Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Ngo aho kaciye ntihaca urwanko. Ku ba Ex, muragabe!

Bamwe mu bagabo n’abagore cane cane bamwe bigira abasirimu, uza wumva bavuga ngo umuntu mwahoze mukundana ntimwohebana burundu kubera wubatse urwawe. Ahubwo ngo iyo mwavanye muvyumvikanye, ata wufitiye ishavu uwundi, kaba ari akaryo keza ko kuyaga ikiyago kikaba umunoni. Eka no gukutsa ikivi bibaye ngombwa bikagiramwo. Ukwo ni ukwihenda, bagenzi. Kuki uguma ukwegana n’uwo mwahoze mukundana kandi impeta wayambitse uwundi? Urazi ko vyogusenyera? Njebas aranegura iyo ngeso.

Bagenzi je narumiwe. Turi mu kabare turiko dusangira icupa, umugabo umwe arinamura ati : « Burya biragoye guheba burundu uwo mwahoze mukundanye. Jewe n’ubu tubonanye wokwibaza ngo ni madamu wanje. Nimba ari kubera twari tuzinanye hose, nta ‘’stress’’ bidutera. Duhuye ni wa ! Mba nzi aho ndamukora agaca asinzira. Nta vyo kureshanya, ngo abantu barinde kwikeka ibindi. Kuko bose baba bazi ko dusanganywe. Gusa naricugereye ndabwira umufasha wanje ko hari umu ex twahorana. Kandi twavanye tutankana. Aha rero niyavyumva ku bandi azovuga ko amuzi namumubwiye. Tuzokorana atacamira. »

Ndabarahiye bwarapfutse umunwa. Naguma nibaza ngo ni inkuru ariko aradutera.  Ariko mbona abandanya ashimika, ko ivyo bahora bakorana n’umu Ex wiwe ata ho vyagiye. Naguye mu mazi, ntangura kwiyumvira ingene urugo rw’uwo mugabo rushobora gusambuka rutaramye. Ndamujako ndamuhanura. Ndamwereka ko iyo ngeso atoyimarana igihe itaramukoza ibara. Arandaba. Arantwenga. Aca ambwira ngo sindashika mu muji.

Erega, ivyo vyatumye nibuka ibindi nabonye turi mu kirori. Hari hahiye mu gani wa ba bandi, ngo ’’turahaturira hashe’’. Umugabo umwe yari kumwe n’akabavu kiwe. Bicaye baryohewe. Basoma bakutsa. Bagonga amacupa, bahaguruka batamba akaziki. Warabona ko bahimbawe.

Bagenzi burya akarusenya ntikava kure. Muri uwo mwanya haje umukobwa yambaye agakanzu k’impenereza. Koroshe nk’amazi mbaye abari hano (Uca ukabona mu bwenge ingene kari kameze ako ga kanzu). Asimbira kuri wa mugabo, amabizu ngo mwaa! Ku munwa, ku matama, bahindura, bahindukiza, ku ruhanga ngo mwaa! Barayambirana banka kurekurana. Umugabo aterura nya mu « ex »  wiwe, agakanzu kaja hejuru amaguru aranikira. Batangura kwongorerana utuntu mu matwi.

Burya, kwibwira ni ko kwibesha…

Mu vy’ukuri bagenzi, uyo mugabo yari yizeye ngo yarabwiye umugore wiwe umukobwa bahora bakundanye. Yibwira ko ata kibazo bishobora gutera mu gihe yobabona bari kumwe. Umufasha w’uyo mugabo, yararavye ivyo bariko baragira,  atangura kurya iminwa. Imitsi ku misaya iraranda. Amaso aratukura ku bw’ishavu. Yanduruka arigunga. Uwo mu «ex» abicara iruhande.

Ehe ndababwire, twabonye umugore w’uwo mugabo yivumbura agenda. Ijambo yagiye avuze: « Sigarana n’uwo muhabara wawe. Nanje nk’uwo sinzomubura. » Aca arasohoka. Umugabo amwoma inyuma. Agenda ataka atakamba asaba imbabazi. Umugore amwima amatwi arigira. Kandi amatwi ansumira, umugore yaciye yahukana. Umugabo yagiye kumucura mu nyuma. Abashingantahe barakorana, umuryango urahanura. Gutyo urugo ruba ruvutsemwo utunenge rwari rukiri rushasha.

Bagenzi, ntibakababeshe ngo igikaju baracishimikiza ntibakirya. Ntiwoguma ukwegana n’uwo mwahoze mukorana ivyo mukorana, ngo nta vyo muzosubiramwo. Burya ufashe ingingo yo kwubakana n’umuntu, kuguma wiruka inyuma y’uwo mwahebanye, biragutesha agaciro mu kibano. Imvugo ngo aho kaciye ntihaca urwanko, canke ngo uwo mutabanye umwikorako uri ku rugendo n’ibindi, tuzisezerere. Dushobora kuguma dukwegana n’uwo twahebanye ugasanga twigishije uwo twubakanye ku twigana. Bikaba kimwe ku kindi. Aho rero urugo ruba rusambutse. Rudasambutse naho dushobora kwikwegera ingwara zandukira biciye mu guhuza ibitsina mu gahinga.

Bana ba mama. Bashikanje, benewacu, twikebuke. Tureke kuguma twiboheye ku ba «ex».Kuramukanya duhuye ni ibisanzwe. Ariko kizire ko dusubira mu vyo twahoramwo. Kuko bishobora kudusamburira, tukazosigara turira twembeba, tugira duti: «Iyo tumenya. » Ijambo ‘’iyo menya’ na ryo, yama riza inyuma y’ubujuju. Ndavuga simvura murantunge.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top