Mu gihe mw’isoko ya Cotebu hari hatanzwe ibibanza bigera ku 2000, vyinshi ntibari bakibikorera mwo. Ivyo bikaba vyavana n’ukuntu isoko yari itunganije . Ku mvo y’ukwanka kwama bakorera guhomba, bamwe mu bari barafashe ibibanza bari baciye bahitamwo gukura meza kuko abakiriya baje bashikira ku tuzu tw’idandarizo turi hafi y’amabarabara. Iyo soko rero iheruka gutungwanywa gushasha, abadandaza bose barorohewe.
Icugururwa mu mwaka wa 2015 abadandaza bisuka ku bwinshi baja gusaba ibibanza vyo gukoreramwo. Ntihashize kabiri, ngo abahawe ibibanza vya kure baricara bakarindira abakiriya bakabura kuko iyo baje basumira mu tuzu tw’idandarizo duherereye ahashika amabarabara. Bamwe bahitamwo kurondera abobibapangira abandi bakarundayo ibikarato kugira ngo ntibazobibake batagaruje mwo na make bagaheza bagashirako amagufuri ni kwo kwitabariza.
Akamo k’abo badandaza karumviswe…
Rhamadhan Nkurikiye, umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura avuga ko bariko barasubiramwo isoko ya cotebu , ivyahebwe babihe abavyifuza bari basanzwe bakorera inyuma y’isoko, abihanganye bakahaguma na bo bungururizwe ahandi hoborohereza mu rudandaza rwabo.
Ramadhan abandanya agira ati: « Baradushikirije ibibazo vyabo badusaba ko bokwitunganiriza isoko gushasha. Niko kuyigabura mu makaritiye 4 agize isoko ya cotebu. Ikaritiye ya mbere iri mwo ihangare igurirwa mwo ivyamwa , iya kabiri na yo ikaba igizwe n’ibibanza 2 biri mwo abadandaza imboga , ihangari iri muri karitiye ya 4 izodandarizwa mwo ibirato n’impuzu. Haraciwe kandi n’amabarabara atatutu , ivyo bikazotuma uruja n’uruza rwiyongera ku basumyi.
Hari akarusho bizozanira umudandaza?
Jean de Dieu umwe mu badandariza imboga mw’ihangari rusangi agira ati: « Ubu tudandaza neza kuva aho batunganirije isoko, ikidandazwa cose kikagira aho kibarizwa, mbere kubera amabarabara n’utundi tuyira abakiriya baradushikira vyoroshe . Kare ntararonswa ikibanza, kuva mu gatondo narashobora gutahana nk’amafaranga 2000 kuva mu gatondo. Tumaze kwimukira mu bibanza baduhaye ndashobora gutahana nk’amafaranga 5000 canke 7000».
Ngo umuhini mushasha utera amabavu. Nijimbere Diane adandaza ibitunguru avuga ko aba bumenyereze bushasha kuko ngo aho bimukiye abakiriya batarahamenyera neza. Avuga ko kare yashobora gushikana 8000 ku munsi ariko ubu ngo aronka ica kabiri cayo. Naho biri uko ngo arashima kuko imvura n’uruzuba ntibikimukubitira hanze.
Iryo tunganywa bushasha ry’isoko ya Cotebu, rikaba riha umwizero abahadandariza ko rizotuma badandaza neza mu bibanza bari mwo.
Umukuru w’abadandaza mw’iyo soko ya Cotebu akaba yamenyesheje ko igitigiri c’utuzu tw’idandarizo batagikoreramwo bigoye kutumenya neza bivanye n’uko bamwe bagenda batavuze bagasiga bapanze mwo ibikarato bigaragara umuntu akaguma yibaza ko bazogaruka.




