Somalia iriko ihura n’ibibazo vy’ururimi rw’igiswahili inyuma yaho ico yinjiye mu muryango muri EAC, Tanzania havugwa itereni yunguruza abantu hagati y’umuji wa Dar Es Salaam na Morogoro igiye gutangura gukora nayo muri Uganda havugwa umugwi nserukiragihugu waronse uburenganzira bwo gukina igikombe c’Isi yose mu rukino rwa Cricket. Aya hamwe n’ayandi, ni mu makuru yaranze akarere ka EAC kuva ku wa 27 Munyonyo gushika ku wa 03 Kigarama 2023
RDC : Muri Reta iharanira intwaro rusangi ya Congo havugwa igice ca mbere c’ingabo z’umuryango w’ibihugu vy’akarere k’ubuseruko bw’Africa zatanguye gutahuka zisubira mu bihugu vyazo kuva kuwa 03 Kigarama 2023 . Abatanguye gutaha ni abo muri Kenya bariko bava muri Nord Kivu aho bari bamazeyo umwaka bariko bagerageza gucungera umutekano muri RDC. Aho n’inyuma yaho Reta ya RDC yidogeye ko izo ngabo ata kintu kiboneka ziriko zirafasha mu bijanye no kugarukana umutekano mu mishamirano ihuza Reta ya Kinshasa n’umugwi M23. Muri Munyonyo 2023 Reta ya Congo ikaba yari yanse kwongereza ikiringo c’izo ngabo za EAC.
Nkuko vyanditswe n’ikinyamakuru RFI, abasirikare ba Kenya nibo batanguye kuva muri Goma, hakaba hitezwe ko n’abandi bo mu bihugu vya Uganda, Burundi na Sudani y’epfo bazoca bakurikira. Aho rero mwomenya ko ikiringo izo ngabo zo mu karere k’ubuseruko kizorangira itariki 8 Kigarama 2023.
Somalia iriko ihura n’ibibazo vy’ururimi rw’igiswahili inyuma yaho ico yinjiye mu muryango muri EAC
Ivyo bibazo vyatewe nuko Daudi Aweis, Umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru n’imico wa Somalia aremesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru mu rurimi rw’igiswahili ivyo abatari bake mu bakurikirana poritike muri ico gihugu batabishimye.
Nkuko vyandikwa n’ikinyamakuru The East African, Ali Hodan, umwe mu bamenyerewe mu vya poritike muri ico gihugu ntiyashimye kubona uyo mushikiranganji atanga inkuru mu giswahili, akavuga ko uwo mushikiranganji yatanze ikiganiro »mu rurimi ata munyagihugu wa Somalia arutahura ». Ali Hodan yibukije uyo mushikiranganji ko indimi zonyene zikoreshwa mu ntwaro muri ico gihugu ari icarabu hamwe n’igisomalia.
Tanzania havugwa itereni yunguruza abantu hagati y’umuji wa Dar Es Salaam na Morogoro igiye gutangura gukora mu mpera za Nzero 2024. Iyo tereni ikaba izoca mu nzira y’indarayi yo mu bwoko bwa SGR (Standar Gauge Railway)
Ivyo vyashikirijwe n’Umushikiranganji wo kwiyunguruza Prof Makame Mbarawa mu gihe hariko haba igeragezwa ry’itereni ica mu nzira y’indarayi ya SGR mu ndwi ya hera. Ikinyamakuru Mwanaanchi catanze iyo nkuru kikamenyesha ko azoba ari inkuru nziza ku banyagihugu bo muri Tanzania narirya bamye bahabwa amasango ko bigiye gushika ariko ntibije mu ngiro. Akarorero ni Umushikirangaji wa mbere Kassim Majaliwa yari yabemereye ko iyo tereni izotangura muri Ndamukiza 2021.
Mu Rwanda hagiye kwubakwa ikigo c’akarorero c’utudege dutoduto bakunze kwita drones. Ivyo vyashikirijwe mu nama yahuje inzego zitandukanye zo mu buhinga bwa none kuwa 29 Munyonyo 2023. Ico kigo kizotwara imirayiridi 12,5 z’amafaranga akoreshwa mu Rwanda kandi kizokwubakwa mu gisagara ca Huye ahahoze ikibuga c’indege. Dr Kabarisa Réné akora mu kigo c’Urwanda kijejwe ubuhinga bwa none n’ubushakashatsi yamenyesheje ko ico kigo kizorangira kwubakwa mu 2025 maze gifashe mw’iterambere ryo gukoresha utwo tudege dutoduto mu Rwanda no mu karere. Iyo n’inkuru dukesha ikinyamakuru Igihe
Muri Kenya havugwa igandagurwa ry’umukenyezi Mercy Chebet yishwe arashwe n’umugabo wiwe. Uyo mugabo wiwe yarasanzwe ari mu nzego zijejwe gukingira umutekano muri Kenya. Imbere yo gukora ico caha uwo mu polisi yari yahawe itegeko ryo guherekeza itereni yarijanye abantu mbere bamuha n’inkoho ntoya yo mu bwoko bwa pistolet. Abajejwe umutekano muri Kenya bagiye kubona ko ariwe yakoze ubwo bubisha basanze hari amasase yari muri iyo nkoho yakoreshejwe kandi igihe aherekeza itereni atampanuka yigeze ihaba. Umwe mu babanyi niwe yatanguye guhamagara inyamiramabi amaze kwumva hari amasase avuze. Vyongeye uyo muryango ntiwari ubanye neza kuko bahora bashwana. Inkuru yose tuyisoma kuri The star
Muri Uganda havugwa umugwi nserukiragihugu waho waronse uburenganzira bwo gukina igikombe c’Isi yose mu rukino rwa Cricket, akaba ari irya mbere ico gihugu gishitse kuri iyo ntambwe muri urwo rukino rutamenyerewe ku mugabane wa Afrika. Ubwo burenganzira Uganda yaburonse inyuma yo gutsinda Zimbabwe n’Urwanda mu muzunguruko wa nyuma. Uganda yandikishije amateka akomeye kuko igiye gukina igikombe c’isi yose gihuriramwo ibihugu 20 vyonyene. Ico gikombe kizokinirwa muri Reta zunze ubumwe z’Amerika muri 2024. Inkuru yatanzwe n’ikinyamakuru Dailymail.Uk




