Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Kwa Mukono: rya huriro ry’abagura n’abidandaza umubiri riheruka kwugarwa

Abavyeyi bo mu Buyenzi bariruhutsa ko, kwa “Mukono” hugawe. Hari abavuga ko abagabo n’abigeme bamwebamwe batari bakibarizwa mu mihana i wabo ku bwo kwibera kwa Mukono: kimwe mu bibanza biri mu gisagara ca Bujumbura kizwi ko abashaka kubonana n’abigeme canke abagore bidandaza umubiri bahuriramwo.

Aho kwa Mukono mwumva, ni inzu y’uburaro (ihoteri), wanashaka, igeretse rimwe. Yitwa “Sangwamahoro Jewe Nawe”. Iri kw’ibarabara rya 25 ryo muri zone Buyenzi, komine Mukaza muri meri ya Bujumbura.
Umwe mu bakenyezi baba mu Buyenzi ati: « Aho kwa Mukono, twari twahataziriye « muri Gihenomu ». Hari ivyumba birenga 37 bigize iyo nzu. Hafi ya vyose biriko amazina y’abakenyezi. Abahamenyereye bavuga ko ayo mazina aba ari ku miryango yoba ari ay’abakenyezi badandarizaho umubiri kandi akaba ari naho basanzwe bibera bakahariha ku munsi canke ku ndwi, maze, uwubakeneye akabasangaho.”

N’ijwi wumva ko ririmwo umunezero, uyo mukenyezi w’imyaka 45 avuga ko ashimishwa n’ingingo yo kwugara vy’imfatakibanza iyo nzu yahora ikoreshwa cane n’abidandaza umubiri yafashwe ku wa 21 Ntwarante 2024 na Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura mu rugendo yagize muri komine Mukaza mu ntumbero yo kwirabira uko ibijanye n’isuku n’isukura vyifashe.
Akaba yasanze muri iyo nzu ibijanye n’isuku bitifashe neza na gato, gutyo aca afata ingingo yo kuba harugawe kugira beneho bisubireko, bahatunganye neza.

None aho kwa Mukono hameze gute?

Twarashoboye kuvyibonera kuri uyu wa 29 Ntwarante 2024 aho twahagendera. Ucinjira mw’irembo ry’iyo nzu y’uburyamo, ushikira ku kazu gatoya kubakishijwe imbaho kariko ikimenyetso c’uko gacururizwamwo udukingirizo. Ukarenganye gato uba ushitse ahantu hari akabaraza gato n’utwumba twinshi. Aho rero ngo ni aho « bafungurira ». Urangamije hejuru naho, hakaba hari ubunywero n’utundi twumba twinshi dutonze imirongo.
Tukihashika rero, twabonye umukobwa asa n’uwukuze aje kutwakira, maze agira ati: “Uno munsi ntidukora.” Igitangaje ni uko muri ivyo vyumba hafi ya vyose birimwo ibitanda bisa nabi n’amamatera nyene biboneka ko ashaje hamwe n’ibitenge n’utundi duhuzu tw’abakobwa.

N.R. asanzwe ajejwe ibikorwa kuri iyo nzu, arahakana ko hari abana b’abakobwa boba baba muri iyo nzu ahubwo we akemeza ko « hinjirayo abantu, ingenzi zigiye kuruhuka canke ababa bashaka gufungura co kimwe n’abaja mu bunywero nk’ahandi hose. »
Ku bijanye n’amazina y’abakenyezi yanditswe ku miryango y’ivyumba, Reverien yemeza ko vyari vyanditsweko n’abakozi bateka kugira ngo bize kuborohera kwishuza abo baba bahaye ivyo gufungura.

Ababanyi bo kwa “Mukono” bariruhutsa kuba hugawe…

Ntitwari tukiryama. Twahora twama mu nduru z’abahungu n’abakobwa baba bariko baragwana baborewe, canke banse kurihana amahera bumvikanye ku kiryamo. Abagabo bamwe bamwe ntibari bagitaha mu ngo zabo. Bashobora kuhamara n’indwi. Hari muri Gihenomu koko”. Ivyo ni ibivurwa n’abasanzwe ari ababanyi b’iyo nzu y’uburyamo. Ako gatazirano ka « Gihenomu » ngo kaje kisunga ibikorwa bigayitse vyo kwidandaza umubiri babona bihabera.

Niyonkuru Sefu arongoye zone ya Buyenzi

Amera nk’uwushimangira ayo makuru, Mukeshimana Sofiya, umukuru mushasha w’iyo karitiye avuga ko muri iyo nzu hahora harangwayo abakobwa bavuye mu ntara za ruguru baba babuze ubuzi. Abo na bo, ngo benshi baba bafise imyaka iva kuri 14 kuduga. Avuga kandi ko hahora hanagwiriye n’abakobwa baba bahora bakora ubuzi bwo mu nzu, birukanwa bagaca bareka gusubira iwabo maze bagahitamwo kuja kwidandaza umubiri. Ikindi yongerako, ni uko n’abakobwa bava mu bindi bihugu canecane Kongo no mu Rwanda bahora bakunda kuboneka muri iyo nyubakwa.

Ababa mu micungararo yo « kwa Mukono » bagasaba nyabuna ko bahejeje kuhakora neza nk’uko biri mu vyasabwe igihe bahugara ivy’imfata kibanza, boca bashiraho amategeko yotuma hatinjirayo abana bose nk’uko vyahora.

Kwa Mukono si ahavuba…

Nk’uko twavyiganiwe n’abasanzwe bahaba, ngo iyo nzu yubatswe hagati y’umwaka wa 1996 na 1998, ariko ico gihe ngo ntiyari bwabe igorofa. Bagiye barayagura bukebuke.

Niyonkuru Sefu arongoye zone ya Buyenzi we amenyesha ko ikibazo co kwa Mukono bari basanzwe bakizi kuva kera, kandi bagize n’amanama atari make yo kwiga ku ngingo zohafatirwa kugira ibihabera bihagarikwe. Agira ati: “Ubu rero harafashwe ingingo yo kuhugara. Naho beneho boheza kuhasubiramwo ntihazoca hashoka hatangura gukora ababijejwe batabanje kuza kwirabira ko hakwije amategeko yose ajanye n’inzu z’uburaro.”

Nayo ku bijanye n’ibikorwa vy’ubuhumbu vyahora bihabera, Niyonkuru amenyesha ko hazoca hashirwaho amategeko y’abazoba barekuriwe kuhinjira mu ntumbero yo gukinga no gutuza ingeso z’abadandaza umubiri.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top