Abarundi benshi bazi Maconco nk’umumenja kuko bivugwa ko yivye imbwa y’umwami. Emile Mworoha, umuhinga mu vy’akahise, yigana afatiye ku butohoji yagize ko Mwezi Gisabo ari we yagomwe imbwa ya Maconco, arayimutira hanyuma yanka kuyimusubiza ari na ho bahereye barabana iry’ingwe.
Maconco yari umwe mu batware-bishikira b’umwami Mwezi Gisabo. Agereranya, Emile mworoha amenyesha ko, uwo muhungu wa Kaganza wo mu muryango w’abenengwe, yoba yavutse mu 1865. Yari umwishikira w’i Muramvya ahitwa i Busimba hafi yo mu Bugarama, agatwara kandi ahitwa mu Nyankarange, i Mbo, ahegeranye no ku Muzinda. Kubw’ubutwari, ubukerebutsi n’ubuhizi ku rugamba, Maconco yahavuye ashimwa n’umwami Mwezi Gisabo amugira umukwe wiwe amuha abakobwa 3 ari bo Mpangaje, Mugamba na Kwakwara. Kandi burya Maconco yari afise amazina yerekana ubutwari bwiwe. Bamutazira Rukobe rwa Gisabo aririra kurangwa, ntaririre kuramba. Ni Rumena zimijuka. Rukookera inkindi abasimba bakookeye amakete (inkindi : insato z’ingwe, amakete : impuzu z’ibiti).
Intandaro y’ukwankana yabaye imbwa Mushuzo
Nk’uko Mworoha abivuga ngo mu gihe c’umwami Mwezi Gisabo, uruhigi rwari rufise ikibanza gikomeye cane. Maconco akaba yari afise imbwa y’umugina yakunda guhiga cane. Burya na Mwezi ngo yarakunda guhiga cane. Ni ho umwami yayigomwa arayimutira, uwuri uwundi arayimuha. Maconco ntarindiriye amaso agahera mu kirere, yahavuye afatwa n’agashavu, atangura kugenda riniga. Hama umunsi umwe Maconco yibutse imbwa yiwe yambuwe na sebukwe ku ruyeri, atwarwa n’agashavu ahenuza umugore wiwe yibungenze yitwa Mugamba (umukobwa w’umwami), uno agwira inda aca arapfa (Yamusunuje agira ngo Genda hiyo so wawe yatwaye imbwa yanje). Urwo rupfu rw’umwana w’umwami ruca ruba intandaro y’uguhigana bikomeye.
Umwami amaze kwumva inkuru y’uko Maconco yishe umugore wiwe amwita umumenja maze arungika ingabo ziwe (abadasigana) kumufata iyo yar’ari ku ngoro iwe i Busimba. Ni ho Maconco yahungira mu Nyankarange ku rundi rugo rwiwe.
Maconco, Kirima n’abadagi bagwaniriza hamwe Mwezi Gisabo
Nubwo batari ku ntumbero imwe, uwo muhinga mu vy’akahise, avuga ko bose baciye bahuriza ku nama yo kugwanya Mwezi. N’ubwo biri ukwo urwo rugamba ngo ntirwaboroheye na mba kuko n’abadasigana (ingabo za Mwezi) bari bakomeye cane. Umwami Mwezi amaze kubona urugamba rukamvye, yahavuye ahunga ava i Bukeye aca i Mbuye, i Kiganda n’ahandi. Ageze i Fota, ni ho yakaba impuzu yari yambaye n’iza Bihome (umwe yambara iz’uwundi yariyambaye). Bahavuye bica uwo Bihome bazi ngo bishe umwami, Mwezi ahungira i Burunga.
Bamaze kubona basugerejwe, abaganwa ba Mwezi, Ntarugera, Rugema, Kijogori, Nduwumwe n’abandi bahanura umwami ko yokwemera ko batsinzwe. Von Beringe, umukuru w’ingabo z’abadagi, ni ko kubabwira ko bozana umwami kandi ata co bazomugira. Bamushikanye. Baciye bamwubakira inzu abamwo kuko izindi bari barazituriye. Kw’itariki 6 z’ukwo kwezi nyene haciye hashirwa igikumu ku masezerano y’i Kiganda. Mwezi Gisabo yagumye ari umwami ariko mu bo yatwara Maconco na Kirima ntibarimwo nk’uko amasezerano yabivuga. Maconco baciye bamuha gutwara Muramvya, asubira no ku cibare ciwe i Busimba aho yahora atwara, Kirima na we bamuha i Bukeye.
Maconco yiba inkoho y’abadagi bimukwegera urupfu
Mworoha amenyesha ko uwatwara akarere ka Afirika y’ubuseruko kari kiganziwe n’ubudagi yari muri Tanzaniya atashimye na mba amasezerano yemejwe na Von Beringe, kubw’itegeko rivuga ko hazoba abo umwami atagirako ububasha aca asubirizwa na Von Grawert abwirwa ko azoca asubiza ububasha umwami Mwezi.
Ntibukeye kabiri, abasoda b’abadagi barara kwa Maconco, aca abiba inkoho. Kwakwara, umugore wiwe ni ho yavyongorera se wiwe (Mwezi). Buno nyene, abadagi baciye baza kumufata, bamumanukana i Bujumbura hafi y’aho benshi bazi uno munsi kw’izina ryo kuri Grand Bureau. Emile Mworoha akamenyesha ko Maconco yapfuye arashwe na Von Grawert, mu 1905.




