Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

« Uraba wumva birenge niwe ubarirwa »

Kumota nabi, kugira ibintsintsiri vyacitse imvutu… ni bimwe mu vyerekana ko umuntu arwaye ingwara zifatira ku birenge. None vyoba biva kuki? Twovyirinda gute? Jimbere yarayaze na bamwe mu rwaruka hamwe n’umuganga.

Nagatwengo kenshi. G.K, aba mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko vyari bigoye kumwegera: “Jewe nambuye ibirato nkeka n’imibu yaba iri hafi yanje yaca yiruka kubera kumoterwa nabi. Abo twabana bari banzi bapfa kunkubita ijisho baca banyegera kure.” Uyu musore w’imyaka 20 amesha ko vyamufashe igihe ktari gito kugira akire iyo ngwara: “Vyansavye kwivuza kwa muganga kugira nkire.”

Ingwara zikunze kwibonekeza z’ibirenge ni amavunja, ibimeme, ibigatu… kubera izo ngwara hari abahakwa gucika amano. Hari aho izo ngwara zizana akamoto kabi bigatuma abazigendana bakumirwa mu kibano.

Carine. M., amenyesha ko agwaye ibimeme. Ivyo navyo ngo vyaje kubera yama ari mu mazi ahjo yaba agiye kuvoma: “Maze gufatwa niyo ngwara; nagira akamoto kabi, ako nako kakantera ikibazo kubera abagenzi baca banyegera kure ngo ndanuka.”

Lauraine.B., aba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura avuga ko afise ingorane y’ingwara y’ibimeme hamwe n’ibigatu : “Bituma nguma niyagaza. Hari aho kugira ndonke amahoro nkoresha igiti mukwiyagaza. Ibirato vyugara nsingeza mukirenge kubera hageze aho ndabikura akamoto kavayo usanga gateye ubwoba mu kunuka.”  

Arongera akavuga ko iyo yicaye mu bantu akumva atanguye kuribwa; biramugora kwambura ibirato kugutinya ico bohava bamubwira canke uko bomufata.

Imvo zitera izo ngwara ni nyinshi nkuko tubishikirizwa na Mama Lionne Harerimana, arongoye ivuriro Saint Michel: “Kurya kuntu abana bakunda guhonyoza ibirenge mu mazi y’ibiziba canke kuyivayangamwo birashobora kubatera ingwara zo kubirenge amano agatabuka, hakazamwo ibisebe n’ibindi.” 

Ibitera izo ngwara

Eka ngo hari naho ayo mazi aba arimwo utuyoka dushobora kwinjira mu mubiri w’umwana tukamuteza izindi ngwara zikomeye. Kubwiwe rero, abavyeyi bokwitwararika abana babo kugira ntibaje gukinira mu mazi y’ibiziba canke kuyahonyoramwo. 

Kukijanye n’amavunja, Mama Lionne Harerimana, amenyesha ko aterwa n’isuku rike: “Kenshi aza ahantu hatigera hagirirwa isuku rikwiye na cane cane iyo hari ivumbi n’iyindi myanda iharangwa.” 

Kandundura ngo ni igihe bishitse umwana akayarwara ugasanga ntibayamukuye canke bigakorwa nabi. Ivyo bishobora kuvamwo ingwara zikomeye zisabwa ko umwana ashikanwa kwa muganga kugira bamuvure neza.

Naho bimeze uko, Mama Lionne Harerimana aributsa ko akamoto kabi mu birenge bidasigura minsi yose ko umuntu agendana n’ingwara zijanye n’isuku rike ariko ngo kenshi biba bifitaniye isano.

Mama Lionne Harerimana aratanga impanuro z’ingene umuntu yo kwirinda ako kamoto kabi mubirenge: “Mubisanzwe umubiri uguma usohora ibintu ukwo ukora. Umwana ntiyari akwiye rero kurenza amasaha atanu yambaye ibirato vyugaye canke ngo yambare amashesheti umunsi wose urenga kubera umubiri ukeneye guhema.” Kugira akingirwe birakwiye ko hafatwa umwanya kugira yamburwe ivyo birato aheze aheme neza, akayaga kamuceko. Nivyo birato nayo mashesheti akagirirwa isuku.

Impanuro za bamwe n’abandi

Eka n’urawaruka twayaze rurahanura. C.Manirakiza amesha ko ibimeme vyahatswe kumuca amano ariko ubu yarakize: “Kugira nkire naza ndafata amazi nkoga hama nkasigamwo amavuta mu mano. Nivyo vyamfashije.”

A. Nkeshimana, agira ati ingwara y’ibigatu yamufatiye mu mwonga aho yahora aja kuvoma kubera kuguma aca mu vyondo n’ibiziba hama bikarangira yibagiye no kwoga neza umubiri wose: “Kubirenge wasanga ibintsintsiri vyasataguritse bikambabaza cane. Kugira nkire naja ndasiga ingagari hamwe na glycérine.”

Kuvyerekeye ingagari canke aloe mugifaransa, Mama Lionne Harerimana arasigura yuko ifasha muvyerekeye amavunja canke gutabagurika mu birenge: “Ushize aloe kugikomere irafasha kikuma ni nkivyo twokwita antibiotique mugifaransa.” 

Ariko kandi arahamagarira abarwayi kuja kwa muganga kuko hariho imiti ivura izo ngwara nka mycoses (ibimeme) hakoreshejwe imiti yitwa antimycosique, antifongique. Hari nama pomade yahariwe kworosha umubiri agafasha cane abarwaye amavunja. 

Mama Lionne Harerimana aranshimangira kwisuku kugira abantu na cane cane abana birinde izo ngwara zifatiye kubirenge zinatera akamoto kabi. Avuga ati: “Abantu bo kwoga neza gatatu kumunsi.” 

Kubakoresha amabuye n’ibindi mukwisirita canke kwinyukura, Mama Lionne Harerimana arakebura ko bovyirinda kubera rimwe na rimwe bashobora kwibabaza bazi ngo bariko baragira isuku neza: “Birya bikoresho birashobora gutabura umubiri ibiheza bikagira ingaruka mbi kuri wamubiri nyene.”

Kubadashobora kwambara ibirato kubera amikoro make, Mama Lionne Harerimana asaba kubabishoboye kugura basi ikambambili kugira birinde guhonyanga kumwanda na cane cane y’amazi ateze.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top