intambamyi ntizibuze
Nk’uko Mushiranzigo abimenyesha, ishure ryitiriwe Kizito mweranda, rikenera ibikoresho vyinshi ariko kubironka ntivyoroha. Abavyeyi ico basabwa ni amakaye, amakaramu, n’utundi twangombwa dutoduto dukenerwa n’umwana hato na hato. Ibindi vyose bikenerwa na cane cane ibikoresho nyunganirangingo ari nk’udukinga canke ibishigikira amaguru, vyasabwa ko baza babisanga kw’ishure ibihasanzwe bikaba bidakwiye.
Uwo muyobozi agashimira abagira neza badahengeshanya mu kubafata mu mugongo nk’ishirahamwe ryo muri Suisse, World Food for the Hungry ryabaronkeje udukinga, world Vision ndetse n’yandi mashirahamwe yagize ico akora kuri iryo shure. Akanahamagarira n’abo bose bafise ico bofasha mu ntumbero yo gushigikira ico kigo ko bobashigikira kuko ibigikenewe ari vyinshi.




