Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Koperative Mutoyi nk’urufatiro mu vyigwa vyo guteza imbere mu gihugu hagati

Silo simbakwira aserukira abanywanyi ba koperative yorora inkoko yo ku mutoyi/Jimbere

Urunani rw’amakoperative Mutoyi rugizwe n’amakoperative 8 rwavutse mu 1980. Gushika uno munsi, urwo runani rwarubatse izina haba ku rwego rw’igihugu eka no ku rwego rw’akarere kubw’ibikorwa vyarwo bitagira amakemwa ndetse n’ibihingurwa vy’ubwoko butandukanye. Twarahagendeye …

Urwo runani rw’amakoperative ruherereye muri komine Bugendana, mu ntara ya Gitega, nayo izina Mutoyi rikaba rizwi n’abarundi nka bose. N’ingenzi zirahahurumbira cane kubw’imvo zikurikira: ubwa mbere, hari ibitaro bihamaze igihe kirekire cane kandi gushika uno munsi biracari mu bitaro bizwi nk’ivyitaho abagwayi neza mu Burundi. Ubugira kabiri, hazwi amakoperative yashinzwe n’abamenyeshamana baturuka muri Milan, agakurikiranwa n’abagiraneza bo mu Butariyano nyene. Mutoyi yaramenyekanye cane gushika aho n’abigeme bageze kwubaka babatazira ba Mutoyi, babagereranya n’inkoko zo muri Mutoyi ziba zigeze kuribwa nko mu kiringo c’amezi nk’atatu.

Silo Simbakwira, mudasobwa ku bijanye na kahise k’ako karere akaba ari na we ahagarariye koperative Mutoyi yorora inkoko, yaratwiganiye ido n’ido kuva mu ntango z’umugambi Mutoyi. Uwo mutama w’imyaka iri muri 60 amenyesha ko kuva iyo koperative ishingwa vyose yabibona n’amaso yiwe, abamisiyonari bahashika ndetse n’ishingwa ry’ayandi makoperative yo muri Mutoyi. « Mu 1970 Musenyeri André Makarakiza yatwara Diyoseze ya Gitega ico gihe, yari yatumiye ba bamisiyonari bose baje bava muri Milan mu Butariyano. Niho yaca abatuma gukorera muri paruwasi ya Mugera aho hatwarwa na patiri mukuru Roger Mpungu, nawe aca abarungika i Mutoyi, ku rusengero rwakukira Mugera muri ico gihe. Itegeko bajanye, ryari iryo guteza imbera akarere ka Mutoyi, akarere gahanamiwe n’imisozi, kandi kari kagoye gushikamwo ico gihe. Bamaze kuhashika ica mbere bashitse bakora kwabaye ugushinga amakoperative Mutoyi. Uwo si umugani. »

Nk’uko uwo mutama yabandanije abimenyesha, ayo makoperative yose yashinzwe yabwirijwe kwisunga ikintu kimwe : « Kugira ube umunywanyi wa koperative wakora ukwezi kwose udahembwe urufaranga na rumwe. Uwo ni wo mutahe w’uwinjiye muri koperative, kandi gushika n’uno munsi uwo mutahe uracakorerwako. Mu ntango, ibikorwa vya koperative Mutoyi vyari bifise ihangiro cane cane ry’ukurondera kugwiza umwimbu, kudandaza ivyavuye mu burimyi no mu bworozi imbere yo gutandukira kurondera guteza imbere ibindi bisata. »

Ya makoperative yahavuye atera imbere ku muvuduko udasanzwe

Kuba amakoperative Mutoyi yarateye imbere, vyavanye n’uko ahanini habaye ugushira inguvu hamwe, biba nk’ishure mu Burundi. Muri Mukakaro 2014, mw’ihuriro ryitiriwe Uburimyi ku Rwego Rw’igihugu, Mutoyi yabaye iya mbere mu yandi mashirahamwe yose yakorera mu gisata c’uburimyi. Kumbure abatari bake bokwibaza ukuntu amakoperative Mutoyi yashoboye kuramba kandi akaguma agira umwimbu mwiza. Uwu mworozi agira ati : « Nta banga ririmwo. Kuva kera twagumye dushira imbere ineza y’abanywanyi aho kwikumakumirako.Ku bitwerekeye, nka koperative yorora inkoko, turonsa abanyagihugu imiswi bakaja kworora bakazogaruka gushorera amagi n’inkoko zikuze mu mangazini za Mutoyi nyene. Nimba vyarakunze ko tubandanya muri aya makoperative gushika uno munsi nuko kandi kuva kera twamye dufise ubwoko bw’inkoko nziza kandi zitagwaragurika, zadushikira zivuye mu Butariyano. Uno munsi kubw’ikiza ca Covid-19, niho bidakunda ko indege zipakira ibikoko, kandi biriko biratugirira nabi. »

Nubwo ibikorwa vy’iyo koperative birangurirwa ahanini muri Mutoyi, ibijanye n’ubudandaji bikorerwa ahanini ku murwa mukuru wa poritike, i Bujumbura, neza na neza ku mabutike yayo, imwe mw’i Jabe, iyindi mu Kigobe. Ayo mabutike uko ari abiri agurisha ku giciro ciza ibifungurwa vy’akanovera (inkwavu, inkoko, amagi, amavuta y’inka, amata, ivyamwa, imboga n’ibindi) tutibagiye n’ibikoresho vyo mu nzu cane cane ibibumbano bizwi cane ko vyiharijwe n’aka karere nk’uko vyanditswe mu gitabo « Petit Futé » na Christine Deslauriers, uwanonosoye ivyigwa vy’akahise akaba n’umushakashatsi.

« Ibiryohera cane ingenzi ni inkono zibumbirwa muri koperative, zisanzwe zidasa na gato na za nkoko zirabura canke z’ikivuvu za kera. Ho uzohasanga ibikombe, amasahani ateye akarangi k’ubururu, ak’urwatsi rutoto, ak’umucungwe, ibibumbano utosanga bisa n’ivy’ahandi. Ingenzi, abari hanze y’igihugu bahazi ni bo babashorera cane. »

N’ibihuhusi vyarahabaye …

Nubwo bigaragara ko amakoperative Mutoyi yateye intambwe ishimishije, yarahungabanijwe n’amagume igihugu cagiye kiracamwo, cane cane mu gisata c’ivy’ubworozi bw’inkoko. Simbakwira, yicuza, yagize ati : « Mu 1992 twarashobora gushorera mu Burundi ndetse tukajabuka no muri Tanzaniya, muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, mu Rwanda n’ahandi. Ico gihe ku ndwi twaba dufise imiswi igera ku 12.000. Uno munsi turonka imiswi 1 .500 yonyene. »

Koperative ikora imipira kwambara ya Mutoyi igizwe n’abakenyezi 35

Mu makoperative twagendeye i Mutoyi harimwo n’iyijisha impuzu, igizwe n’abakenyezi 35. Joséphine Manirakiza aserukira iryo shirahamwe amenyesha ko muri iki gihe inyungu baronka itama ihuye n’inguvu bakoresha mu bikorwa vyo kubungabunga ibikoresho bibafasha mu kazi kabo, kugura indodo (inyuzi) zabigenewe ziva mu butariyano no mu bindi. Akamenyesha kandi ko abakiriya bakunda kuronka cane ari ibigo vy’amashure biba birondera imipira isa y’abanyeshure.

Uno munsi, abagiraneza b’abatariyano barakuye akarenge muvy’itunganywa vy’ayo makoperative Mutoyi. Asigaye ari mu minwe y’Abarundi. Ubwo akanovera, ubwiza n’ubukomezi bw’ibihingurwa n’ayo makoperative vyoba bizoguma biri kumwe kwa mbere ? Kuri ico, Simbakwira ati : « Nubwo turiko duca mu ntambamyi zitandukanye, tuzihesha agaciro, tuzohagararira neza ibikorwa. » Tubipfurije ukwererwa …

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top