Mu gihe bari barembejwe n’imiryango, incuti n’abagenzi batukagurwa ngo barutwa n’abatigeze baca ku ntebe y’ishuri kubera bize bakabura akazi ka Reta, Nina Ininahazwe umwigeme w’imyaka 32 yarabagobotse gutyo abigisha kwiga kwibeshaho. Ubu bamwe mu rwaruka rw’i Karusi bariko baribagira ko ari abashomeri.
Nina ahejeje ivyigwa mu gisata cigisha ibijanye n’inyifato kuri Kaminuza y’Uburundi mu 2018, yaciye asubira ku gatumba. Aragerageza kurondera akazi, mu vyo yize, nk’abandi bose, arabura. Mugabo ntiyaciye arera amaboko ngo yicare. Yaciye aja gukora igikorwa c’ubwitange mu kigo c’amahoro n’iciteramabere c’i Karusi (Centre pour la Paix et le Développement de Karusi), aho yumviriza agafasha abitura ico kigo (“Prise en charge psychosocial”).
Ariko arakira abantu, ni ho vyashika haza abigeme bahejeje kwiga badafise akazi baba baraganira. Bamubwira ukuntu ubukene bugire bubomore, mbere ko no mu miryango yabo birirwa baratukwa ngo amashure bize ntaco abamariye. Ni ho Nina yaca yigira inama yo kubegeranya maze atangura kuza arabahuza rimwe mu ndwi bakayaga ariko bariko barakora n’utundi dukorwa nko kujisha ibiseke, inkoko, n’ibindi. Ivyo rero yabigize kugira abanze abakuremwo ivyiyumviro vy’uko ari abashomeri, mbere aca atanguza ishirahamwe aryita « Ijefichame » (Initiative des Jeunes Filles pour le Changement de mentalité), rikaba ryaranditswe muri komine, ubu ariko ararondera kuryandikisha mu kigo kijejwe guteza imbere no guha intumbero amakoperative “ANACOOP” ?
Barikenura biciye mu dukorwa bakora…
Iryo shirahamwe ry’urwaruka rw’abigeme ruharanira guhindura ivyiyumviro ryatanguye rigizwe n’abigeme 15, kandi riranditswe mu mategeko. Ariko n’abahungu 6 ngo bahavuye barijamwo kugira na bo bagire ico baterereye mw’ihinduka ry’ivyiyumviro. Ubu ishirahamwe rigizwe n’urwaruka 21.
Umwe wese yatanze 5.000Fbu maze batangura kuza barajisha n’inkoko, kandi bakabigurisha bakaronka amahera yo kwikenura mu tuntu dutoduto. Mu bikorwa, bose ngo bakorera hamwe. Kandi ngo akarusho ni kanini kuko barigiriye icizere c’uko bashobora kwikorera bakoreshejeje umutahe muto hanyuma bakikenura.
Hampande y’ivyo, ngo muri iryo shirahamwe barigishanya impano n’ubuhinga bari basanganywe ariko batari bazi ko bazikoresheje zobageza kure. Nina agira ati: « Nk’akarorero, uwufise impano canke ubumenyi mu vyo gukora ibikwembe, arigisha abandi, eka n’abafise iyindi myuga idasa n’iyo bize mu mashure bose barayizana tukayigishanya. »
Mu migambi yihutirwa, Nina Ininahazwe avuga ko bariko bakorana inguvu nyinshi, barondera amahera kugira bikorere ibikwemu « Kamanyola » bibitirirwa, mbere baka baranatanguye kubikora. Bagashaka ko ishirahamwe ryabo ritera imbere gushika rishitse ku kwikorera ibikwemu ku buryo bugezweho kandi bihurumbirwa bakabikorera i Karusi n’i Bujumbura. Mbere ngo bazoguma bateza imbere n’iyindi myuga n’izindi mpano bafise gutyo bihe akazi bateko bagahe n’abandi.




