Hari abakinda bagaramye, abakinda badida udutsintsiri hasi hakaba n’abadida inkokora n’agakomokomo hasi. Mu gihe abandi bahinga bishimira imyuga yabo, bakayishimira mbere bagatunganya n’ibiteramo kugira ngo bagaragaze impano zabo, abakinzi bavuzwe kuva kera ariko baguma mu kinyegero. Naho biri uko, ngo bafise ubushobozi budasanzwe kandi baracavugwa n’uyu munsi …
Mu matohoza yagizwe na Lucie Nakamano, mu gitabu yise : « Etude anthropologique de Gukinda au Burundi, 2011 », yarashoboye kuyagisha abahoze bakinda 7 bavuga ko babihevye hamwe na 10 biyemerera ko bagikinda. Abo, berekanye ko abakinzi bafise ububasha bukomeye : « Kwinjira mu nzu yugaye, kwinjira mu mva yugaye, kunyika, canke kuguruka ata mababa bagira, kwihindura igikoko, kugirira nabi uwo batari kumwe n’ibindi. »
Gukinda bifitiye akamaro gaki ababikora ?
Ngo bivana n’ico umukinzi aba agamije. Si bose ngo babikora kugira bakore ikibi. Vyemezwa na Nyandwi w’i Cabara, mu Rumonge, yahora akoresha ubwo buhinga. Agira ati : « Birafasha mu kuja kure kuko naho woba wacerewe ushikayo mu kanya isase. Ngo umwanya uri bumare mu kirere warara, uwuvuga utaraguruka. » Akongera ati : « Erega ni agati gasanzwe utambika imbere yawe ukavuga amajambo, ariko hari n’imiti ukoresha da. Uca uhumiriza, ugataruka ka gati, uba ugiye ».
Ariko none hakinda bande ga yemwe ?
«Bakinda bose ! Tereza ntiyafashwe ari kumwe n’umuhungu wiwe Habonimana, bavuye kuzura umuntu bamwikoreye ? Ico gihe baranapfungiwe no mu gasho ka Komine Mugina hatwara musitanteri Jean Paul Majambere. Gusa bahavuye batoroka aho imvura yasambura iryo bohero », uwo ni Angeline Cimpaye wo ku gatumba Nyabihu, muri komine Mugina mu ntara ya Cibitoke. Eka na Nyandwi amwunganira avuga ko hakinda bose kuko ngo agikora uwo mwuga yabona bahurira yo n’inkumi, imisore, abagabo ndetse n’abagore.
Imwe mu miziro ijanye no gukinda
Ngo bivana n’ico umwe wese aba yarabujijwen’« abavyeyi ». Nyandwi agira ati : « Wihenze ukanyikira mu giti kizira, umumanda, umurinzi, umukuyo, …, uca uhera yo. Ivyo biti kirazira no kubica munsi. Ni co kimwe n’iyo unyikiye mu mugina. Kiranazira gusambanya abo usanze mu nzu ».
Patiri Liboire Kagabo ni umukukuruke yahoze yigisha muri kaminuza y’uBurundi. Ni nawe yahagarariye igitabo ca Lucie Nakamano. Aremeza ko ubwo buhinga bubaho. Abushira mu mugwi w’imigirwa. Ariko aragira ati :« Ntawotsimbataza gukindira mu gihugu nawe ntu ».
Mwoba muvyumva kumwe ?




