Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Akazi kubagendana ubumuga : intambwe iracari ndende

Umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga uhimbazwa itariki 3 za kigarama, kw’isi yose. Mu gihe abo bagendana ubumuga bakenera kwibeshaho, mbere bagatunga imiryango, ukuronswa akazi ngo ni umuzi w’ibuye …

Birashoboka ko ata bushakashatsi burakogwa ngo bwerekane ukwo ibiharuro bimeze ku bijanye n’abagendana ubumuga bahabwa ubuzi mu mashirahamwe, mugabo, nkukwo bivugwa na ba nyenevyo (abamugaye), ntibahurumbigwa n’abatanga ubuzi.

Jean Claude Ndihokubwayo, yagize isanganya ry’imodoka, acika ukuguru, agira ati : « Imbere y’ukwo ngira isanganya, nahora nunguruza abantu kw’ikinga. Maze gucika ukuguru sinari gusubira gukora ako kazi. Nararondeye akandi bansaba nko gukoresha amaboko, mugabo ntanahamwe bigeze banyizera ngo bakampe. N’ubu ndacarondeza hirya no hino, mugabo nsa n’uwarambiwe. Abagendana ubumuga badufata nk’ukwo atanakimwe dushoboye. »

Izo ngorane, Claude ntazisangije. Aline Mukundabantu, nawe nyene afise ubumuga bw’amaguru yose, akaba arikwo yavutse. Ashikiriza ko nubwo agendana ubwo bumuga, hari vyinshi ashoboye, yomarira igihugu hamwe yoronswa akazi. « Turashoboye ibitari bike. Nubwo tuba dufise ibibazo bimwe bimwe, hari izindi ngabire nyinshi dufise, mbere wanashima zishobora kuba zisumvya abitwa ko bafise amagara akwiye. » Aline agatera asaba ba nyene amahinguriro ko bobizera, bakareka kubasuzugura batabanje kuraba ko ivyo basabwa batabishoboye.

Iyo bagahawe ntibakanjanjwako …

Mw’ihinguriro Chalk Chain, rikora ingwa, bobo basa n’ababitahuye, mukuronsa akazi abagendana ubumuga bagera kuri bane. Ku kivi, ngo ntibasamara. Aimé Ndizeye, arongoye iryo shirahamwe arabashingira intahe. « Mu kubaha akazi, naravye ibikorwa bashobora gukora bivanye n’ubumuga bafise. Mu bakozi bakora neza, bari mu ba mbere. Ntibazi guceregwa, canke ngo bacire akazi hagati. Baritanga gose, ivyo bajejwe bakabikorana ubwira ntangere». Ndizeye agirako atera akamo abashoye gutanga akazi, ko bokwizera abagendana ubumuga, kuko nabo bakeneye kwibeshaho nk’abandi bose.

Françoise N., yavutse afise ikibazo co kudakura ngo abe muremure, akaba ari umwe muri abo bahawe akazi. Uwo mwigeme w’imyaka 27 y’amavuko, avuga ko yaronse akazi yarahavye, ko bigoye kwizegwa ufise ibibazo nk’ivyo yavukanye. « Nabifashe nk’igitangaro, kuko narimaze kurondera akazi kenshi gashoboka, mugabo ntakaronka. Ubu rero ndagafise, sindagasamara ko, kuko nka hamwe kohera, sinibaza ko noronka akandi vyoroshe. »

Renilde Nsabimana, nawe yamugajwe n’ingwara y’ubukangwe, ati :« Aha ku kazi iwacu baduhaye ivyo dukoresha amaboko. Tujejwe gushira ingwa mu du karato kugira zijanwe gukoreshwa ico zagenewe. Ivyo navyo biratworohera kuko twese amaboko ameze neza, nta ngorane dufise. Rero dukorana ishaka ryinshi kugira twerekane ko abatwizeye batihenze. »

Bose hamwe baratera akamo kubatanga ubuzi, ngo bahagarike gukumira abagendana ubumuga, bagasaba agaciro ka zina kiremwa muntu.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top