Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

« Nk’ubu umurisho woherekeza nk’ibikorwa vya Primusic ntivyoryoha gusumba » ?

Mu ntumbero yo guteza imbere, kumenyekanisha no guhesha agaciro ingoma z’Uburundi nk’uko biri mu mahangiro ryihaye, ishirahamwe « Focus on Culture Life », ryaratunganije igikorwa ryise : « Umurisho w ‘iwacu event » kuva ku wa 13 gushika ku wa 20 Ntwarante 2020 muri IFB, ikigo c’abafaransa i Bujumbura.

Imigwi y’abavuza ingoma baserukiye abandi cokimwe n’abigeme bazitamba bose hamwe bava mu ntara 5(Mairie ya Bujumbura, Bujumbura, Gitega, Cibitoke na Muramvya) ni bo bakoraniye muri ico gikorwa. Nk’uko bishikirizwa na Aloys Mashanya aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe « Focus on Culture Life (FCL) », aho bazoba bari mu bikorwa bidasanzwe, harimwo n’ukwungurana ivyiyumviro vy’ingene ingoma y’Uburundi yorushiriza kugira akanovera.

Hugues Nimpagaritse, umworoshabikorwa mu mugwi Akayazwe, amenyesha ko imigwi idahengeshanya na ntaryo guhana impanuro imbere canke inyuma y’integuro zo kuvuza no gutamba ingoma. Naho biri uko ngo muri iryo koraniro hari inyigisho mu ntumbero yo kuzitira bataronerwa kuko ari nka hamwe hozokwaduka inyifato itabereye itobura gutosekaza umurisho w’ingoma kandi wari uwo guhesha iteka abazivuza ndetse n’igihugu.

Ingoma zifise ububasha budasanzwe

Kubwa Mashanya, ingoma y’Uburundi iri mu bintu vya mbere ndangakaranga bifise ububasha bwo gukwega n’ukwegeraniriza hamwe abantu benshi bashoboka ubutumwa bugakurikira. Agira ati : « Hamwe umugwi w’abavuza ingoma wabaye uwa mbere woza uraherekeza nka Primusic, Isanganiro Award, … ubwo ntivyohimbara gose abanyagihugu » ? Ibigiye gukurikiranirwa hafi n’abo vyega maze bikazoshirwa ahabona munyuma.

Tubamenyeshe ko umugwi w’akaranga wo muri Mairie ya Bujumbura uzwi kw’izina ry’Akayazwe ari wo washoboye gutahukana intsinzi mu mahiganwa y’abavuza ingoma yabaye mu mpera y’umwaka wa 2019 kandi ari na wo uzoteramisha ku wa 20 Ntwarante 2020, mu nyubakwa y’amakoraniro yitiriwe Paul II iri muri komine Muha.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top