
Mugihe abarezi bo kuri Ecofo Carama I n’abavyeyi ba Chadia Nishimwe bariko batanako amakosa kumvo nyakuri yakweze urupfu rw’uyo mwana, Sœur Marie Claire Kantungeko arongoye Centre de Santé de Kinama bari bagiye kuvurizako ico kibondo arabatatura ati « umwana yashitse kwa muganga yacikanye »
Ivyo yabivuga mugihe yariko arisigura ku ruhara ivuriro atwara ryagize mu rupfu rwa Chadia aho ryagirizwa n’umwe mu ba collègues ba Lodie Nitereka, umwigisha yakubise uwo mwana gushika aho yicwa n’inkoni. Uwo mu collègue wewe avuga ko umwana yashitse kwa muganga agikomeye. Bisigura ko les responsables de la mort de Chadia ari Inakuru w’uyo mwana yoba yatelefonye abari batwaye Chadia kwa muganga akabihanikiriza ngo ntihagire urushinge canke umuti wo muri médecine moderne bamutera canke bamuha, abaganga nabo bakamwumvira (ce qui serait une faute professionnelle grave de la part des médecins). Uretse uwo muco watanzwe n’uwo mubikira atwara iyo centre de santé, kubw’umuvyeyi hoho, ni nko gushinga icumu mu gikomere. Tumusanze aho asanzwe aba kuri 15ème avenue muri quartier Bubanza zone Kinama, n’umujinya mwinshi uvanze n’akabonge yabajije ati « uwo inakuru yava hehe ko ata n’umwe yari agifise ? »
Tukiri ngaho, umwigisha amaze kubesha ibintu bibiri. Icambere umwana yacikanye atarashika kwa muganga. kandi ntawa telefonye kuko uwo bita inakuru wa Chadia ntabaho. « Mbega hoho uyo inakuru niyaba ahari yari kubimenya abikuye he ko twaje kumenya iyo nkuru mbi saa kumi umwana yapfuye saa tanu ? » Muti none ico twokwita « isanganya », nubwo bigoye gusigura ukuntu umwigisha ashobora gukubita umwana gushika ahapfa, coba cashitse gute ?
Uko vyagenze
Uwo mwigisha yakorana n’uwaguweko n’ako kabi kabishe aratwiganira uko vyagenze. « Vyabaye lundi 29/10, mu ma saa tanu inyuma gato yaho Lodie Nitereka umwigisha wo muri 5ème fondamental kuri Ecofo Carama yarahejeje guhana abana batakoze d.à.d. Chadia Nishimwe yari umwe muri abo. Lodie yabaye ahejeje kubacishako akanywafu nywafu abana baca basubira mu bibanza kwicara umwigisha nawe acabandanya kwigisha. Niho haheze akanya ngo yumvise abanyeshure bamuhamagara ko Chadia ariko arajugumira. Agiye kuraba asanga yafashwe n’ntandara. Baragerageza kumugirira secourisme biranka. La direction de l’école ibonye ko aguma aremba, niho yafashe ingingo yo kumutwara kwa muganga. Bakiri mu nzira, inakuru wiwe niho yashika kw’ishure kumuraba amaze kumenya ko arwaye. Yaciye atelefona abari bamutwaye kwa muganga ngo ntibahirahire bamutere urushinge rwo kwa muganga.N’uko rero ntibabaye bakimukorako, baje kumuvura basanga akaba kamaze kuba« .
N’ubwo umuvyeyi adahakana uko bimwe bimwe vyoba vyaragenze, arabeshuza ibintu bibiri: primo, umwana nta ntandara yari agwaye. Na rya jwi ry’akababaro avuga ati « Nitwaba twebwe twobesha, nibabaze abigisha bamwigishije mu myaka y’imbere bumve ko hari uwoba yarabonye zimufata na rimwe». Secundo, selon toujours le papa de la fillette, cette dernière ntiyakubiswe akanywafu nywafu gusa: « Nibareke kubesha umwana yarakubiswe arababazwa. Ntawomenya inkoni yakubiswe uko zingana ariko traces zibiri zozo ziraboneka, imwe kw’izosi iyindi mu mafyigo. Ushima, turiko turoza ikiziga, amaraso yavuriranye yaca mu mazuru, bigaragara ko yaviriye indani ».
Gushika iyi saha abantu bane barafunzwe.
Nkuko twavyiganiwe na chef de poste de la police muri zone Kinama, igipolisi camenye ivy’urwo rupfu mu ma saa kumi. Chef de poste ati: « twaciye tunyarukira kuri iryo shure kugira amatohoza ariko twasanze uwo mwigisha Lodie Nitereka yamaze guhunga. ». Umuntu agerageje kwiyumvira insiguro y’icatumye haca amasaha ashika atanu imbere yuko police n’umuryango babimenya, yohava yiyumvira ko itoroka rya Lodie hari abarifisemwo uruhara. N’igipolisi nticashize amazinda: « Ivyo biri mu vyatumye ahanini directrice w’iryo shure na maitresse principale bafungwa ku mvo z’amatohoza ».
Muti abo bandi babiri ni bande ? Ni aba membres ba famille ya Chadia boba bagize uruhara mu kajagari kabereye kuri iryo shure mu gatondo ka mardi le 29/10 aho bari batondanye n’ikiziga. « Iyo tutabatesha hoho bari bateguye ku défila n’ikiziga muri quartier. » Uwo ni chef de poste abandanya atuyagira. Abo bafunzwe umwe n’umu chauffeur w’imodoka yazanye ikiziga kw’ishure, uwundi n’uwateye amabuye igihe bari bugarije iryo shure. Tubajije umwe mu bari muri ako kajagari icatumye bugariza ishure, yatwishuye ati: « Twe tumaze kwumva ko ishure ryabandanije ibikorwa ukuri kwamye, twatwawe n’agashavu. Ni gute ishure ryobura umwana ntiryifatanye n’umuryango wabuze ? Tureke uwo yapfiriye kw’ishure, n’uwapfiriye muhira, tumenyereye ko ahandi batanga congé abana bahora bigana n’abigisha bakamusezera ».




