Kurwanya ubukene no kubaho ufise ico ukora kigusahiriza mu buzima bwa minsi yose biva mu nguvu n’ubukerebutsi bwo kwiga kwitunganiriza imigambi ya kazoza. Ibi biri mu vyavugiwe mu birori vyo kuramura abanyeshuri b’imyuga vyatunganijwe n’ishirahamwe Kazoza Keza.
Abanyeshuri 27, harimwo 15 bize gukora ibirato vyo mu bwoko bw’isandari na 12 bize gukora amasakoshi bahawe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 5 ndamukiza 2019 impapuro zemeza ko bigishijwe batako baramenya ivyo bigiye mu kigo c’ishirahamwe Kazoza keza kiri mu gisagara ca Bujumbura karatiye INSS Rohero I. Ange Muyubira umuyobozi mukuru akaba ari na we yatanguje ishirahamwe Kazoza keza aha mu Burundi, amenyesha ko basanzwe bakorana n’urwaruka rwumva rwipfuza kwiteza imbere biciye mu kwiga imyuga hamwe no kwitunganiriza imigambi ishobora kubafasha kwikorera ivyabo. Abanyeshuri barenga 600 baramaze guhabwa izo nyigisho z’imyuga kuva iryo shiramwe rishinzwe mu mwaka 2012.
Abahabwa izo nyigisho batorwa gute?
Ange Muyubira agira ati:« Si bose twakira. Dukorana n’urwaruka rufise imyaka iva kw’ 15 gushika ku 25 rubayeho mu buzima bubi. Urwaruka rudashobora kuronka amafaranga y’amarundi angana n’ 2500 ku munsi. Rumwe rwama ku ma rigara no mu mabarabara rutagira ivyo rukora. Turaruzana tukaruha inyigisho zimara iminsi 20 zijanye n’imyuga no kwitunganiriza imigambi. Aho harimwo guhingura ibirato vy’amasandari n’amasakoshi, akaba ari umushinge urwugururira imiryango y’ubuzima. Iyo ruheje inyigisho turaruha abarukurikirana bamenyereye umwuga, kugira rugume rwongereza ubumenyi kuko rugaruka tugakorana iyo turose isoko ijanye n’ivyo baba baranonosoye».
Ange Muyubira amenyesha kandi ko urwo rwaruka rurobanurwa mu migwi rurimwo yo kuziganya no kuguranana mu mugambi wiswe « Dutsimbataze amahoro» w’ishirahamwe ryitwa «Biraturaba» rikorera mu gisagara ca Bujumbura muri komine Ntahangwa na Muha hamwe no mu ntara ya Makamba. Rugatorwa mu rwaruka ruba rumaze amezi atatu ruziganya amahera ari hagati 500 n’ 1500 buri ndwi kandi rufise umwanya wo gukurikirana inyigisho z’imyuga.
Inzira irashe y’ubuzima bushasha
Joachim Niyongere, ubuzima bwiwe bwahindutse aho ashikiye muri Kazoza keza. Avuga ati:«Nari mbayeho nabi ntariga umwuga. Maze kuwiga, ubumenyi nahigiye sinabwicaritse bwantumye ngira umutima wagutse wo kumenya vyinshi mu mwuga wo gushona. Ivyo vyatumye nizerwa ubu ndi mu bigisha abandi. Natanguye gushona nkoresha imashini ntiye, ariko ubu nariguriye iyanje kandi ndafise n’ibindi bitari bike ngira kamaro nkura muri uyu mwuga».
Umwigeme Niyomwungere Polisme na we nyene arashima inyigisho yahakuye. Urupapuro yahawe rwemeza ubumenyi afise mu mwuga wo guhingura ibirato yemeza ko rutazomupfako ubusa. Agira ati:«Nta mwuga abakobwa batokora. Ubwa mbere nabona ko gukora ibirato ari umwuga w’abahungu. Ubu ndabikorana inguvu n’ubukerebutsi kuko ni umwuga wanje».
Minani Eloi ari mu mugwi w’abazokurikirana batoyi babo bahejeje kuronswa impapuro z’umwuga, na we nyene ari mu mugambi wa Kazoza Keza. Nk’umufundi w’umwuga mu gushona, aravunira akagohe batoyi biwe kugira umwuga akazi. Agira ati:«Nti mucane itara ngo muryubikeko umubehe, ahubwo mwiyegereze abafundi babushitse tubafashe kuguma mu mwuga». Yongerako ati:« jewe natanguye ntabona iyo bita umutwe, ubu birantunze kandi umuriyoni ntiwompfunga».
Ishirahamwe Kazoza keza rifise ihangiro ryo kurwanya ukubura akazi hamwe n’ubukene ku rwaruka rw’Uburundi biciye mu kurwigisha imyuga no kwitunganiriza imigambi, rikaba rifasha gukarihiriza ubwenge urwaruka rugera kuri 250 buri myaka ine.




